Publicidade

Neemias 2

Aritazeruzi arungika Nehemiya i Yerusalemu

1 Mu kwezi kwa Nisani mu mwaka ugira mirongo ibiri umwami Ahasuwerusi ari ku ngoma, igihe umuvinyu wari imbere yiwe, ndawakira ndawumuhereza. Sinari bwigere mboneka mbabaye ndi imbere yiwe; 2 ni ho umwami yambaza ati: "Ni kubera iki mu maso hawe hijirirwe kandi utagwaye? Ivyo ntibiva ku kindi atari umubabaro wo mu mutima."

Ngira ubwoba bwinshi cane, 3 ariko nishura umwami nti: "Uragahora ku ngoma mwami! Mbega noreka kugira umubabaro gute kandi igisagara ba sogokuruza bahambwemwo gisigaye ari umusaka, kandi n’amarembo yaho akaba yaratongowe n’umuriro?"

4 Umwami arambaza ati: "None wipfuza iki?"

Nuko nca nsenga Imana yo mw’ijuru, 5 maze nishura umwami nti: "Nivyaba biguhimbaye mwami kandi nkaba ngiriwe ubuntu mu nyonga zawe, undungike mu gisagara c’i Buyuda aho ba sogokuruza bahambwe kugira ngo nshobore kugisanura."

6 Maze umwami, aho yari yicaranye n’umwamikazi, arambaza ati: "Mbega urugendo rwawe ruzomara imisi ingahe, uzogaruka ryari?" Maze bihimbara umwami kundeka ngo ngende; nanje ndamubwira imisi nzomara.

7 Ndongera ndamubwira nti: "Nivyaba biguhimbaye, mwami, umpe amakete nzoha abakuru b’intara bo mu burengero bw’uruzi Efurate, kugira ngo bandeke ndengane gushika i Buyuda. 8 Kandi umpe n’ikete rya Asafu, uwujejwe amashamba y’umwami, kugira ngo aze ampe imbaho zo kumanika maze kwubaka amarembo y’umugwa, i ruhande y’Ingoro, kwubaka uruzitiro rw’igisagara hamwe n’inzu nzobamwo." Kandi kubera ikiganza ciza c’Imana yanje cari kuri jewe, umwami ampa ivyo ndamusavye. 9 Nuko ngenda ku bakuru b’intara zo mu burengero bw’uruzi Efurate ndabaha ayo makete y’umwami. Kandi umwami yari yarungitse abakuru b’ingabo n’abagendera ku mafarasi ngo bamperekeze.

10 Sanibalati Umuhoroni na Tobiya umukuru w’Umwamoni bumvise ivyo, birabababaza cane kuko haje umuntu aje kugirira neza Abisirayeli.

Nehemiya agendura uruzitiro rw’i Yerusalemu

11 Nuko nja i Yerusalemu, ndahamara imisi itatu. 12 Maze ndasohoka mw’ijoro turi kumwe n’abantu bakeya. Sinari nabwiye umuntu n’umwe ico Imana yari yashize ku mutima wanje co gukorera i Yerusalemu. Nta bindi bitungwa vyo kugenderako vyari bihari kiretse indogoba nagenderako.

13 Muri iryo joro ndasohoka nca mw’Irembo ryo mu Kiyaya nerekeye kw’iriba ry’imbwebwe no kw’Irembo ry’Umwavu, nihweza inzitiro z’i Yerusalemu, ingene zasenyutse, n’amarembo yaho ingene yahiye. 14 Nuko ndabandanya nerekeye kw’Irembo ry’Iriba riri hafi y’ikidengeri c’umwami, ariko indogoba nagenderako ntiyashobora kuronka aho ica hakwiye ngo irengane. 15 Maze nca ndugana ikiyaya mw’ijoro, nihweza uruzitiro. Kw’iherezo, nca ndahindukira ninjirira mw’Irembo ryo mu Kiyaya. 16 Abakuru ntibamenye iyo nagiye canke ico nariko ndakora, kuko ntari bwabwire ikintu na kimwe Abayuda canke abaherezi canke abubahwa canke abakuru canke abandi bantu bari gukora ico gikorwa.

17 Nuko ndababwira nti: "Murabona aya magorwa turimwo: Yerusalemu ni umusaka, kandi amarembo yaho yarahiye. Nimuze, twubake uruzitiro rw’i Yerusalemu, kugira ngo twikureko igitutsi." 18 Nongera ndababwira ingene ikiganza ciza c’Imana yanje cabanye nanje n’ivyo umwami yambwiye.

Bishurira rimwe bati: "Reka dutangure kwongera kwubaka." Nuko batangura gukora ico gikorwa ciza.

19 Ariko Sanibalati Umuhoroni, Tobiya umukuru w’Umwamoni na Geshemu Umwarabu bavyumvise, baraducokora baradukengera. Barabaza bati: "Ivyo muriko murakora ni ibiki? Muriko muragarariza umwami?"

20 Ndabishura ndababwira nti: "Imana yo mw’ijuru ni yo izotuma tubishobora. Twebwe abasavyi bayo tugira dutangure gusanura, ariko mwebwe, nta mugabane mufise, canke uburenganzira na bumwe canke iragi i Yerusalemu."

Veja também

Publicidade
Neemias
Ver todos os capítulos de Neemias
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-