Publicidade

Levítico 23

Ikirangamisi c’imisi mikuru

1 Uhoraho abwira Mose ati: 2 "Vugana n’Abisirayeli ubabwire uti: ‘Iyi ni yo misi mikuru nashinze, jewe Uhoraho, iyo mukwiye gutangaza no kumenyesha ko ari iyera.

Isabato

3 Mufise imisi itandatu yo gukora, ariko umusi ugira indwi ni Isabato yo kuruhuka, umusi w’ihuriro ryera. Ntimuze mugire igikorwa na kimwe mukora kuri uwo musi; aho muba hose, izoba ari Isabato y’Uhoraho.

Pasika n’imikate itarimwo umwambiro

4 Iyi ni yo misi mikuru Uhoraho yashinze, amakoraniro yera mukwiye kumenyesha mu bihe vyayo: 5 Pasika y’Uhoraho itangura ku mugoroba izuba rirenze ku musi ugira icumi na kane w’ukwezi kwa mbere. 6 Ku musi ugira icumi na gatanu w’ukwo kwezi, hazoba umusi mukuru w’imikate itambiye w’Uhoraho; muze mumare imisi indwi murya imikate itarimwo umwambiro. 7 Ku musi wa mbere muze mugire ikoraniro ryera kandi ntimuze mugire igikorwa muwukorako. 8 Muze mumare imisi indwi mushikanira Uhoraho ikimazi co guturirwa. Hanyuma ku musi ugira indwi muze mugire ikoraniro ryera kandi ntimuze mugire igikorwa muwukorako.’ "

Umusi mukuru w’ivyeze ubwa mbere

9 Uhoraho abwira Mose ati: 10 "Vugana n’Abisirayeli ubabwire uti: ‘Nimwinjira mu gihugu ngiye kubaha, hanyuma mukimbura ivyeze muri co, muze muzanire umuherezi umukama w’ivyeze imbere y’ibindi mu vyo mwimbuye. 11 Na we aze azungagize uwo mukama imbere y’Uhoraho, na wo uzokwemerwa ku bwanyu; uwo muherezi aze awuzungagize ku musi ukurikira Isabato. 12 Ku musi wo kuzungagiza uwo mukama, muze mutange umwagazi w’intama umaze umwaka kandi utagira agasembwa kw’ikimazi co guturirwa, 13 hamwe n’ishikanwa ry’ifu ingana na bibiri vy’icumi vy’ingero efa y’ifu inoze neza ivanze n’amavuta; ishikanwa ryo guturirwa rishikaniwe Uhoraho, ubumote bwiza; hamwe n’ishikanwa ry’ica kane c’ingero hini y’umuvinyu. 14 Ntimuze murye umukate n’umwe, intete zikaranze canke intete nshasha, kugeza kuri uwo musi muzotanga ico kimazi ku Mana yanyu. Iri rize ribe ibwirizwa rihoraho uko urunganwe ruzogenda rukurikirana n’urundi, aho muzoba muba hose.

Umusi mukuru w’amayinga

15 Kuva ku musi ukurikira isabato, ari wo musi mwazanyeko wa mukama w’ishikanwa ryo kuzunguza, muze muharure amayinga indwi yuzuye. 16 Muze muharure imisi mirongo itanu kugeza ku musi ukurikira Isabato igira indwi, hanyuma muce mutanga ishikanwa ry’ifu nshasha k’Uhoraho. 17 Kuva aho muba hose, muze muzane imikate ibiri, umwe wose ukozwe muri bibiri vya cumi vy’ingero efa y’ifu inoze neza, kandi ikaranze irimwo n’umwambiro, nk’ishikanwa ryo kuzungagiza ry’ivyeze imbere y’ibindi rishikaniwe Uhoraho. 18 Muze mutange uwo mukate hamwe n’impfizi z’intama indwi zikiri imyagazi, umwagazi wose uzobe umaze umwaka kandi utagira agasembwa, n’ishuri ikiri nto n’impfizi zibiri z’intama; ivyo bibe ibimazi vyo guturirirwa Uhoraho, ishikanwa ritanzwe hamwe n’amashikanwa y’ifu n’amashikanwa y’ibinyobwa bijanye, ari ryo shikanwa riturirwa rikaba ubumote bwiza buhimbara Uhoraho. 19 Hanyuma muze mushikane isuguru y’impene, ibe ikimazi c’ivyaha, hamwe n’imyagazi y’intama ibiri, imaze umwaka, ibe ikimazi c’ishimwe. 20 Umuherezi aze azungagize iyo myagazi ibiri imbere y’Uhoraho nk’ishikanwa ryo kuzungagiza, hamwe na wa mukate ukozwe mu vyimburwa vyeze imbere y’ibindi. Bizoba ari ishikanwa ryera k’Uhoraho kandi rizoba ari iry’umuherezi. 21 Kuri uwo musi nyene, muze mutangaze ikoraniro ryera kandi ntihaze hagire igikorwa na kimwe mukora. Iryo rize ribe itegeko rihoraho uko urunganwe ruzokurikirana n’urundi, aho muzoba muba hose.

