1 Uhoraho abwira Mose ati: 2 "Vugana n’Abisirayeli ubabwire uti: ‘Umwisirayeli canke umunyamahanga aba muri mwebwe azotanga umwe mu bana biwe ngo ashikanirwe ikigirwamana Moleki aze yicwe. Abantu b’ubwoko bwanyu baze bamwicishe amabuye. 3 Igitsure canje nzogishira kuri uwo muntu kandi nzomukura mu bwoko bwiwe; kuko azoba ahumanije ahera hanje kandi atukishije izina ryanje, mu gutanga abana biwe kw’ibimazi vya Moleki. 4 Abantu nibirabira hirya igihe uwo muntu azotanga umwe mu bana biwe kuri Moleki ntibamwice, 5 nzohindukiriza igitsure canje kuri abo bantu n’imiryango yabo kandi nzobakura mu bwoko bwabo. Ivyo bizoba kuri we no ku bamukurikira mu kwihumanisha ico kigirwamana Moleki.
6 Igitsure canje kizoba ku muntu wese ahamagara imizimu n’abapfumu akihumanisha kuvyizigira no kubikurikira. Nzomuca mu muryango wiwe.
7 Mwitange mube abera, kuko ndi Uhoraho Imana yanyu. 8 Mugumye ivyo nabategetse kandi mubikurikize. Ni jewe Uhoraho ndabeza.
9 Nihagira uwo muri mwebwe avuma se canke nyina, aze yicwe. Kuko yavumye se canke nyina, amaraso yiwe azoje ku mutwe wiwe.
10 Umugabo azosambana n’umugore w’uwundi mugabo, ni ukuvuga umugore wa mugenziwe, uwo mugabo n’uwo mugore bompi baze bicwe.
11 Umugabo niyasambana na muka se, azoba atetereje se. Uwo mugabo n’uwo mugore bompi baze bicwe; amaraso yabo azoje ku mitwe yabo.
12 Umugabo niyasambana n’umukazana wiwe, bompi baze bicwe. Kuko bazoba bakoze ikizira; amaraso yabo azoje ku mitwe yabo ubwabo.
13 Umugabo niyasambana n’uwundi mugabo nk’uko umugabo asambana n’umugore, bompi bazoba bakoze ivyo kwankwa urunuka. Baze bicwe; amaraso yabo azoje ku mitwe yabo ubwabo.
14 Umugabo niyarongora umugore na nyina w’uwo mugore, ico ni ubuyobe, yaba uwo mugabo, baba abo bagore, bose baze baturirwe, kugira ngo mukure ubuyobe muri mwebwe.
15 Umugabo niyasambana n’igikoko, aze yicwe, kandi n’ico gikoko muze mucice.
16 Umugore niyasambana n’igikoko, muze mwice uwo mugore n’ico gikoko. Vyompi bize vyicwe kandi amaraso yavyo azoje ku mutwe wiwe n’uw’ico gikoko.
17 Umugabo niyarongora mushikiwe, yaba uwo bavukana kuri se canke kuri nyina, bakaryamana, ni agatetereza. Baze bakurwe imbere yanyu. Kuko azoba yatetereje mushikiwe, azobizire.
18 Umugabo niyaryamana n’umugore ari mu miziro y’ukwezi, aze azire ko yerekanye isoko y’amaraso y’uwo mugore, uwo mugore na we ko yemeye kwiyambura no kuyerekana. Bompi baze bakurwe mu bwoko bwabo, kuko bemeranije kwerekana isoko y’amaraso y’uwo mugore.
19 Ntihaze hagire uwuryamana na nyinabo canke na inasenge, kuko kwoba ari ugutetereza incuti ya hafi; kandi bompi ntibaze babure kubizira.
20 Umugabo niyaryamana na muka sewabo canke na muka inarume, azoba atetereje sewabo canke inarume. Bompi bazobizira; bazopfa batavyaye.
21 Umugabo niyarongora muramuwe, kizoba ari igikorwa gitera guhumana. Nta mwana bazoronka, kuko azoba atetereje uwo bavukana.
22 Muze muzigame ivyo nabategetse vyose, n’amabwirizwa yanje yose, kandi muze mubikurikize, kugira ngo igihugu ngiye kubaha ntikize kibadahwe. 23 Ntimuze mukore ivyo amahanga ngiye gusohora imbere yanyu akora, kuko yakoze ivyo vyose nababujije, nanje nca ndayazinukwa. 24 Ariko mwebwe nababwiye nti: "Muzoragwa igihugu cabo; nzokibaha nk’iragi, ico gihugu gitemba amata n’ubuki." Ndi Uhoraho Imana yanyu, yabatoranije mu yandi mahanga.
25 Mukwiye rero gutandukanya ibikoko bihumanye n’ibidahumanye, n’ibiguruka bihumanye n’ibidahumanye. Ntimuze mwihumanishe igikoko na kimwe canke ikiguruka na kimwe canke igikwega inda hasi, ivyo nababwiye ko bihumanye kuri mwebwe. 26 Mumbere abera kuko jewe, Uhoraho, ndi uwera, kandi nabatoranije mu yandi mahanga ngo mumbere ihanga niharije.
27 Umugabo canke umugore ahamagara imizimu canke abapfumu ari muri mwebwe aze yicwe. Muze mumwicishe amabuye; amaraso yiwe azoje ku mutwe wiwe ubwiwe.’ "