Publicidade

Neemias 7

1 Uruzitiro rumaze gusanurwa nkamara no gutera inzugi, haciye hashirwaho abarinzi b’amarembo n’abaririmvyi n’Abalewi. 2 Nshiraho Hanani, uwo tuvukana ngo atware i Yerusalemu, ari kumwe na Hananiya umukuru w’ingabo zo mu gisagara c’i Yerusalemu, kuko yari umuntu w’intungane kandi yubaha Imana kurusha abandi benshi. 3 Ndababwira nti: "Amarembo y’i Yerusalemu ntaze yugururwe kugeza ku musase. Abarinzi b’amarembo bakiri ku gikorwa cabo, muze mwugare inzugi mushireko n’ibihindizo bigumya inzugi zugaye. Kandi muze mushinge ababa i Yerusalemu ngo babe abarinzi, bamwe ku birindiro vyabo abandi imbere y’amazu yabo."

Urutonde rw’abagarutse bavuye mu kinyago

4 Muri ico gihe igisagara cari caragutse ari kinini, ariko hari abantu bake bakibamwo, kandi n’amazu ntiyari bwasanurwe. 5 Nuko Imana yanje ishira ku mutima wanje kwegeraniriza hamwe abanyacubahiro, abakuru n’abantu bose kugira ngo biyandikishe uko imiryango yabo iri. Maze ntora igitabu canditswemwo abari baragarutse ubwa mbere. Ibi ni vyo nasanze vyanditswemwo:

6 Uru ni rwo rutonde rw’abantu bo muri iyo ntara baduze bavuye mu kinyago abo Nebukadineza umwami w’i Babiloni yari yarajanye nk’inyagano i Babiloni. Abo ni bo bagarutse i Yerusalemu n’i Buyuda, umwe wese aja mu gisagara c’iwabo. 7 Bari baherekejwe na Zerubabeli, Yesuwa, Nehemiya, Azariya, Rayamiya, Nahamani, Moridekayi, Bilushani, Misipereti, Bigivayi, Nehumu na Bayana.

Urutonde rw’abagabo bo mu Bisirayeli ni uru:

8 Abakomoka kuri Paroshi ni ibihumbi bibiri n’ijana na mirongo indwi na babiri.

9 Abakomoka kuri Shefatiya ni amajana atatu na mirongo indwi na babiri.

10 Abakomoka kuri Ara ni amajana atandatu na mirongo itanu na babiri.

11 Abakomoka kuri Pahati-Mowabu, biciye kuri Yesuwa na Yowabu ni ibihumbi bibiri n’amajana umunani na cumi n’umunani.

12 Abakomoka kuri Elamu ni igihumbi n’amajana abiri na mirongo itanu na bane.

13 Abakomoka kuri Zatu ni amajana umunani na mirongo ine na batanu.

14 Abakomoka kuri Zakayi ni amajana indwi na mirongo itandatu.

15 Abakomoka kuri Binuwi ni amajana atandatu na mirongo ine n’umunani.

16 Abakomoka kuri Bebayi ni amajana atandatu na mirongo ibiri n’umunani.

17 Abakomoka kuri Azigadi ni ibihumbi bibiri n’amajana atatu na mirongo ibiri na babiri.

18 Abakomoka kuri Adonikamu ni amajana atandatu na mirongo itandatu n’indwi.

19 Abakomoka kuri Bigivayi ni ibihumbi bibiri na mirongo itandatu n’indwi.

20 Abakomoka kuri Adini ni amajana atandatu na mirongo itanu na batanu.

21 Abakomoka kuri Ateri, biciye kuri Hezekiya ni mirongo icenda n’umunani.

22 Abakomoka kuri Hashumi ni amajana atatu na mirongo ibiri n’umunani.

23 Abakomoka kuri Bezayi ni amajana atatu na mirongo ibiri na bane.

24 Abakomoka kuri Harifu ni ijana na cumi na babiri.

25 Abakomoka kuri Gibeyoni ni mirongo icenda na batanu.

26 Abantu b’i Betelehemu n’i Netofa ni ijana na mirongo umunani n’umunani.

27 Ab’i Anatoti ni ijana na mirongo ibiri n’umunani.

28 Ab’i Beti-Azimaveti ni mirongo ine na babiri.

29 Ab’i Kiriyati-Yeyarimu, Kefira na Beroti ni amajana indwi na mirongo ine na batatu.

30 Ab’i Rama n’i Geba ni amajana atandatu na mirongo ibiri n’umwe.

31 Ab’i Mikimashi ni ijana na mirongo ibiri na babiri.

32 Ab’i Beteli n’i Hayi ni ijana na mirongo ibiri na batatu.

33 Ab’i Nebo handi ni mirongo itanu na babiri.

34 Ab’i Elamu handi ni igihumbi n’amajana abiri na mirongo itanu na bane.

35 Abakomoka kuri Harimu ni amajana atatu na mirongo ibiri.

36 Ab’i Yeriko ni amajana atatu na mirongo ine na batanu.

37 Ab’i Lodi, Hadidi n’i Ono ni amajana indwi na mirongo ibiri n’umwe.

38 Abakomoka kuri Senaya ni ibihumbi bitatu n’amajana icenda na mirongo itatu.

39 Abaherezi:

Abakomoka kuri Yedaya, biciye mu muryango wa Yesuwa, ni amajana icenda na mirongo indwi na batatu.

