Publicidade

Levítico 25

Umwaka w’Isabato

1 Uhoraho abarira Mose ari ku musozi Sinayi ati: 2 "Vugana n’Abisirayeli ubabwire uti: ‘Nimwinjira igihugu ngiye kubaha, ico gihugu ubwaco kize cubahirize Isabato y’Uhoraho. 3 Muze murime imirima yanyu imyaka itandatu, kandi muri iyo myaka itandatu muze mututurire imizabibu yanyu mwongere mwegeranye ivyimburwa vyayo. 4 Ariko mu mwaka ugira indwi isi ize ironke akaruhuko k’Isabato, Isabato y’Uhoraho. Ntimuze mubibe canke ngo mutere ikintu na kimwe mu mirima yanyu canke ngo mututurire imizabibu yanyu. 5 Ntimuze mwimbure ivyimejeje muri yo kandi ntimuze mwamure imizabibu yamye ku biti bidatuturiye. Isi ize ironke umwaka w’akaruhuko. 6 Ivyo imirima izokwama vyose bize bibe ivyokurya vyanyu, mwebwe ubwanyu, abagurano banyu n’abaguranokazi banyu, n’abakozi banyu canke abashitsi bari i wanyu, 7 n’ibitungano vyanyu n’ibikoko vyo mw’ishamba vyo mu gihugu canyu. Ivyo igihugu kimejeje vyose bishobora kuribwa.

Umwaka wa Yubile

8 Muze muharure amasabato indwi y’imyaka, ni ukuvuga imyaka indwi incuro indwi, kugira ngo ayo masabato indwi y’imyaka akwize imyaka mirongo ine n’icenda. 9 Hanyuma muzoce muvuza inzamba hose ku musi ugira icumi w’ukwezi kw’indwi; ku musi wo gutanga ikimazi co kwicungura muze muvuze inzamba mu gihugu cose. 10 Muze mweze umwaka ugira mirongo itanu muri mu gihugu mwamamaze umwidegemvyo ku bakibamwo bose. 11 Uwo mwaka ugira mirongo itanu uze ube Yubile kuri mwebwe; ntimuze mugire ico mubiba canke mutera ngo mugire ico mwimbura ku vyimejeje canke ngo mwamure inzabibu ku mizabibu mutatuturiye. 12 Kuko izoba ari Yubile kandi izoba ari iyejejwe kuri mwebwe; muze murye ivyo mwamuye mu mirima.

13 Muri uwo mwaka wa Yubile umuntu wese aze asubire mw’itongo ryiwe.

14 Nimwagurisha itongo ku wo mu bwoko bwanyu canke mukarimugurira, ntihaze hagire uwuzimba uwundi. 15 Muze mugure amatongo y’abo mu bwoko bwanyu mukurikije imyaka mumaze Yubile ibaye. Kandi muze mugurishe amatongo kuri bagenzi banyu mukurikije imyaka isigaye yo kwimbura mu mirima yanyu. 16 Imyaka niyaba ari myinshi, muze muduze igiciro, na ho niyaba ari mike, muze mumanure igiciro, kuko ico muzoba muriko muragurisha ari igitigiri c’ibihe vyo kwimbura. 17 Ntihaze hagire uwurenganya uwundi, ariko muze mutinye Imana yanyu. Ndi Uhoraho Imana yanyu.

18 Muze mukurikize amategeko yanje kandi mwitwaririke kwumvira ivyagezwe vyanje, ni ho muzoba amahoro muri ico gihugu. 19 Aho ni ho igihugu kizokwera ivyamwa vyaco, namwe muzorya muhage kandi muzokibamwo mu mutekano. 20 Mwoshobora kubaza muti: "Tuzorya iki mu mwaka ugira indwi nitutatera ngo twimbure ivyimburwa vyacu?" 21 Nzobarungikira umugisha mu mwaka ugira gatandatu ku buryo imirima izotanga ivyimburwa vyo kubatunga imyaka itatu. 22 Mu gihe co kubiba mu mwaka ugira umunani, muzoba mukirya ibihitira kandi muzokomeza kubirya gushika aho muzokwimburira ivyo mu mwaka ugira icenda.

23 Ntihaze hagire uwugurisha itongo rimwe burundu, kuko amatongo ari ayanje namwe mukaba ba kavantara n’abakozi banje. 24 Mu gihugu cose muhawe ngo mucegukire, muze mutegurire amatongo igihe co gucungurwa.

25 Umwisirayeli wo mu bwoko bwanyu niyakena akagurisha igice c’itongo ryiwe, uwo mu ncuti ziwe za hafi aze acungure rya tongo yagurishije. 26 Ariko uwo muntu niyaba atagira uwo kumucungurira iryo tongo, ariko hanyuma agatunga akaronka ivyo kuricungura, 27 aze aharure ikiguzi gikwiranye n’igihe rimaze uhereye igihe yarigurisha ace asubiza ayasigaye uwari yariguze; aho rero azoce asubirana itongo ryiwe. 28 Ariko nataronka ivyo kurigaruza, aho yagurishije haze hagume ari aha nyene kuhagura kugeza ku mwaka wa Yubile. Haze hasubizwe kuri Yubile, hasubire kuba aha nyeneho.

