Publicidade

Levítico 19

Ivyagezwe bitandukanye

1 Uhoraho abwira Mose ati: 2 "Vugana n’ishengero ryose ry’Abisirayeli ubabwire uti: ‘Mube abera kuko jewe, Uhoraho Imana yanyu, ndi uwera.

3 Umuntu wese aze yubahe se na nyina, kandi aze yubahirize amasabato yanje. Ndi Uhoraho Imana yanyu.

4 Ntimuze muhindukirire ibigirwamana canke ngo mwikorere ibigirwamana mu butare buvugutiwe mu muriro. Ndi Uhoraho Imana yanyu.

5 Nimwashikanira Uhoraho ikimazi c’ishimwe, muze mugitange neza ku buryo butuma mwemerwa. 6 Kize kiribwe ku musi mwagitangiyeko canke ku musi ukurikira; ibizoba bisigaye vyose gushika ku musi wa gatatu bize biturirwe. 7 Nihagira ikintu na kimwe kiribwa ku musi wa gatatu, kizoba gihumanye kandi ntikizokwemerwa. 8 Umuntu wese azokiryako azotsindwa n’urubanza rw’uko yahumanije ivyera vy’Uhoraho; uwo muntu aze acibwe mu bwoko bwiwe.

9 Nimwimbura ibivuye mu ndimiro zanyu, ntimuze mutware ivyamereye inyuma y’urubibe rwanyu canke ngo musubire inyuma gutora ivyo mwibagiriye mu mirima. 10 Ntimuze musubire mu ruzabibu rwanyu ubugira kabiri canke ngo mutore imbuto z’imizabibu zakorokeye hasi. Muze mubisigarize umukene n’inyambukira. Ndi Uhoraho Imana yanyu.

11 Ntimukibe.

Ntimukabeshe.

Ntimugahendane.

12 Ntimuze murahire ibinyoma, kugira ngo mwoye guhumanya izina ryanje; ndi Uhoraho Imana yanyu.

13 Ntuze urenganye canke ngo wibe muganzawe.

Ntuze urare udahemvye umukozi wakoresheje.

14 Ntuze uvume igipfamatwi canke ngo ushire igitsitaza imbere y’impumyi: wubahe Imana yawe. Ndi Uhoraho.

15 Ntimuze muce imanza zigoramye mu guhengamira ku muntu ngo ni uko ari umugorwa canke ari umukuru, ahubwo mucire bagenzi banyu imanza z’ukuri.

16 Ntimuze mugende muravuga nabi bagenzi banyu.

Ntimuze mukore ikintu gishobora gushira mu kaga k’urupfu bagenzi banyu. Ndi Uhoraho.

17 Ntuze ugirire urwanko mu mutima wawe abo mu bwoko bwanyu. Ariko uze wihanize mugenzawe ariko arakora ikibi kugira ngo ntuhave usangira na we icaha ciwe.

18 Ntuze wihore canke ngo ugumanire inzigo uwo mu bwoko bwanyu, ariko uze ukunde mugenzawe nk’uko wikunda. Ndi Uhoraho.

19 Muze mwitondere ivyo nategetse.

Ntimuze mubangurire ibikoko ku bindi bidahuje ubwoko.

Ntimuze mutere mu mirima yanyu imbuto z’ubwoko bubiri.

Ntimuze mwambare impuzu zijishwe mu nyuzi z’ubwoko bubiri.

20 Umugabo niyaryamana n’umwigeme w’umugurano arehejwe n’uwundi ariko ataracungurwa canke ngo aronke ukwidegemvya, aze ahanwe bikwiye. Ariko ntibaze bicwe, kuko uwo mwigeme atari bwaronke umwidegemvyo. 21 Ariko uwo mugabo we, aze ashikanire Uhoraho impfizi y’intama imbere y’Ihema ry’Ibonaniro, impfizi y’intama y’ikimazi c’indishi gishikanirwa Uhoraho. 22 Umuherezi aze amutangire ikimazi imbere y’Uhoraho akoresheje ico kimazi co kwikurako icaha, kubera icaha yakoze, na we azoharirwa icaha ciwe.

23 Nimwashika mu gihugu mugatera igiti c’icamwa ico ari co cose, muze mumare imyaka itatu mufata ko ivyamwa vyaco ari ibizira; ntibize biribwe. 24 Umwaka ugira kane, ivyamwa vyaco bizoba ari ivyera, ishikanwa ryo guhimbaza Uhoraho. 25 Ariko mu mwaka ugira gatanu muremerewe kurya ivyamwa vyaco. Nimwakora uko, ni ho umwimbu wanyu uzogwira. Ndi Uhoraho Imana yanyu.

26 Ntimuze murye inyama zikirimwo amaraso.

Ntimuze mukoreshe ivy’ubupfumu no guhamagara imizimu.

27 Ntimuze mumwe umushatsi wo mu misaya yanyu canke ubwanwa bwanyu.

28 Ntimuze mwikebagure ku mibiri yanyu kubera abapfuye canke ngo mwishushanyeko ibintu ku mibiri. Ndi Uhoraho.

29 Ntimuze mutetereze umukobwa wanyu mu kumushorera mu bumaraya, kuko vyohava bikwegera igihugu kwuzura ubumaraya n’ubundi bubi.

30 Muze mwitondere amasabato yanje kandi mwubahe ahera hanje. Ndi Uhoraho.

31 Ntimuze muhindukirire abahamagara imizimu canke abanyamareba, kuko bobanduza. Ndi Uhoraho Imana yanyu.

32 Uze uhaguruke kubera icubahiro c’umutama, wubahe abakuruta kandi uhe icubahiro Imana yawe. Ndi Uhoraho.

33 Umuntu w’umunyamahanga niyaba muri mwebwe, ntimuze mumufate nabi. 34 Umunyamahanga aba muri mwebwe aze afatwe nk’imvukira. Mumukunde nk’uko mwikunda, kuko mwari inyambukira muri Egiputa. Ndi Uhoraho Imana yanyu.

35 Ntimuze mukoreshe ingero zidakwiye iyo muriko murapima uburebure, uburemere canke ubwinshi. 36 Muze mukoreshe iminzane itabesha, ingero efa ikwiye n’ingero hini y’ukuri. Ndi Uhoraho Imana yanyu, nabakuye mu gihugu ca Egiputa.

37 Muze muzigame amategeko n’amabwirizwa yanje yose mwongere muyitondere. Ndi Uhoraho.’ "

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-