1 Uhoraho abarira Mose ati: 2 "Bwira Abisirayeli uti: ‘Umuntu niyacumura atabiteguye, agakora ibinyuranye n’ivyagezwe vy’Uhoraho, uku ni ko bizohora bigenda:
3 Abaye ari umuherezi yarobanujwe amavuta yacumuye, akazanira abantu gutsindwa n’urubanza, aze ashikanire Uhoraho ishuri itagira agasembwa kw’ikimazi atangiye icaha yakoze. 4 Aze azane iyo shuri mu rwinjiriro rw’Ihema ry’Ibonaniro imbere y’Uhoraho, arambike ikiganza ciwe ku mutwe wayo hanyuma ayikererere imbere y’Uhoraho. 5 Hanyuma uwo muherezi yarobanujwe amavuta aze afate igice c’amaraso y’iyo shuri ayatware mw’ihema ry’ibonaniro. 6 Aze akoze urutoke rwiwe muri ayo maraso aheze ayamijagire incuro indwi imbere y’Uhoraho, imbere y’igihuzu gikingiriye ahera ho mw’ihema. 7 Umuherezi aze yongere afate ikindi gice c’amaraso ayasige ku mahembe y’igicaniro baturirirako ibimota neza kiri imbere y’Uhoraho mw’ihema ry’ibonaniro. Amaraso asigaye y’iyo shuri aze ayasuke i ruhande y’igicaniro co guturirirako ibimazi kiri mu rwinjiriro rw’ihema ry’ibonaniro. 8 Aze akureko ibinure vyose kuri iyo shuri itangiwe ivyaha: ibinure vyose bifatanye n’ivyo mu nda, 9 amafyigo yompi n’ibinure biri kuri yo n’ibifatanye n’imbavu, igice kiri hejuru y’igitigu, ico azokuranamwo n’amafyigo, 10 nka kurya ibinure bikurwa ku mpfizi itangwa kw’ikimazi c’ishimwe. Umuherezi aze abituririre ku gicaniro co guturirirako ibimazi. 11 Ariko urusato rw’iyo shuri, inyama zayo, umutwe, amaguru, ivyo mu nda vyose n’insogi, 12 ni ukuvuga ibisigaye vyose vyo kuri yo; aze abifate abijane inyuma y’aho mucumbitse mu kibanza gihumanuwe, ahatabwa umunyota, abiturire n’umuriro ku nkwi zigeretse ku kirundo c’umunyota.
13 Igihe Abisirayeli bose ari bo bazoba bacumuye ariko batabishaka, bagakora ibinyuranye n’ivyagezwe vy’Uhoraho, naho abantu bose batomenya ko bacumuye, bazoba ari abo gutsindwa n’urubanza. 14 Nibamara gutahura icaha bakoze, Abisirayeli bose baze bazane ishuri kw’ikimazi c’ivyaha bayishikane imbere y’ihema ry’ibonaniro. 15 Abakuru bo mu Bisirayeli baze barambike ibiganza vyabo ku mutwe w’iyo shuri imbere y’Uhoraho, hanyuma iyo shuri ikerererwe imbere y’Uhoraho. 16 Umuherezi yarobanujwe amavuta aze afate igice c’amaraso y’iyo shuri ayajane mw’ihema ry’ibonaniro. 17 Aze akoze urutoke rwiwe muri ayo maraso aheze ayamijagire incuro indwi imbere y’Uhoraho, imbere y’igihuzu gikingiriye ahera ho mw’ihema. 18 Aze asige igice c’ayo maraso ku mahembe y’igicaniro kiri imbere y’Uhoraho mw’ihema ry’ibonaniro. Amaraso asigaye aze ayasese hasi i ruhande y’igicaniro co guturirirako ibimazi kiri mu rwinjiriro rw’ihema ry’ibonaniro. 19 Aze akureko ibinure vyose kuri ico kimazi aheze abituririre ku gicaniro, 20 hanyuma ibisigaye abikore nk’uko bikorwa kw’ishuri y’ikimazi gitangirwa ivyaha. Uko ni ko umuherezi azotangira impongano ikoraniro ry’Abisirayeli, kandi bazoharirwa ivyaha vyabo. 21 Hanyuma aze afate ibice bisigaye vy’iyo shuri abikure aho bakoraniye, abiturire nk’uko bikorwa kw’ishuri itangirwa umuherezi yarobanujwe amavuta. Ico ni ikimazi gitangirwa ivyaha vy’ikoraniro ry’Abisirayeli ryose.
