1 Ivyo vyose bimaze gukorwa, abarongozi baza aho ndi baravuga bati: "Abisirayeli, harimwo n’abaherezi n’Abalewi, ntibitandukanije n’abanyamahanga babana mu gihugu hamwe n’imigenzo yabo mibi birenze urugero, nk’iy’Abanyakanani, Abaheti, Abaperizi, Abayebusi, Abamoni, Abanyamowabu, Abanyegiputa n’Abamori. 2 Abagabo b’Abisirayeli babatoyemwo abakobwa babagira abagore babo kandi babakwera n’abahungu babo na bo. Ivyo vyatumye haba ikivange c’ubwoko bwera n’ayo mahanga. Kandi abarongozi n’abacamanza ni bo babaye aba mbere gukora ico kizira."
3 Numvise ivyo, nitabagurirako umwambaro wanje n’ikoti, nishikura umushatsi n’ubwanwa, hanyuma nicara hasi mbabaye cane. 4 Abantu bose bajugumizwa n’amajambo y’Imana y’Abisirayeli baza aho ndi barankikuza kubera ico kibi abagarutse bava mu kinyago bakoze. Maze nguma ngaho nicurikiriye kugeza igihe co gutanga ikimazi co ku mugoroba.
5 Nuko hageze gutanga ikimazi co ku mugoroba, mpaguruka aho nari nicurikiririye, umwambaro wanje n’umutamana wanje vyatabutse, nca mpfukama hasi nduza amaboko Uhoraho Imana yanje 6 ndaheza ndasenga nti:
"Ewe Mana yanje, maramajwe cane kandi nteterejwe no kukurangamiza, kuko ivyaha vyacu ari vyinshi kugeza n’aho bidusumba kandi igicumuro cacu cashitse mw’ijuru. 7 Kuva mu misi ya ba sogokuruza gushika n’ubu, ukugabitanya kwacu kwamye ari kwinshi. Kubera ivyaha vyacu, twebwe n’abami bacu n’abaherezi bacu bagerewe inkota no kuba inyagano, kunyagwa ivyacu no gucurangurizwa mu maboko y’abami b’amahanga, nk’uko bimeze uwu musi.
8 Ariko noneho, Uhoraho Imana yacu, muri kano kanya gato, ahejeje kutugirira ubuntu mu kudusigariza amasigarira no kuduha ikibanza gikomeye mu ngoro yiwe yera, ku bw’ivyo Imana yacu ikaba itumurikiye kandi iduhaye agahengwe mu buja bwacu. 9 Naho turi abagurano, Imana yacu ntiyaduhebeye mu buja bwacu. Yatweretse ukugira neza kwayo imbere y’abami b’i Buperesi: Yadusubije ubuzima bushasha ngo dusubire kwubaka Ingoro y’Imana yacu no gusanura aho yasambutse, kandi yaduhaye uruzitiro rwo kudukingira i Buyuda n’i Yerusalemu.
10 Ariko ubu, ewe Mana yacu, twovuga iki inyuma y’ivyo? Ko twakengereye amabwirizwa yawe 11 watanze ucishije mu bavugishwa bawe aho wavuga uti: Igihugu mugiye kwinjiramwo ngo mucegukire ni igihugu candujwe n’abantu bakibamwo. Bacujuje ibihumanya vyabo kuva ku mpera gushika ku yindi ku bw’ibikorwa vyabo bibi. 12 Nuko rero, ntimuze mukoshe abakobwa banyu ku bahungu babo canke ngo musabire abahungu banyu abakobwa babo. Ntimuze mwigere mugiranira amasezerano y’ubugenzi na bo, kugira ngo mube abanyenkomezi kandi murye ivyiza vyo mu gihugu muze mukirage abana banyu nk’umugabane w’ibihe bidashira.
13 Ivyadushitseko ni ingaruka y’ibikorwa vyacu bibi n’ukugabitanya kwacu gukomeye, ariko n’ubwo biri uko, Mana yacu waduhanye buhoro ugereranije n’ivyo twakoze kandi waduhaye amasigarira nk’aya. 14 None twosubira kugarariza amabwirizwa yawe tugahana abageni na ya mahanga yakora ibibi vy’akaburarugero? Mbega ntivyotuma uraka bigatuma uturandura, ntudusigire amasigarira canke n’uwocika kw’icumu? 15 Ewe Uhoraho, Mana y’Abisirayeli, uragororotse! Uyu musi twasigaye nk’amasigarira. Turi hano imbere yawe dutsinzwe n’ivyo twakoze, naho ata woshobora guhagarara imbere y’inyonga zawe ku bw’ivyaha vyiwe."