Publicidade

Esdras 2

Urutonde rw’abatashe bavuye mu kinyago

1 Uru ni rwo rutonde rw’abantu bo muri iyo ntara baduze bavuye mu kinyago, abo Nebukadineza umwami w’i Babiloni yari yarajanye nk’inyagano i Babiloni. Abo ni bo bagarutse i Yerusalemu n’i Buyuda, umwe wese aca aja mu gisagara c’iwabo. 2 Bari baherekejwe na Zerubabeli, Yesuwa, Nehemiya, Seraya, Reyelayiya, Moridekayi, Bilushani, Misipari, Bigivayi, Rehumu na Bayana.

Urutonde rw’abagabo bo mu Bisirayeli ni uru:

3 Abakomoka kuri Paroshi ni ibihumbi bibiri n’ijana na mirongo indwi na babiri.

4 Abakomoka kuri Shefatiya, ni amajana atatu na mirongo indwi na babiri.

5 Abakomoka kuri Ara ni amajana indwi na mirongo indwi na batanu.

6 Abakomoka kuri Pahati-Mowabu (biciye kuri Yesuwa na Yowabu) ni ibihumbi bibiri n’amajana umunani na cumi na babiri.

7 Abakomoka kuri Elamu ni igihumbi n’amajana abiri na mirongo itanu na bane.

8 Abakomoka kuri Zatu ni amajana icenda na mirongo ine na batanu.

9 Abakomoka kuri Zakayi ni amajana indwi na mirongo itandatu.

10 Abakomoka kuri Bani ni amajana atandatu na mirongo ine na babiri.

11 Abakomoka kuri Bebayi ni amajana atandatu na mirongo ibiri na batatu.

12 Abakomoka kuri Azigadi ni igihumbi n’amajana abiri na mirongo ibiri na babiri.

13 Abakomoka kuri Adonikamu ni amajana atandatu na mirongo itandatu na batandatu.

14 Abakomoka kuri Bigivayi ni ibihumbi bibiri na mirongo itanu na batandatu.

15 Abakomoka kuri Adini ni amajana ane na mirongo itanu na bane.

16 Abakomoka kuri Ateri, biciye kuri Hezekiya ni mirongo icenda n’umunani.

17 Abakomoka kuri Bezayi ni amajana atatu na mirongo ibiri na batatu.

18 Abakomoka kuri Yorahi ni ijana na cumi na babiri.

19 Abakomoka kuri Hashumi ni amajana abiri na mirongo ibiri na batatu.

20 Abakomoka kuri Gibari ni mirongo icenda na batanu.

21 Abantu b’i Betelehemu ni ijana na mirongo ibiri na batatu.

22 Abantu b’i Netofa ni mirongo itanu na batandatu.

23 Ab’i Anatoti ni ijana na mirongo ibiri n’umunani.

24 Ab’i Azimaveti ni mirongo ine na babiri.

25 Ab’i Kiriyati-Yeyarimu, Kefira na Beroti ni amajana indwi na mirongo ine na batatu.

26 Ab’i Rama n’i Geba ni amajana atandatu na mirongo ibiri n’umwe.

27 Ab’i Mikimashi ni ijana na mirongo ibiri na babiri.

28 Ab’i Beteli n’i Hayi ni amajana abiri na mirongo ibiri na batatu.

29 Ab’i Nebo ni mirongo itanu na babiri.

30 Ab’i Magibishi ni ijana na mirongo itanu na batandatu.

31 Ab’i Elamu handi ni igihumbi n’amajana abiri na mirongo itanu na bane.

32 Abakomoka kuri Harimu ni amajana atatu na mirongo ibiri.

33 Abakomoka kuri Lodi, Hadidi na Ono ni amajana indwi na mirongo ibiri na batanu.

34 Ab’i Yeriko ni amajana atatu na mirongo ine na batanu.

35 Abakomoka kuri Senaya ni ibihumbi bitatu n’amajana atandatu na mirongo itatu.

36 Abaherezi:

Abakomoka kuri Yedaya biciye mu muryango wa Yesuwa ni amajana icenda na mirongo indwi na batatu.