22 Uwurongoye abandi mu Bisirayeli niyacumura atabishaka, agakora ibinyuranye n’ivyagezwe vy’Uhoraho Imana yiwe, ariko we ntamenye ko yacumuye, na ho nyene azoba ari uwo gutsindwa n’urubanza. 23 Niyamara gutahura icaha yakoze, aze azane ikimazi c’isuguru y’impene itagira agasembwa, 24 hanyuma arambike ikiganza ciwe ku mutwe wayo, ace ayikererera aho bakererera ibimazi bituririrwa imbere y’Uhoraho. Ico ni ikimazi c’ivyaha. 25 Hanyuma umuherezi aze afate igice c’amaraso y’ico kimazi c’ivyaha ayasigishe urutoke ku mahembe y’igicaniro co guturirirako ibimazi hanyuma asese ayasigaye hasi i ruhande y’igicaniro. 26 Aze aturirire ibinure vyayo vyose ku gicaniro nk’uko baturira ibinure vy’ikimazi c’ishimwe. Uko ni ko umuherezi azotanga impongano y’icaha c’uwo mukuru mu Bisirayeli, kandi na we azoharirwa.
27 Abaye ari umuntu asanzwe muri mwebwe acumuye atabishaka, agakora ibinyuranye n’ivyagezwe vy’Uhoraho, naho atoba abizi ko yacumuye, na ho nyene azoba ari uwo gutsindwa n’urubanza. 28 Niyamara gutahura icaha yakoze, aze atange impene y’ishashi itagira agasembwa nk’ikimazi c’icaha ciwe. 29 Aze arambike ikiganza ku mutwe w’ico kimazi c’ivyaha hanyuma agikererere mu kibanza c’ibimazi biturirwa n’umuriro. 30 Hanyuma umuherezi aze afate igice c’amaraso y’ico kimazi ayasigishe urutoke ku mahembe y’igicaniro co guturirirako ibimazi hanyuma asese ayasigaye hasi i ruhande y’igicaniro. 31 Aze akureko ibinure vyose, nk’uko bigenda ku kimazi c’ishimwe, maze umuherezi abituririre ku gicaniro c’ishikanwa rimota neza rinezereza Uhoraho. Uko aze abe ari ko umuherezi amutangira impongano, na we azoharirwa.
32 Naho niyatanga umwagazi w’intama kw’ikimazi c’icaha, aze atange iyivyara itagira agasembwa. 33 Aze arambike ikiganza ku mutwe w’ico kimazi hanyuma agikererere aho basanzwe bakererera ibimazi nk’ivyo bitangirwa ivyaha. 34 Hanyuma umuherezi aze yakire igice c’amaraso y’ico kimazi gitangiwe icaha, ayasigishe urutoke ku mahembe y’igicaniro co guturirirako ibimazi, asese ayasigaye hasi i ruhande y’igicaniro. 35 Aze akure ibinure vyose kuri ico kimazi nk’uko ibinure bisanzwe bikurwa ku mwagazi w’intama utanzwe kw’ikimazi c’ishimwe, hanyuma umuherezi abituririre ku gicaniro hejuru y’amashikanwa ashikanirwa Uhoraho. Uko ni ko umuherezi azomutangira impongano y’icaha yakoze, na we azoharirwa.