1 Aba ni bo bakuru b’imiryango hamwe n’abo bandikanywe, twaduganye tuvuye i Babiloni ku ngoma y’umwami Ahasuwerusi.
2 Mu bakomoka kuri Finehasi ni
Gerishomu.
Mu bakomoka kuri Itamari ni
Daniyeli.
Mu bakomoka kuri Dawidi ni
Hatushi 3 yakomotse kuri Shekaniya;
mu bakomoka kuri Paroshi ni
Zakariya n’abagabo ijana na mirongo itanu bari banditswe hamwe na we.
4 Mu bakomoka kuri Pahati-Mowabu ni
Eliyehowenayi mwene Zerahiya, yari kumwe n’abagabo amajana abiri.
5 Mu bakomoka kuri Zatu ni
Shekaniya mwene Yahaziyeli, n’abagabo amajana atatu bari kumwe na we.
6 Mu bakomoka kuri Adini ni
Ebedi mwene Yonatani, n’abagabo mirongo itanu bari kumwe na we.
7 Mu bakomoka kuri Elamu ni
Yeshaya mwene Ataliya, n’abagabo mirongo indwi bari kumwe na we.
8 Mu bakomoka kuri Shefatiya ni
Zebadiya mwene Mikayeli, n’abagabo mirongo umunani bari kumwe na we.
9 Mu bakomotse kuri Yowabu ni
Obadiya mwene Yehiyeli, n’abagabo amajana abiri na cumi n’umunani bari kumwe na we.
10 Mu bakomoka kuri Bani ni
Shelomiti mwene Yosifiya, n’abagabo ijana na mirongo itandatu bari kumwe na we.
11 Mu bakomoka kuri Bebayi ni
Zakariya mwene Bebayi, n’abagabo mirongo ibiri n’umunani bari kumwe na we.
12 Mu bakomoka kuri Azigadi ni
Yohanani mwene Hakatani, n’abagabo ijana na cumi bari kumwe na we.
13 Mu bakomoka kuri Adonikamu ni
abanyuma muri uwo muryango; amazina yabo akaba yari Elifeleti, Yeweli na Shemaya, n’abagabo mirongo itandatu bari kumwe na bo.
14 Mu bakomoka kuri Bigivayi ni
Utayi na Zakuri, n’abagabo mirongo indwi bari kumwe na bo.
15 Ndabakoraniriza ku mugezi utemba uja Ahava, aho hantu tuhamara imisi itatu. Maze kuraba neza mu bantu no mu baherezi, nsanga nta Mulewi n’umwe arimwo. 16 Nuko ntoranya Eliyezeri, Ariyeli, Shemaya, Elunatani, Yaribu, Elunatani, Natani, Zakariya na Meshulamu, bari abarongozi, na Yoyaribu na Elunatani, bari abantu b’incabwenge, 17 maze ndabarungika kwa Ido, umutware w’i Kasifiya. Ndababwira ivyo baza kubwira Ido na benewabo, abakozi bo mu Ngoro bari i Kasifiya, kugira ngo baturungikire abakozi bo kudufasha igikorwa co mu Ngoro y’Imana yacu. 18 Kubera ukuboko kw’ubuntu bw’Imana yacu kwari kumwe natwe, baturungikira Sherebiya, umuntu afise ugutahura, wo mu bakomotse kuri Mahuli mwene Lewi, Lewi mwene Isirayeli, n’abahungu n’abavukanyi ba Sherebiya, abagabo icumi n’umunani; 19 na Hashabiya, hamwe na Yeshaya wo mu bakomotse kuri Merari, n’abavukanyi biwe n’abahungwabo, abagabo mirongo ibiri. 20 Bazana n’abandi amajana abiri na mirongo ibiri b’abakozi bo mu Ngoro, urwego Dawidi n’abaganwa biwe bari barashizeho ngo bafashe Abalewi. Bose barandikwa amazina.
