Publicidade

Levítico 7

Ikimazi c’indishi

1 Ibi ni vyo vyagezwe bigenga ikimazi c’indishi, kandi ni icera cane. 2 Ikimazi c’indishi kize gikerererwe ahategekanirijwe ico gikorwa, hanyuma amaraso yaco aze amijagirwe ku mpande zose z’igicaniro. 3 Ibinure vyaco vyose bize bishikanwe ku gicaniro: umurizo n’ibinure vyose bipfutse ivyo mu nda, 4 amafyigo yompi n’ibinure biri kuri yo n’ibiri ku mbavu hamwe n’igice cose gipfutse igitigu, ico azokuranako n’amafyigo. 5 Umuherezi aze abituririre ku gicaniro nk’ishikanwa ryo guturirwa rishikaniwe Uhoraho rituriwe mu muriro. Kizoba ari ikimazi c’indishi. 6 Umuhungu wese wo mu muryango w’uwo muherezi aze akiryeko, ariko baze bakirire ahantu hera, kuko kizoba ari icera cane.

7 Ivyagezwe vyerekeye ikimazi c’ivyaha n’ikimazi c’indishi birasa: ivyo bimazi vyose ni ivy’umuherezi yabitanze nk’ikimazi c’impongano. 8 Umuherezi atangiye umuntu ikimazi co guturirwa, urusato rwaco ruzoba urwiwe. 9 Ishikanwa ryose ry’ifu ryokejwe mw’ifuru canke rikaranzwe mw’isafuriya canke kw’ipano rizoba ari iryo umuherezi yaritanze, 10 kandi ishikanwa ryose ry’ifu, ryaba irivanze n’amavuta canke iritavanze, rizogabanganywa hagati y’abaherezi bakomoka kuri Aroni.

Ikimazi c’ishimwe

11 Ibi ni vyo vyagezwe vyerekeye ibimazi vy’ishimwe umuntu ashobora gushikanira Uhoraho:

12 Niyatanga ikimazi c’ishimwe mu buryo bwo gukenguruka, aze aherekeshe ico kimazi co gukenguruka udukate tutarimwo umwambiro tuvanze n’amavuta, n’udukate twamijagiweko amavuta tutarimwo umwambiro, n’udutsima dukozwe mw’ifu twacumbwe mu mavuta. 13 Ikimazi c’ishimwe co gukenguruka gitegerezwa kandi guherekezwa n’udukate turimwo umwambiro. 14 Aze ashikane kamwekamwe mu bwoko bwose nk’ingabire ihawe Uhoraho; rizoba ari iryo umuherezi yamijagiye amaraso y’ivyo bimazi vy’ishimwe. 15 Inyama z’ico kimazi c’ishimwe co gukenguruka zize ziribwe kuri uwo musi catangiweko; ntihaze hagire izisigara ngo zishike mu gitondo c’uwundi musi.

16 Ariko ikimazi ciwe nicaba ari ico gushitsa isezerano canke ico atanze kuko avyishakiye, kize kiribwe ku musi gitangiweko, ariko izisigaye zishobora no kuribwa ku musi ukurikira. 17 Inyama zose z’ikimazi zizosigara gushika umusi ugira gatatu zize ziturirwe. 18 Nihagira inyama z’ikimazi c’ishimwe ziribwa ku musi ugira gatatu, uwagitanze ntazokwemerwa. Nta co kizomarira uwo muntu yagitanze, kuko kizoba gihumanye. Umuntu wese azorya kuri co azoba ari uwo gutsindwa n’urubanza.

19 Inyama zikoze ku kintu cose gihumanye ntizize ziribwe; zize ziturirwe. Nk’uko biri no ku zindi nyama, umuntu wese adahumanye aze arye izo nyama. 20 Ariko nihagira umuntu ahumanye arya ku nyama z’ikimazi c’ishimwe c’Uhoraho, uwo muntu aze acibwe mu bwoko bwiwe. 21 Nihagira umuntu akora ku kintu na kimwe gihumanye; ari ibiva mu muntu bihumanya canke igikoko gihumanye canke ikindi kintu cose gihumanye gikwega inda hasi, hanyuma akarya ku nyama zo ku kimazi c’ishimwe c’Uhoraho, uwo muntu aze acibwe mu bwoko bwiwe.’ "

Kirazira kurya ibinure n’amaraso

22 Uhoraho abwira Mose ati: 23 "Barira Abisirayeli uti: ‘Ntimuze murye ikinure na kimwe caba ic’inka, ic’intama canke ic’impene. 24 Ibinure vy’igikoko gipfuye ata wucishe canke catabaguwe n’ibikoko vyo mw’ishamba mushobora kubikoresha ibindi, ariko ntimuze mubirye. 25 Umuntu wese azorya ibinure vyavuye mu kimazi co guturirwa gishikanirwa Uhoraho aze acibwe mu bwoko bwiwe. 26 Kandi aho muzoba muba hose, ntimuze murye amaraso y’inyoni canke igikoko na kimwe. 27 Nihagira umuntu arya amaraso, uwo muntu aze acibwe mu bwoko bwiwe.’ "

Umugabane w’umuherezi

28 Uhoraho abwira Mose ati: 29 "Barira Abisirayeli uti: ‘Uwuzoshikanira Uhoraho ikimazi c’ishimwe aze ashikanire Uhoraho igice kimwe caco nk’ikimazi. 30 Aze akoreshe amaboko yiwe ubwiwe ashikane ikimazi co guturirwa, atange ibinure n’igikiriza, hanyuma azungagize ico gikiriza imbere y’Uhoraho nk’ishikanwa ryo kuzungagiza. 31 Umuherezi aze aturirire ku gicaniro ivyo binure, ariko ico gikiriza ni ica Aroni n’abahungu biwe. 32 Muze muhe uwo umuherezi itako ry’i buryo ry’ibimazi vy’ishimwe ribe umugabane wiwe. 33 Umuhungu wa Aroni azotanga amaraso n’ibinure vy’ikimazi c’ishimwe aze ahabwe itako ry’i buryo ribe umugabane wiwe. 34 Ku bimazi vy’ishimwe vy’Abisirayeli, nahisemwo guha Aroni umuherezi n’abahungu biwe igikiriza co kuzungagiza n’itako ry’i buryo ngo bibe umugabane wabo w’intahava bazohabwa n’Abisirayeli.’ "

35 Uyu ni wo mugabane wagenewe Aroni n’abahungu biwe uhereye igihe bazoba barobanuwe ngo bakorere Uhoraho nk’abaherezi. 36 Umusi basigwa amavuta, Uhoraho yategetse ko Abisirayeli babaha umugabane w’intahava uko urunganwe ruzokwama rukurikirana n’urundi.

37 Ibi ni vyo vyagezwe bigenga ibimazi vyo guturirwa, ibimazi vy’ifu, ibimazi vy’ivyaha, ibimazi vy’indishi, ikimazi co kurobanura n’ikimazi c’ishimwe, 38 ivyo Uhoraho yahaye Mose ku musozi Sinayi igihe yategeka Abisirayeli gushikanira Uhoraho ibimazi vyabo, mu bugaragwa bw’i Sinayi.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-