40 Abakomoka kuri Imeri ni igihumbi na mirongo itanu na babiri.

41 Abakomoka kuri Pashuri ni igihumbi n’amajana abiri na mirongo ine n’indwi.

42 Abakomoka kuri Harimu ni igihumbi na cumi n’indwi.

43 Abalewi:

Abakomoka kuri Yesuwa, biciye kuri Kadimiyeli mu ruvyaro rwa Hodaviya, ni mirongo indwi na bane.

44 Abacuraranzi:

Abakomoka kuri Asafu ni ijana na mirongo ine n’umunani.

45 Abarinzi b’irembo ry’urusengero:

Abakomoka kuri Shalumu, Ateri, Talumoni, Akubu, Hatita na Shobayi ni ijana na mirongo itatu n’umunani.

46 Abakozi bo mu Ngoro:

Abakomoka kuri Ziha, Hasufa, Tabawoti,

47 Kerosi, Siya, Padoni,

48 Lebana, Hagaba, Shalumayi,

49 Hanani, Gideli, Gahari,

50 Reyaya, Rezini, Nekoda,

51 Gazamu, Uza, Paseya,

52 Besayi, Meyunimu, Nefusimu,

53 Bakibuki, Hakufa, Harihuri,

54 Baziluti, Mehida, Harisha,

55 Barikosi, Sisera, Tema,

56 Neziya na Hatifa.

57 Abakomoka ku bakozi ba Salomo:

Abakomoka kuri

Sotayi, Sofereti, Perida,

58 Yayala, Darukoni, Gideli,

59 Shefatiya, Hatili,

Pokereti-Hazebayimu na Amoni.

60 Abakozi bo mu Ngoro n’abakomoka ku bakozi ba Salomo bose hamwe ni amajana atatu na mirongo icenda na babiri.

61 Aba bakurikira baduze bavuye mu bisagara vya Teli-Melahi, Teli-Harusha, Kerubi, Adoni na Imeri, ariko ntibashoboye kwerekana ko imiryango yabo ikomoka ku Bisirayeli:

62 Abakomoka kuri

Delaya, Tobiya na Nekoda ni amajana atandatu na mirongo ine na babiri.

63 Mu baherezi:

Abakomoka kuri Habaya, Hakozi na Baruzilayi, umugabo yari yarongoye umukobwa wa Baruzilayi Umunyagileyadi agaca yitirirwa iryo zina nyene.

64 Abo ni bo barondeye intonde za ba sekuruza b’imiryango yabo, ariko ntibashobora kuzironka, maze baca bakurwa mu gikorwa c’ubuherezi nk’abahumanye. 65 Umukuru w’intara, aca abategeka kutarya ivyejejwe gushika haje umuherezi agasiguza Uhoraho akoresheje Urimu na Tumimu.

66 Igitigiri c’abantu bose cari ibihumbi mirongo ine na bibiri n’amajana atatu na mirongo itandatu, 67 ukuyemwo ibihumbi indwi n’amajana atatu na mirongo itatu n’indwi vy’abagurano n’abaguranokazi; kandi bari bafise abagabo n’abagore b’abaririmvyi amajana abiri na mirongo ine na batanu. 68 Bari bafise amafarasi amajana indwi na mirongo itatu n’atandatu, indogoba amajana abiri na mirongo ine na zitanu, 69 ingamiya amajana ane na mirongo itatu na zitanu n’indogoba ibihumbi bitandatu n’amajana indwi na mirongo ibiri.

70 Bamwe mu bakuru b’imiryango barafashije muri ico gikorwa. Umukuru w’intara atanga mu bubiko ingero dariki igihumbi z’inzahabu, ibikombe mirongo itanu n’impuzu amajana atanu na mirongo itatu z’abaherezi. 71 Bamwe bo mu bakuru b’imiryango batanga mu bubiko bw’ico gikorwa ingero dariki ibihumbi mirongo ibiri z’inzahabu n’ingero mina ibihumbi bibiri n’amajana abiri z’ifeza. 72 Ivyatanzwe n’abantu basigaye vyose hamwe zari ingero dariki ibihumbi mirongo ibiri z’inzahabu, ingero mina ibihumbi bibiri z’ifeza n’impuzu mirongo itandatu n’indwi z’abaherezi.

73 Abaherezi, Abalewi, abarinzi b’irembo, abaririmvyi n’abakozi bo mu Ngoro, bari kumwe n’abandi bantu hamwe n’Abisirayeli bose baja kuba mu bisagara vyabo.

Ezira asoma ivyagezwe

Kandi ukwezi kw’indwi kwashitse Abisirayeli bamaze kuja mu bisagara vyabo.

Veja também

Publicidade
Neemias
Ver todos os capítulos de Neemias
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-