22 Nimwimbura ivyo mu gihugu canyu, ntimuze mwimbure ivyameze hirya y’urubibe rwanyu canke ngo musubire inyuma gutoragura ivyasigaye mu mirima. Muze mubirekere abakene n’inyambukira. Ndi Uhoraho Imana yanyu.’ "

Umusi mukuru w’Inzamba

23 Uhoraho abwira Mose ati: 24 "Barira Abisirayeli uti: ‘Umusi wa mbere w’ukwezi kw’indwi muze muwuruhukeko, ribe ikoraniro ryera muhimbarisha kuvuza inzamba. 25 Ntimuze mugire igikorwa muwukorako ariko muze mushikanire Uhoraho ikimazi co guturirwa.’ "

Umusi w’impongano

26 Uhoraho abwira Mose ati: 27 "Umusi ugira icumi w’uko kwezi kw’indwi uzobe umusi wo gutanga ikimazi co kwicungura. Muze mugire ikoraniro ryera mwisonzeshe, kandi mushikanire Uhoraho ikimazi co guturirwa. 28 Ntimuze mukore kuri uwo musi, kuko uzoba ari umusi wo gutanga ikimazi co kwicungura, umusi mutangirako ikimazi gituma mwemerwa n’Uhoraho Imana yanyu. 29 Umuntu wese atazokwisonzesha kuri uwo musi aze arandurwe mu bwoko bwiwe. 30 Nzorandura mu muryango wiwe umuntu wese azogira ico akoze kuri uwo musi. 31 Ntihaze hagire ikintu na kimwe mukora. Iri rize ribe itegeko rihoraho uko urunganwe ruzogenda rukurikirana n’urundi, aho muzoba muba hose. 32 Izoba ari Isabato yo kuruhuka kuri mwebwe, kandi muze mwisonzeshe. Kuva ku mugoroba w’umusi ugira icenda w’uko kwezi gushika ku mugoroba ukurikira muze mwitondere Isabato yanyu."

Umusi mukuru w’insago

33 Uhoraho abwira Mose ati: 34 "Barira Abisirayeli uti: ‘Ku musi ugira icumi na gatanu w’ukwezi kw’indwi ni ho umusi mukuru w’Uhoraho w’insago uzoba utanguye, kandi uzomara imisi indwi. 35 Umusi wa mbere uze ube uw’ikoraniro ryera; ntimuze muwukoreko igikorwa na kimwe. 36 Muze mumare imisi indwi mushikanira Uhoraho ibimazi vyo guturirwa, hanyuma ku musi ugira umunani muze mugire ikoraniro ryera, mushikane ibimazi bituririrwa Uhoraho. Rizoba ari ikoraniro ryo gusozera; ntimuze mugire igikorwa na kimwe muwukorako.

37 (Iyo ni yo misi mikuru itegetswe n’Uhoraho. Muze muyihimbaze mukoranya amakoraniro yejejwe yo gutanga kw’ibimazi vyo guturirira Uhoraho, ibimazi vyo guturirwa n’amashikanwa y’ifu, ibimazi n’amashikanwa vy’ibinyobwa vyategetswe ku musi ku musi. 38 Ivyo bimazi ni ibizoba vyiyongera kuri bimwe bitangwa ku masabato y’Uhoraho no kuri vya bimazi mutanga nk’ingabire, no kuri bimwe vyo gushitsa isezerano n’ivyo mutanga muvyishakiye mukabishikanira Uhoraho.)

39 Nuko rero kuva ku musi ugira icumi na gatanu w’ukwezi kw’indwi, mumaze kwimbura ivyimburwa vyo mu gihugu, muze muhimbaze umusi mukuru w’Uhoraho uzomara imisi indwi; umusi wa mbere uzoba ari uwo kuruhuka, n’umusi w’umunani na wo nyene ni uwo kuruhuka. 40 Ku musi wa mbere muze muzane ibirusha ibindi kuba vyiza mu vyamye ku biti, amashami y’ibigazi, amashami y’ibiti vy’amababi maninimanini n’ibiti bimera i ruhande y’amazi atemba, hanyuma munezererwe imbere y’Uhoraho Imana yanyu kumara imisi indwi. 41 Muze muwuhimbaze nk’umusi mukuru w’Uhoraho uzomara imisi indwi uko umwaka utashe. Iri rize ribe itegeko rihoraho uko urunganwe ruzogenda rukurikirana n’urundi; muze muwuhimbaze mu kwezi kw’indwi. 42 Muze mube mu nsago kumara imisi indwi: Abisirayeli bose b’imvukira baze babe mu nsago 43 kugira ngo abana banyu baze bamenye ko jewe natumye Abisirayeli baba mu nsago igihe nabakura mu gihugu ca Egiputa. Ndi Uhoraho Imana yanyu.’ "

44 Nuko Mose amenyesha Abisirayeli imisi mikuru yose yashinzwe n’Uhoraho.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-