Publicidade

Levítico 16

Umusi w’inzamba

1 Uhoraho yaravuganye na Mose inyuma y’urupfu rwa ba bahungu babiri ba Aroni bapfuye igihe begera Uhoraho bafise umuriro utari wo imbere yiwe. 2 Uhoraho abwira Mose ati: "Bwira mukuru wawe Aroni ntaze yinjire uko yishakiye Ahera Cane inyuma ya ca gihuzu gikingiriye imbere ya wa mupfundikizo batangirako ibimazi vyo kwicungura uri kw’Isandugu y’Isezerano, kugira ngo ntapfe; kuko nzobonekera mu gicu hejuru ya wa mupfundikizo utangirwako ikimazi co gucungura.

3 Uku ni ko Aroni azokwinjira Ahera Cane: azoshikane ishuri kw’ikimazi c’ivyaha n’impfizi y’intama kw’ikimazi co guturirwa. 4 Aze yambare umwambaro wiwe wera ujishe mu nyuzi zera derere, hamwe n’ibutura rijishe muri izo nyuzi nyene ngo ahishe ubwambure bwiwe; aze akenyeze wa mukanda wo mu nyuzi zera derere, yambare na ca gitambara cera derere. Izo ni impuzu zera; ni co gituma azobanza kwiyuhagira n’amazi imbere y’uko azambara. 5 Aze ashikane n’isuguru z’impene zivuye mu Bisirayeli kw’ikimazi c’ivyaha n’impfizi y’intama kw’ikimazi co guturirwa.

6 Aroni aze atange iyo shuri kw’ikimazi c’ivyaha vyiwe kugira ngo yitangire ishikanwa we n’umuryango wiwe. 7 Hanyuma aze afate za suguru z’impene azizane imbere y’Uhoraho ku muryango w’Ihema ry’Ibonaniro. 8 Aze akoreshe ubupfindo kuri izo mpene kugira ngo amenye iyegukira Uhoraho n’iyo gutabwa mu bugaragwa. 9 Aroni aze afate iyo ubupfindo bweguriye Uhoraho ayitange kw’ikimazi c’ivyaha. 10 Ariko iyerekanywe ko ari iyo gutabwa mu bugaragwa izozanwe imbere y’Uhoraho ikiri nzima kugira ngo ikoreshwe nk’ikimazi co gucungura bazorungika mu bugaragwa nk’impene yo gutabwa.

11 Aroni aze ashikane ya shuri kw’ikimazi ciwe c’ivyaha kugira ngo yitangire ikimazi ku gatwe kiwe n’abiwe, aheze ayikerere ibe ikimazi c’ivyaha vyiwe. 12 Aze yakire ico kwokoza amakara yaka avuye ku gicaniro imbere y’Uhoraho ayore amashi abiri y’ifu inoze y’ibimota neza kandi ikaranze, hamwe n’ibimota neza ace avyinjirana inyuma ya ca gihuzu gikinze. 13 Aze ashire ivyo bimota neza kuri wa muriro imbere y’Uhoraho, hanyuma umwotsi uvuye muri ivyo bimota neza uzotwikira wa mupfundikizo utangirwako ikimazi co gucungura uri kw’Isandugu y’Isezerano, na we ntazoheza ngo apfe. 14 Aze ajane no ku maraso y’iyo shuri ace ayamijagira n’urutoke kuri wa mupfundikizo ku ruhande ruhera mu buseruko; aze ayamijagire kandi n’urutoke nyene incuro indwi imbere y’uwo mupfundikizo utangirwako ikimazi co gucungura.

15 Hanyuma azoce akerera ya mpene y’ikimazi c’ivyaha c’abantu, atware amaraso yayo inyuma ya ca gihuzu gikingiriye ayakoreshe nk’uko yakoze kuri ya yandi ya ya shuri: Azoyamijagire ku mupfundikizo utangirwako ikimazi co gucungura n’imbere yawo. 16 Ni muri ubwo buryo azotangira Ahera Cane ikimazi co gucungura kubera ubuhumane n’ubugarariji bw’Abisirayeli, uko ivyaha vyabo vyongana kwose. Aze agire atyo no ku bw’ihema ry’ibonaniro, kuko riri hagati muri bo, hagati mu buhumane bwabo. 17 Ntihaze hagire umuntu n’umwe yinjira mw’ihema ry’ibonaniro kuva igihe Aroni azoba yinjiye Ahera Cane gushika asohotse, amaze kwitangira impongano yiwe, iy’abo mu nzu yiwe hamwe n’iy’Abisirayeli bose.

