Pular para o conteúdo
Publicidade

Compaixão

Por Bíblia Online

A compaixão é o coração de Deus em ação. Ele é compassivo e misericordioso, tardio em irar-se e grande em amor. Somos chamados a refletir essa compaixão no mundo.

Nk’uko se agirira abana ikigongwe,

ni ko Uhoraho agirira ikigongwe abamwubaha;

Ariko wewe, Uhoraho, uri Imana y’inyabuntu igira imbabazi,

iteba kuraka, yuzuye urukundo n’ubwizigirwa.

Kuko urukundo rwawe ari rwiza kurusha ubugingo,

iminwa yanje izogushima.

Ni uko kubera urukundo ruhambaye rwUhoraho tutazoherengetezwa,

kuko imbabazi ziwe zamaho ibihe vyose.

Zama ari nsha uko bukeye;

ubwizigirwa bwawe buratangaje.

Mbega umuvyeyi yokwibagira umwana yonsa,

akareka kugirira impuhwe uwo yavyaye?

Naho we yomwibagira,

jewe sinzokwibagira.

Ehe raba nakwanditse mu biganza vyanje,

kandi inzitiro zawe ndazihozako amaso.

Ariko Uhoraho aripfuza kubagirira imbabazi;

ku bw’ivyo azohaguruka kugira ngo abereke impuhwe,

kuko Uhoraho ari Imana y’ukugororoka.

Hahiriwe abamwiteze.

Ni iyihe Mana imeze nkawe,

iharira icaha, ikababarira ibigabitanyo

vy’amasigarira y’ishamvu yiwe?

Ntiwama uratse ibihe vyose

ahubwo uhimbarwa no kugira imbabazi.

Nzoha inkomezi Yuda

kandi nzotabara imiryango ya Yosefu.

Nzobagarukana

kuko ndabagirira impuhwe.

Nzomera nk’aho

ntigeze ndabaheba,

kuko ndi Uhoraho Imana yabo

kandi nzobishura amasengesho yabo.

"Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: Nimuce imanza zibereye; mugire imbabazi mubabarane. Ntimucinyize umupfakazi n’impfuvyi, inyambukira canke umukene. Ntimugire inama yo kugirira abandi nabi.

Nuko rero nk’abatoranijwe n’Imana, bera kandi bakundwa cane, mwambare umutima w’ikigongwe, ubugwaneza, guca bugufi, ubwitonzi no kwihangana.

Mugiranire neza kandi mubabarane, mwongere muharirane nk’uko Imana yabahariye muri Kristo.

Kubabazwa uzira gukora ivyiza

Mu kurangiza, mwese nimuhuze umutima n’inama, mubabarane, mukundane nk’abavukana. Mugire umutima mwiza kandi umuntu wese yicishe bugufi imbere ya mugenziwe.

Iyo umuntu afise ubutunzi bwo kw’isi, hanyuma akabona mwene Data wundi akenye, ariko ntamutere ikigongwe ngo amufashe, yoshobora kuvuga ko akunda Imana?

Pawulo ashima Imana

Nihashimwe Imana, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, Data w’impuhwe n’ukwirura kwose, we aduha ukwirurwa mu bihe vy’imibabaro kugira ngo natwe twiruze abandi ukwirurwa twahawe n’Imana.

Umuherezi mukuru dufise ashobora kubabarana natwe mu ntege nke zacu. Mbere yaciye mu mageragezwa twese ducamwo, ariko we nta caha yakoze.

Abanezerewe, munezeranwe na bo, abarira murirane na bo.

Intasho

Bene Data, ndangije ndabasezera. Murondere ugutunganywa, muterane intege, muhuze umutima n’inama, mubane amahoro, maze Imana y’amahoro n’urukundo izobana namwe.

Seja o primeiro