Publicidade

Levítico 3

Ikimazi c’ishimwe

1 Niwatanga ikimazi c’ishimwe kivuye mu bitungwa bininibinini, uze ushikane imbere y’Uhoraho ishuri canke inka ivyara, ariko itagira agasembwa. 2 Uwutanze ico kimazi aze arambike ikiganza ciwe ku mutwe waco hanyuma agikererere ku muryango w’Ihema ry’Ibonaniro. Maze abaherezi bene Aroni baze bamijagire amaraso yaco ku mpande zose z’igicaniro. 3 Aze akure kuri ico kimazi c’ishimwe ivyo gushikanira Uhoraho nk’ishikanwa ryo guturirwa n’umuriro rigizwe n’ibi bikurikira: ibinure vyose bifatanye n’ivyo mu nda, 4 amafyigo yompi n’ibinure biri kuri yo n’ibiri ku mbavu hamwe n’igice cose gipfutse igitigu, ico azokuranako n’amafyigo. 5 Ivyo vyose bene Aroni baze babituririre ku gicaniro, hejuru y’ikimazi co guturirwa kigeretse ku nkwi; iryo ni ishikanwa rituriwe n’umuriro, rimota neza, rinezereza Uhoraho.

6 Naho niyatanga ikimazi c’ishimwe kivuye mu bitungwa bitobito nk’ikimazi ashikaniye Uhoraho, kizobe ari isuguru canke iyivyara, ariko itagira agasembwa. 7 Niyatanga intama, aze ayijane imbere y’Uhoraho, 8 ashire ikiganza ku mutwe wayo imbere y’ihema ry’ibonaniro, hanyuma ayikererereho. Maze abaherezi bene Aroni baze bamijagire amaraso yayo ku mpande zose z’igicaniro. 9 Kuri ico kimazi c’ishimwe aze ashikanire Uhoraho ishikanwa ryo guturira ku gicaniro rigizwe n’ibi bikurikira: ibinure vyaco, umurizo wose uko bazoba bawukuye ku ruti rw’umugongo, ibinure vyose bifatanye n’ivyo mu nda, 10 amafyigo yompi n’ibinure biri kuri yo n’ivyo mu mbavu, n’igice gipfutse igitigu, ico azokurirako rimwe n’amafyigo. 11 Umuherezi aze abituririre ku gicaniro nk’imfungurwa zituriwe n’umuriro zishikaniwe Uhoraho.

12 Ico kimazi nicaba ari impene, aze akizane imbere y’Uhoraho, 13 arambike ikiganza ciwe ku mutwe waco hanyuma agikererere imbere y’ihema ry’ibonaniro. Aze aheze amijagire amaraso yaco ku mpande zose z’igicaniro. 14 Ku kimazi yatanze aze akureko ishikanwa ry’Uhoraho ryo guturirwa n’umuriro ry’ibihimba bikurikira: ibinure vyose bipfutse ivyo mu nda canke ibifatanye na vyo, 15 amafyigo yompi n’ibinure biri kuri yo n’ivyo mu mbavu, n’igice gipfutse igitigu, ico azokurirako rimwe n’amafyigo. 16 Umuherezi aze abituririre ku gicaniro nk’imfungurwa zishikaniwe Uhoraho, bibe ishikanwa rimota neza. Ibinure vyose ni ivy’Uhoraho.

17 Iri ni ibwirizwa ry’intahava uko urunganwe ruzogenda rukurikirana n’urundi, aho muzoba muri hose: ntimuze murye ibinure canke amaraso.’ "

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-