37 Abakomoka kuri Imeri ni igihumbi na mirongo itanu na babiri.

38 Abakomoka kuri Pashuri ni igihumbi n’amajana abiri na mirongo ine n’indwi.

39 Abakomoka kuri Harimu ni igihumbi na cumi n’indwi.

40 Abalewi:

abakomoka kuri Yesuwa biciye kuri Kadimiyeli mu ruvyaro rwa Hodaviya ni mirongo indwi na bane.

41 Abacuraranzi:

abakomoka kuri Asafu ni ijana na mirongo ibiri n’umunani.

42 Abarinzi b’irembo ry’urusengero:

abakomoka kuri Shalumu, Ateri, Talumoni,

Akubu, Hatita na Shobayi ni ijana na mirongo itatu n’icenda.

43 Abakozi bo mu Ngoro:

abakomoka kuri Ziha, Hasufa, Tabawoti,

44 Kerosi, Siyaha, Padoni,

45 Lebana, Hagaba, Akubu,

46 Hagabu, Shamulayi, Hanani,

47 Gideli, Gahari, Reyaya,

48 Rezini, Nekoda, Gazamu,

49 Uza, Paseya, Besayi,

50 Asina, Meyunimu, Nefusimu,

51 Bakibuki, Hakufa, Harihuri,

52 Baziluti, Mehida, Harisha,

53 Barikosi, Sisera, Tema,

54 Neziya na Hatifa.

55 Abakomoka ku bakozi ba Salomo:

abakomoka kuri

Sotayi, Hasofereti, Peruda,

56 Yayala, Darukoni, Gideli,

57 Shefatiya, Hatili,

Pokereti-Hazebayimu na Ami.

58 Abakozi bo mu Ngoro n’abakomoka ku bakozi ba Salomo bose hamwe ni amajana atatu na mirongo icenda na babiri.

59 Aba bakurikira baduze bavuye mu bisagara vya Teli-Melahi, Teli-Harusha, Kerubi, Adoni na Imeri, ariko ntibashoboye kwerekana ko imiryango yabo ikomoka ku Bisirayeli.

60 Abakomoka kuri Delaya, Tobiya na Nekoda ni amajana atandatu na mirongo itanu na babiri.

61 Mu baherezi:

abakomoka kuri

Habaya, Hakozi na Baruzilayi (umugabo yari yarongoye umukobwa wa Baruzilayi Umunyagileyadi agaca yitirirwa iryo zina nyene).

62 Abo ni bo barondeye intonde za ba sekuruza b’imiryango yabo, ariko ntibashobora kuzironka, maze baca bakurwa mu gikorwa c’ubuherezi nk’abahumanye. 63 Umukuru w’intara, aca abategeka kutarya ivyejejwe gushika haje umuherezi agasiguza Uhoraho akoresheje Urimu na Tumimu.

64 Igitigiri c’abantu bose cari ibihumbi mirongo ine na bibiri n’amajana atatu na mirongo itandatu, 65 ukuyemwo ibihumbi indwi n’amajana atatu na mirongo itatu n’indwi vy’abagurano n’abaguranokazi; kandi bari bafise abagabo n’abagore b’abaririmvyi amajana abiri. 66 Bari bafise amafarasi amajana indwi na mirongo itatu n’atandatu, inyumbu amajana abiri na mirongo ine na zitanu, 67 ingamiya amajana ane na mirongo itatu na zitanu n’indogoba ibihumbi bitandatu n’amajana indwi na mirongo ibiri.

68 Bamaze gushika ku Ngoro y’Uhoraho i Yerusalemu, bamwe bo mu bakuru b’imiryango batanga amashikanwa bavyishakiye kugira ngo aze yubake Ingoro y’Imana aho yahora. 69 Bakurikije uburyo bafise, batanze mu bubiko bw’iki gikorwa ingero dariki ibihumbi mirongo itandatu n’imwe z’inzahabu, ingero mina ibihumbi bitanu z’ifeza, n’impuzu z’abaherezi ijana.

70 Abaherezi, Abalewi, abarinzi b’irembo, abaririmvyi n’abakozi bo mu Ngoro, bari kumwe n’abandi bantu hamwe n’Abisirayeli bose baja kuba mu bisagara vyabo.

Veja também

Publicidade
Esdras
Ver todos os capítulos de Esdras
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-