21 Aho nyene ku nkombe z’umugezi uja muri Ahava, menyesha abantu ko bisonzesha, kugira ngo twicishe bugufi imbere y’Imana yacu duheze tuyisabe iduhe kugira urugendo rwiza twebwe n’abana bacu, n’ivyo dutunze vyose. 22 Kuko vyaranteye isoni gusaba umwami ingabo n’abagendera ku mafarasi bo kudukingira abansi bodutegera mu nzira, kandi twari twarabwiye umwami ko ukuboko kw’ubuntu bw’Imana yacu kuri kumwe n’umuntu wese amuhanze amaso, ariko ko uburake bwiwe buri ku bamutera ibitugu. 23 Nuko turisonzesha twinginga Imana yacu ku bw’ivyo, na yo yishura ugusenga kwacu.
24 Maze ntoranya abaherezi icumi na babiri bo kuturongora, bari kumwe na Sherebiya, Hashabiya n’abandi icumi bo muri benewabo, 25 ndabapimira za feza n’inzahabu zo gushikana na vya bikoresho umwami, abahanuzi biwe, abatware biwe n’Abisirayeli bose bari ngaho bari batangiye Ingoro y’Imana yacu. 26 Ndabapimira italanto amajana atandatu na mirongo itanu z’ifeza, ibikoresho bikozwe mw’ifeza bingana n’italanto ijana, n’izindi ijana z’inzahabu, 27 ibikombe mirongo ibiri vy’inzahabu vy’agaciro kangana n’ingero dariki igihumbi, n’ibikoresho bikozwe mu mwakaka usenye neza bifise agaciro nk’inzahabu.
28 Ndababwira nti: "Mwebwe n’ibi bikoresho mwejerejwe Uhoraho. Ifeza n’inzahabu ni ishikanwa ryahawe Uhoraho, Imana ya ba sogokuruza n’umutima ubikunze. 29 Mubizigame neza kugeza mubipimye mugeze mu vyumba vy’Ingoro y’Uhoraho i Yerusalemu imbere y’abakuru b’abaherezi n’Abalewi n’abakuru b’imiryango y’Abisirayeli." 30 Nuko abaherezi n’Abalewi bakira izo feza n’inzahabu n’ivyo bikoresho vyejejwe vyari vyateguriwe kujanwa mu Ngoro y’Imana yacu i Yerusalemu.
31 Ku musi ugira icumi na kabiri w’ukwezi kwa mbere tuva kuri wa mugezi uja muri Ahava tuja i Yerusalemu. Ukuboko kw’Imana yacu kwari kuri twebwe, maze iratuzigama iturinda abansi n’abambuzi mu rugendo rwose. 32 Maze dushika i Yerusalemu, tuharuhukira imisi itatu.
33 Ku musi ugira kane, mu Ngoro y’Imana yacu, dupima za feza n’inzahabu na vya bikoresho vyejejwe tubiha Meremoti mwene Uriya, umuherezi. Eliyazeri mwene Finehasi yari kumwe na we, hamwe n’Abalewi Yozabadi mwene Yesuwa na Nowadiya mwene Binuwi. 34 Vyose vyarapimwe biraharurwa, maze ibipimo vyose birandikwa muri ico gihe.
35 Maze abagarutse bavuye mu kinyago bashikanira Imana y’Abisirayeli ibimazi vyo guturirwa n’umuriro: amashuri y’inka icumi n’abiri kubw’Abisirayeli bose, impfizi z’intama mirongo icenda na zitandatu, imyagazi y’intama mirongo indwi n’indwi n’amasuguru y’impene cumi n’abiri y’ikimazi c’ivyaha. Ivyo vyose vyari ibimazi vyo guturirwa n’umuriro bishikaniwe Uhoraho. 36 Kandi bashikiriza ya mategeko y’umwami abishikira b’umwami n’abakuru b’intara bo hakurya y’uruzi Efurate, na bo baca bafasha abantu baterera n’Ingoro y’Imana.