Publicidade

Levítico 21

Ivyagezwe bigenga Abaherezi

1 Uhoraho abwira Mose ati: "Vugana n’abaherezi, abahungu ba Aroni, ubabwire uti: ‘Ntihaze hagire umuherezi yihumanisha umuvyimba w’umuntu n’umwe w’incuti yiwe yapfuye, 2 kiretse incuti ya hafi, nka nyina canke se, umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe, uwo bavukana w’umuhungu, 3 canke mushikiwe akiba iwe kuko atararongorwa; kuko abikoze ashobora kwihumanya. 4 Ntaze yihumanishe ab’iwabo n’umugore, ngo bitume ahumana.

5 Abaherezi ntibaze bimoshe umushatsi wose canke ubwanwa bwose canke ngo bikebagure ku mibiri yabo. 6 Baze babere Imana yabo abera kandi ntibaze batukishe izina ry’Imana yabo. Kuko ari bo bashikana ibimazi bituririwe Uhoraho, ari zo mfungurwa z’Imana yabo; ni co gituma bakwiye kuba abera.

7 Ntibaze barongore abagore bahumanijwe n’ubumaraya canke bahukanye n’abagabo babo, kuko abaherezi ari abejerejwe Uhoraho Imana yabo. 8 Muze mubafate nk’abera, kuko bashikanira Imana yanyu imfungurwa. Muze mubafate nk’abera, kuko jewe, Uhoraho, ndi uwera kandi ni jewe ndabeza.

9 Umukobwa w’umuherezi niyiyandurisha kuba maraya, azoba atetereje se; aze aturirwe mu muriro.

10 Umuherezi mukuru, umwe muri bamwe bavukana yasutswe ku mutwe ya mavuta yo kumurobanura, agatoranirizwa kuzokwambara za mpuzu z’ubuherezi, ntaze yigere asambura umushatsi canke ngo yitabagurireko impuzu. 11 Ntaze yigere yinjira ahari umuvyimba w’umuntu. Ntaze yigere yiyandurisha umuvyimba naho yoba ari se canke nyina, 12 canke ngo ave ahera h’Imana yiwe, canke ngo ahahumanye, kuko yatoranijwe asizwe amavuta yo kurobanura y’Imana yiwe. Ndi Uhoraho.

13 Umuherezi mukuru aze arongore umukobwa akiri isugi. 14 Ntaze arongore umupfakazi, uwahukanye, canke uwihumanishije kuba maraya, ahubwo aze arongore umukobwa akiri isugi wo mu bwoko bwiwe, 15 kugira ngo ntahumanye uruvyaro rwiwe mu bwoko bwiwe. Ndi Uhoraho, ni jewe ndamweza.’ "

16 Uhoraho abwira Mose ati: 17 "Bwira Aroni uti: ‘Uko urunganwe ruzokurikirana n’urundi, ntihaze hagire uwo mu ruvyaro rwawe afise agasembwa azokwegera ngo ahereze imfungurwa z’Imana yiwe. 18 Ntihaze hagire uwufise agasembwa yegera ngo abikore, ari impumyi canke ikimuga, afise agasembwa mu maso, canke afise ubumuga bundi; 19 amugaye ikirenge canke ikiganza, 20 uwufise inyonzo canke ari impfunya, uwupfuye ijisho, uwugwaye uruhere, canke ibisebe biva amazi, canke uwamenetse amatengatwa. 21 Ntihaze hagire uwukomoka kuri Aroni umuherezi afise agasembwa azokwegera kugira ngo ashikane ishikanwa rituririrwa Uhoraho. Uwufise agasembwa ntaze yegere guhereza imfungurwa z’Imana yiwe. 22 Ashobora kurya kuri za mfungurwa zera z’Imana yiwe, no ku zera zose; 23 ariko kubera ubumuga bwiwe, ntaze yegere ca gihuzu gikingira ahera cane canke ngo yegere igicaniro, kuko yohava ahumanya ahera hanje. Ndi Uhoraho kandi ni jewe ndabeza.’ "

24 Nuko Mose abibwira Aroni n’abahungu biwe n’Abisirayeli bose.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-