18 Hanyuma aze asohoke aje ku gicaniro kiri imbere y’Uhoraho agitangire ikimazi na co nyene. Aze afate ku maraso ya ya shuri no ku ya ya suguru y’impene ayasige ku mahembe y’ico gicaniro. 19 Aze amijagire ayo maraso kuri co n’urutoke rwiwe incuro indwi kugira ngo agihumanure yongere aceze ubuhumane bwose bw’Abisirayeli.

20 Maze Aroni niyaheza gutangira impongano Ahera Cane, n’ihema ry’ibonaniro hamwe n’igicaniro, aze azane ya mpene ikibona. 21 Aze ayirambikeko ibiganza vyiwe vyompi ku mutwe yaturire kuri yo ukugabitanya n’ubugarariji bw’Abisirayeli, ivyaha vyabo vyose, abiremeke ku mutwe w’iyo mpene. Ahejeje azoce ayirungika mu bugaragwa ijanwe n’umuntu yatoranirijwe gukora ico gikorwa. 22 Iyo mpene izokwiremeka ivyaha vyabo vyose ibitware ahantu hatagira abantu; uwo muntu aze aheze ayirekurire mu bugaragwa.

23 Aroni azoce asubira yinjire mw’ihema ry’ibonaniro akure za mpuzu zera derere yambara imbere y’uko yinjira Ahera Cane, azisigeyo, 24 hanyuma yiyuhagirire n’amazi ahantu hera ace yambara impuzu ziwe zisanzwe. Azoce asohoka atange ca kimazi co guturirwa ciwe na ca kimazi co guturirwa c’abantu bose, kugira ngo yitangire ikimazi we ubwiwe hamwe n’abantu bose. 25 Azoce aturirira ku gicaniro ibinure vyavuye kuri ca kimazi c’ivyaha.

26 Wa muntu yatwara ya mpene yo gutabwa mu bugaragwa agarutse aze amesure impuzu ziwe yiyuhagire n’amazi; hanyuma ashobore kuja aho mucumbitse. 27 Ya shuri na ya suguru zatangwa nk’ibimazi vy’ivyaha, amaraso yavyo akajanwa Ahera Cane kugira ngo atangweko ikimazi co gucungura, bize bijanwe inyuma y’aho mucumbitse maze insato zavyo, inyama zavyo n’ivyo mu nda bize biturirwe. 28 Umuntu azobiturira aze amesure impuzu ziwe yiyuhagire n’amazi, abone kugaruka aho mucumbitse.

29 Iri rize ribe ibwirizwa rihoraho kuri mwebwe: ku musi ugira icumi w’ukwezi kw’indwi muze mwisonzeshe kandi ntihagire igikorwa na kimwe mukora, yaba uwavukiye muri mwebwe canke umunyamahanga aba muri mwebwe, 30 kuko kuri uwo musi hazoba gucungurwa kwanyu, kugira ngo muhumanurwe. Namwe muzoba mwejejwe ivyaha vyanyu vyose. 31 Izoba ari Isabato y’ukuruhuka, muze muwuruhukeko kandi mwisonzeshe; iri rize ribe ibwirizwa rihoraho. 32 Umuherezi yasizwe amavuta kandi yatoranirijwe gusubirira se wiwe nk’umuherezi mukuru ni we azotanga ikimazi co gucungura. Aze yambare za mpuzu zera derere, 33 atange ikimazi co gucungura Ahera Cane, ihema ry’ibonaniro, igicaniro, abaherezi n’abantu bose.

34 Iri rize ribe ibwirizwa rihoraho kuri mwebwe: ico kimazi co gucungura kizohora gitangwa rimwe mu mwaka gitangirwe ivyaha vyose vy’Abisirayeli."

Nuko baca bakora nk’uko Uhoraho yategetse Mose.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-