Publicidade

Levítico 13

Ivyagezwe vyerekeye ingwara zo ku rukoba

1 Uhoraho abarira Mose na Aroni ati: 2 "Umuntu niyaba afise ikibibi canke igisekera canke ikivyimba ku mubiri wiwe gishobora kuvamwo imibembe, baze bamushire Aroni canke umwe mu bana biwe azoba ari umuherezi. 3 Uwo muherezi aze asuzume ico kintu kiri ku mubiri, niyasanga ubwoya buri muri ico kibibi bwahindutse bukera kandi n’ico kibibi na co nyene cimburutse, izoba ari imibembe. Uwo muherezi amaze kumusuzuma aze amenyeshe ko uwo muntu acitse uwuhumanye. 4 Ico kibibi nicaba cera ariko kitimburutse kandi ubwoya buri muri co ntibwere, uwo muherezi aze ashire uwo muntu ahantu ha wenyene ahamare imisi indwi. 5 Ku musi ugira indwi uwo muherezi aze asubire amusuzume, niyasanga ico kibibi kitahindutse kandi kitagutse, aze asubire amushire ahantu ha wenyene iyindi misi indwi. 6 Ku musi ugira indwi aze asubire kandi amusuzume. Ico kibibi nicaba cagabanutse nticiyongere ku mubiri, uwo muherezi aze amenyeshe ko uwo muntu adahumanye; kizoba ari ikibibi gisanzwe. Uwo muntu aze amesure impuzu ziwe, aheze abe ahumanuwe. 7 Ariko ico kibibi niciyongera ku mubiri inyuma y’uko umuherezi azoba yamaze kumenyesha ko adahumanye, aze agaruke kubonana n’umuherezi. 8 Uwo muherezi aze amusuzume, ico kibibi nicaba caragutse, aze amenyeshe ko ahumanye; izoba ari imibembe.

9 Umuntu wese azoba agwaye ingwara yo ku rukoba, baze bamushire umuherezi. 10 Umuherezi aze amusuzume, niyasanga ahari ikibibi hera kandi n’ubwoya bwo muri ico kibibi bwahindutse bukera hakaba hanavyimvye, 11 izoba ari imibembe yamufashe. Umuherezi azoce amenyesha ko ahumanye. Ntaze arinde kumushira ahantu ha wenyene ngo amusuzume, kuko azoba yari asanzwe amaze guhumana.

12 Iyo ngwara niyaba yakwiye umubiri wose, aho umuherezi agarukiriza amaso hose, kuva ku mutwe gushika ku birenge, 13 uwo muherezi aze amusuzume, asanze iyo ngwara ikwiye umubiri wiwe wose, aze amenyeshe ko iyo ngwara idatuma umuntu aba uwuhumanye, hanyuma amenyeshe ko uwo muntu adahumanye. Kuko umubiri wiwe wose wahindutse ukera, azoba adahumanye. 14 Ariko igihe habonetse igisebe gishasha kuri we, azoba ahumanye. 15 Umuherezi niyabona ico gisebe gishasha, aze yihute kumenyesha ko ahumanye kuko igisebe kiba gihumanye; azoba agwaye imibembe. 16 Ico gisebe nicahinduka kikera, azoce aja ku muherezi. 17 Uwo muherezi aze amusuzume, niyasanga ico gisebe cahindutse kikera, uwo muherezi azoce amenyesha ko adahumanye; azoba ahumanutse.

18 Umuntu niyagira igisebe ku mubiri kigakira, 19 hanyuma ahari ico gisebe hakaboneka ikivyimba cera canke igishunduri cera canke gishaka gutukura, aze yiyereke umuherezi. 20 Uwo muherezi aze ahasuzume, niyasanga himburutse kandi ubwoya bwaho bwahindutse bukera, uwo muherezi aze ace amenyesha ko uwo muntu ahumanye; izoba ari imibembe yadutse muri ya nkovu. 21 Ariko umuherezi niyahasuzuma agasanga ubwoya bwaho ntibwera kandi ntihimburutse kandi humye, uwo muherezi aze amushire ahantu ha wenyene imisi indwi. 22 Aho hantu nihakomeza kuba hanini, umuherezi aze amenyeshe ko uwo muntu ahumanye; izoba ari imibembe. 23 Ariko nihaba ata cahindutse kandi hatabandanije kuba hanini, izoba ari inkovu gusa ivuye ku gisebe, umuherezi aze amenyeshe ko uwo muntu adahumanye.

