1 Umwami Dariyusi araheza atanga itegeko, avuga ko barondera mu bitabu bivuga ivyabaye, vyari mu bubiko bw’i Babiloni. 2 Hatorwa umuzingo mu munara wa Ekubatana mu ntara ya Medi, uwo na wo ukaba wari wanditswemwo ngo:
Icibutso:
3 Mu mwaka wa mbere umwami Kuro ari ku ngoma yasohoye itegeko ryerekeye Ingoro y’Imana i Yerusalemu rivuga ngo:
"Ingoro nisubire kwubakwa ahantu Abayuda bahora batangira ibimazi, kandi amatanguriro yayo niyubakwe. Izoba ifise ingero z’igice c’ukuboko mirongo itandatu z’uburebure n’ingero z’igice c’ukuboko mirongo itandatu z’ubwaguke, 4 yubakishijwe n’imirongo ibiri y’amabuye maninimanini n’umurongo umwe w’imbaho. Amahera yose akenewe azova mu butunzi bw’i bwami. 5 Kandi, ibikoresho vy’inzahabu n’ivy’ifeza vyo mu Ngoro y’Imana, ivyo Nebukadineza yanyaze abikuye mu ngoro i Yerusalemu akabitwara i Babiloni, bize bisubizwe mu bibanza vyavyo mu Ngoro i Yerusalemu, bishirwe mu Nzu y’Imana."
6 Maze umwami Dariyusi aca arungika ubu butumwa: Nuko rero, Tatenayi, umukuru w’intara yo mu burengero bw’uruzi Efurate, na Shetari Bozenayi na we nyene, hamwe n’abandi bakuru batwara iyo ntara, mwigire kure y’aho hantu. 7 Ntimuhungabanye iyubakwa ry’iyo Ngoro y’Imana. Nimureke umukuru w’Abayuda n’abatware babo basubire bayubake mu kibanza yahozemwo.
8 Vyongeye, ntanze itegeko ryerekeye ivyo muzokorera abo bakuru b’Abayuda bijanye no kwubaka Ingoro y’Imana:
Amahera yose bazokoresha aze arihwe avuye mu butunzi bw’i bwami, buva mu matagisi atozwa mu burengero bw’uruzi Efurate, kugira ngo ico gikorwa ntigihagarare. 9 Ibikenewe vyose: amashuri, impfizi z’intama hamwe n’imyagazi y’intama bitangwa nk’ibimazi vyo guturirwa bishikanirwa Imana yo mw’ijuru, ingano, umunyu, umuvinyu n’amavuta, nk’uko bisabwa n’abaherezi i Yerusalemu, baze babihabwe imisi yose ata na kimwe kibuze, 10 kugira ngo bashobore gushikanira ibimazi bihimbara Imana yo mw’ijuru bongera basengera umwami n’abahungu biwe kugira ngo bamererwe neza.
11 Ikindi, ntegetse ko nihagira umuntu n’umwe arenga kuri iri tegeko, bazoce bakura inkingi mu nzu yiwe bayimumanikeko kandi inzu yiwe ize ihindurwe umusaka. 12 Imana, yo yagenye ko izina ryayo riba aho hantu, ize ikure ku ngoma umwami wese canke ihanga ryose rizoramvurira ukuboko guhindura iri tegeko canke gusambura iyi Ngoro y’i Yerusalemu.
Jewe Dariyusi nshinze iki cagezwe. Nigishirwe mu ngiro uku nyene gishinzwe ata guca i ruhande.
13 Hanyuma, kubera ico cagezwe c’umwami Dariyusi, Tatenayi, umukuru w’intara yo mu burengero bw’uruzi Efurate na Shetari Bozenayi n’abo bari bafatanije bagishira mu ngiro ata co bahinduye. 14 Nuko Abarongozi b’Abayuda babandanya kwubaka kandi bagenda batera imbere barongowe n’ubutumwa bw’uwavugishwa n’Imana Hagayi na Zakariya, wo mu ruvyaro rwa Ido. Barangiza kwubaka iyo Ngoro nk’uko Imana y’Abisirayeli yategetse kandi nk’uko Kuro, Dariyusi na Aritazeruzi, abami b’i Buperesi, bari babitegetse. 15 Ingoro y’Imana yahejeje kwubakwa ku musi ugira gatatu w’ukwezi kwa Adari, mu mwaka ugira gatandatu umwami Dariyusi ari ku ngoma.
16 Nuko Abisirayeli, abaherezi, Abalewi n’abandi bose bari baravuye mu kinyago, bahimbaza umusi mukuru wo gushikiriza Imana Ingoro yayo banezerewe. 17 Mu gushikiriza iyo Ngoro y’Imana batanga amashuri y’inka ijana, impfizi z’intama amajana abiri, imyagazi y’intama amajana ane, hamwe n’ikimazi gitangirwa ivyaha vy’Abisirayeli bose kigizwe n’amasuguru y’impene icumi n’abiri, imw’imwe ku muryango wose w’Abisirayeli. 18 Baca bashiraho abaherezi mu mice yabo n’Abalewi mu migwi yabo ngo bakore igikorwa c’Imana i Yerusalemu, nk’uko vyari vyanditswe mu gitabu ca Mose.
19 Ku musi ugira icumi na kane w’ukwezi kwa mbere, Abavuye mu kinyago bahimbaza Pasika. 20 Abaherezi n’Abalewi bari bihumanuye bejejwe neza. Abalewi bakererera umwagazi w’intama wa Pasika abavuye mu kinyago bose, benewabo b’abaherezi hamwe na bo nyene ubwabo. 21 Nuko Abisirayeli bari bagarutse bavuye mu kinyago barawurya, hamwe n’abo bose bari bitandukanije n’ibikorwa bihumanya vyakorwa n’abanyamahanga babana na bo kugira ngo barondere mu nyonga z’Uhoraho, Imana y’Abisirayeli. 22 Bamara imisi indwi bahimbaza umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro kandi banezerewe kuko Uhoraho yari yabujuje umunezero mu guhindura ivyiyumviro vy’umwami w’i Ashuri, kugira ngo abafashe mu gikorwa co kwubaka Ingoro y’Imana, Imana y’Abisirayeli.