29 Umuntu niyagurisha inzu iri mu gisagara kizitijwe inzitiro, azoba ashobora kuyicungura mu kiringo c’umwaka kuva igurishijwe. Muri ico kiringo gusa ni ho azoba ashobora kuyicungura. 30 Niyaba atashoboye kuyicungura ico kiringo kikamurengana, iyo nzu iri mu gisagara kizitijwe uruzitiro ize yegukire nyene kuyigura n’uruvyaro rwiwe. Ntize isubizwe mu gihe ca Yubile. 31 Ariko inzu ziri mu mihana ahantu hatagira inzitiro zize zifatwe nk’amatongo. Zirashobora gucungurwa, kandi zize zisubizwe kuri Yubile.

32 Abalewi bazokwama bafise uburenganzira bwo gucungura inzu zabo ziri mu bisagara vyagerewe Abalewi. 33 Nuko rero amatongo y’Abalewi ashobora gucungurwa; yaba inzu yagurishijwe iri mu gisagara ico ari co cose bagabiwe, kandi ize isubizwe mu gihe ca Yubile, kuko inzu muri ivyo bisagara vy’Abalewi ari umugabane wabo mu Bisirayeli. 34 Ariko ahantu h’uburagiro bwegukira ibisagara vyabo ntivyemewe kuhagurisha; ni umugabane wabo imyaka yose.

35 Umuntu wo mu bwoko bwanyu niyakena ntashobore kuronka ikimutunga kimubeshaho, muze mumufashe nk’uko mwobikorera umunyamahanga canke inyambukira iri muri mwebwe, kugira ngo ashobore kubaho muri mwebwe. 36 Ntimuze murondere kumuronkako inyungu iyo ari yo yose, ariko muze mwubahe Imana yanyu, kugira ngo uwo muntu wo mu bwoko bwanyu ashishikare kuba muri mwebwe. 37 Ntimuze mumugurane amahera mwiteze ko abungukira canke ngo mumugurisheko ivyo gufungura mugomba kumwungukako. 38 Ndi Uhoraho Imana yanyu, nabakuye mu gihugu ca Egiputa kugira ngo ndabahe igihugu c’i Kanani nongere ndababere Imana.

39 Nihagira uwo mu bwoko bwanyu aba umukene ari muri mwebwe hanyuma akigurisha kuri mwebwe, ntimuze mumukoreshe nk’umugurano. 40 Aze akoreshwe nk’umukozi aca ingero canke nk’umunyamahanga aba muri mwebwe, aze abakorere gushika ku mwaka wa Yubile. 41 Hanyuma we n’abana biwe baze bidegemvye, na we aze asubire mu muryango wiwe no mw’itongo rya ba sekuruza. 42 Kuko Abisirayeli ari abakozi banje, abo naguze nkabakura muri Egiputa, ntibaze bagurishwe nk’abagurano. 43 Ntimuze mubatwaze igitugu, ariko mwubahe Imana yanyu.

44 Abagurano n’abaguranokazi banyu baze bave mu mahanga abakikuje; muri abo ni ho muzoshobora kugura abagurano. 45 Mushobora kandi kubagura mu bantu b’inyambukira baba muri mwebwe no mu bo mu miryango yabo bavukiye iwanyu, na bo bazoba inyegu zanyu. 46 Mushobora no kubaraga abahungu banyu kandi mushobora kubatunga nk’abagurano ubuzima bwabo bwose, ariko ntimuze mutwaze amanyama Umwisirayeli mugenzi wanyu.

47 Uwo mu banyamahanga aba muri mwebwe niyatunga maze uwo mu bwoko bwanyu agakena akigurisha kuri uwo munyamahanga aba muri mwebwe canke ku bo mu muryango wiwe, 48 aze agumane uburenganzira bwo gucungurwa amaze kwigurisha, uwo mu ncuti ziwe ashobora kumucungura. 49 Sewabo canke inarume canke muvyarawe canke incuti iyo ari yo yose yo mu muryango wiwe ishobora kumucungura; canke niyatunga, ashobora kwicungura. 50 We n’uwo yamuguze baze baharure uhereye umwaka yamuguzemwo kugeza ku mwaka wa Yubile. Igiciro co kumucungura kize giharurwe bakoresheje impembo y’umukozi muri iyo myaka yose. 51 Nihaba hasigaye imyaka myinshi, aze arihe igice kinini c’amahera yaguzwe. 52 Nihaba hasigaye imyaka mike ngo Yubile ishike, aze aharure amahera asigaye abe ari yo ariha. 53 Aze afatwe nk’umukozi yahawe akazi ku mwaka ku mwaka; muze mubikurikirane neza kugira ngo uwo yamuguze ntamutwaze amanyama.

54 Naho atoshobora gucungurwa muri ubwo buryo, we n’abana biwe baze bidegemvye mu mwaka wa Yubile, 55 Kuko Abisirayeli ari abakozi banje, abo naguze nkabakura muri Egiputa. Ndi Uhoraho Imana yanyu.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-