24 Umuntu niyagira ubushe ku mubiri wiwe maze hakaboneka ibara ryera canke ryera rishaka gusa n’agahama, 25 umuherezi aze ahasuzume, niyasanga ubwoya bwaho bwahindutse bukera, kandi himburutse, izoba ari imibembe izoba yafatiye muri ya nkovu y’ubushe. Uwo muherezi aze amenyeshe ko uwo muntu ahumanye; izoba ari imibembe. 26 Ariko niyamusuzuma agasanga ubwoya bwaho butera, hatimburutse kandi humye, uwo muherezi azoce amushira ahantu ha wenyene imisi indwi. 27 Ku musi ugira indwi umuherezi aze amusuzume. Niyasanga habandanije haba hanini, uwo muherezi azoce amenyesha ko uwo muntu ahumanye; izoba ari imibembe. 28 Ariko niyasanga ata cahindutse kandi hatabaye hanini ariko humye, izoba yari inkovu y’ubushe gusa, uwo muherezi aze amenyeshe ko uwo muntu adahumanye; izoba yari inkovu gusa y’ubushe.

29 Umugabo canke umugore niyafatwa n’igisekera mu mutwe canke ku gasakanwa, 30 umuherezi aze asuzume ico gisekera, niyasanga carimburutse kandi ubwoya canke umushatsi uri muri co wahindutse ugasa n’umuhondo kandi ari mutomuto cane, uwo muherezi aze amenyeshe ko uwo muntu ahumanye; bizoba ari ibinyoro, bifatira mu mutwe canke ku gasakanwa. 31 Ariko uwo muherezi niyasuzuma ico gisekera, agasanga nticasebuye kandi ata mushatsi wirabura urimwo, uwo muherezi aze ashire uwo muntu ahantu ha wenyene imisi indwi. 32 Ku musi ugira indwi uwo muherezi aze asuzume ico gisekera, nicaba kitabandanije kiba kinini, ata bwoya bw’umuhondo buri muri co, 33 baze bamumwe ariko ahagwaye bahareke, hanyuma uwo muherezi amusubize ha hantu ha wenyene iyindi misi indwi. 34 Ku musi ugira indwi umuherezi aze asuzume ca gisekera, nicaba kitabandanije kiba kinini kandi kitimburutse, umuherezi aze amenyeshe ko uwo muntu adahumanye. Aze amesure impuzu ziwe, aho azoba yejejwe. 35 Ariko nicabandanya caguka umuherezi amaze kumenyesha ko yahumanutse, 36 umuherezi aze amusuzume, asanze caragutse, uwo muherezi ntaze arinde kuraba ko umushatsi usa n’umuhondo; uwo muntu azoba ahumanye. 37 Ariko niyasuzuma agasanga nta cahindutse kandi haratanguye kumera umushatsi wirabura, ico gisekera kizoba kiriko kirakira. Azoba ahumanutse, kandi umuherezi aze amenyeshe ko uwo muntu adahumanye.

38 Umugabo canke umugore niyagira ibibara vyera ku mubiri, 39 umuherezi aze abisuzume. Ivyo bibara nivyaba vyera buhorobuhoro, izoba ari ingwara isanzwe yo ku rukoba; uwo muntu ntazoba ahumanye.

40 Umugabo avungutse umushatsi akagira ubuhanza, ntazoba ahumanye. 41 Avungutse umushatsi w’imbere akagira ubuhanza imbere, ntazoba ahumanye. 42 Ariko muri ubwo buhanza hagati canke mu ruhanga nihaza igisebe cera kandi kigomba gutukura, izoba ari imibembe yamufashe ku mutwe canke mu ruhanga. 43 Umuherezi aze amusuzume, niyasanga ico gisebe cera kandi kigomba gutukura nk’imibembe, 44 uwo muntu azoba agwaye kandi azoba ahumanye. Uwo muherezi aze amenyeshe ko uwo muntu ahumanye kubera ico gisebe kiri ku mutwe.

45 Umuntu azoba afise imibembe nk’iyo aze yambare impuzu zitabaguritse, ntaze asokoze umushatsi wiwe, kandi aze yipfuke ku munwa agende arasemerera ati: ‘Ndahumanye! Ndahumanye!’ 46 Aze agume ahumanye igihe cose azoba akigwaye. Azobe ukwiwe, inyuma y’aho mucumbitse.

Ivyagezwe vyerekeye ivyaguye ifira

47 Impuzu yose izojako ifira, yaba iyikozwe mu bwoya bw’intama canke iyijishwe mu nyuzi zera derere, 48 yaba impuzu ijishwe mu bwoya bw’intama canke mu nyuzi zera, haba ku nsato canke ikintu cose gikozwe mu rusato, 49 iryo fira ribonetse ku mpuzu, ku rusato, ku mwambaro ujishwe, canke ku gikozwe mu rusato, niryaba risa n’urwatsi rubisi canke ritukura, rizoba ari ifira rikwiye gusuzumwa n’umuherezi. 50 Umuherezi aze asuzume iryo fira kandi ashire ico kintu ririko ukwa conyene imisi indwi. 51 Ku musi ugira indwi aze agisuzume, niyasanga iryo fira ryagwiriye kuri iyo mpuzu, canke uwo mwambaro canke ico gitambara, canke urwo rusato, ico ari co cose gikoreshwa, izoba ari ingwara y’imibembe; ico kintu kizoba gihumanye. 52 Aze aturire iyo mpuzu, canke ico gitambara canke uwo mwambaro ujishwe mu bwoya bw’intama canke mu nyuzi zera, canke icakozwe mu rusato candukiwe n’iyo ngwara. Kubera ko iyo mibembe idashobora gukurwa muri ico kintu, kize giturirwe.

53 Ariko, umuherezi niyagisuzuma, agasanga rya fira ritabandanije rigwira kuri iyo mpuzu, ico gitambara canke uwo mwambaro, canke ico kintu gikozwe mu rusato, 54 aze ategeke ko ico gikoresho kimesurwa. Hanyuma aze asubire agishire ahantu ha conyene iyindi misi indwi. 55 Ico gikoresho kimaze kumesurwa, umuherezi aze asubire agisuzume, niyasanga iryo fira ritahindutse uko ryari risanzwe risa, naho ritoba ryagwiriye, ico gikoresho kizoba gihumanye, muze mugiturire, naho uwo mubembe woba wafatiye ku ruhande rumwe canke urundi. 56 Uwo muherezi niyagisuzuma, agasanga rya fira ryumye ico gikoresho kimaze kumesurwa, aze atabure ico gice c’iyo mpuzu canduye, canke c’urwo rusato, c’ico gitambara canke c’uwo mwambaro ujishwe. 57 Ariko niryasubira kuboneka kuri iyo mpuzu, kuri uwo mwambaro ujishwe, kuri ico gitambara canke ku cakozwe mu rusato, iryo fira rizoba ryagwiriye, bazoce baturira ico kintu kizoba gifise iryo fira ico ari co cose. 58 Iyo mpuzu, uwo mwambaro ujishwe, ico igitambara canke ico kintu gikozwe mu rusato cari camesuwe kigakurwako iryo fira, kize gisubire kimesurwe ubwa kabiri, kugira ngo kibe igihumanutse.

59 Ivyo ni vyo vyagezwe bigenga ivyandukijwe n’ifira, vyaba ari impuzu zikozwe mu bwoya bw’intama canke mu nyuzi zera, ibitambara, imyambaro ijishwe canke ikintu cose gikozwe mu rusato, kugira ngo bimenyekane ko bihumanye canke bidahumanye."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-