1 Uhoraho abwira Mose ati: 2 "Ubarire Abisirayeli bazane amavuta ya elayo ateguwe neza yo gucana amatara, kugira ngo azogume yaka ibihe vyose. 3 Mw’Ihema ry’Ibonaniro, hino y’igitambara gikingira Isandugu y’Isezerano, ni ho Aroni azoyatereka kugira ngo yame yaka adahengeshanya imbere y’Uhoraho, kuva ku mugoroba gushika mu gitondo. Iryo rize ribe ibwirizwa rihoraho uko urunganwe ruzogenda rukurikirana n’urundi. 4 Ayo matara aze yame ashirwa ku giterekwako amatara c’inzahabu itavanze imbere y’Uhoraho ubudasiba.
5 Muze mufate ifu mucumbe imikate icumi n’ibiri, mukoresheje bibiri vya cumi vy’ingero efa ku mukate umwe umwe. 6 Muze muyitondeke ku mirongo ibiri, ku murongo wose hajeko itandatu itandatu, ku meza ikozwe mu nzahabu itavanze imbere y’Uhoraho. 7 Muze mushire ibimota neza i ruhande y’umurongo wose, bibe ku mikate nk’icibutso, nk’ishikanwa riturirwa imbere y’Uhoraho. 8 Iyo mikate ize yame ishirwa imbere y’Uhoraho ubudasiba, uko Isabato ikurikirana n’iyindi, kubw’Abisirayeli, nk’isezerano ridahera. 9 Izoba ari iya Aroni n’abahungu biwe, na bo baze bayirire ahera, kuko ari umugabane wera cane bagerewe kuzohora baronka ku mashikanwa atuririwe Uhoraho."
10 Umusi umwe habaye amatati aho bari bacumbitse, hagati y’Umwisirayeli n’umuhungu yari afise se w’Umunyegiputa na nyina w’Umwisirayelikazi. 11 Maze uwo muhungu w’Umunyegiputa n’Umwisirayelikazi atuka rya Zina ararivuma; maze baca bamuzanira Mose. (Nyina wiwe yitwa Shelomite, umukobwa wa Diburi wo mu muryango wa Dani.) 12 Baca bamushira mw’ibohero gushika bamenyeshejwe neza ubugombe bw’Uhoraho.
13 Nuko Uhoraho abwira Mose ati: 14 "Sohora uwo yatutse izina ryanje inyuma y’aho mucumbitse. Maze abamwumvise bose babe ari bo barambika ibiganza ku mutwe wiwe, maze ikoraniro ryose rimwicishe amabuye. 15 Bwira Abisirayeli uti: ‘Nihagira uwuvuma Izina ry’Imana yiwe, azobizira; 16 umuntu wese azotuka izina ry’Uhoraho aze yicwe. Ikoraniro ryose rize rimwicishe amabuye. Yaba imvukira canke umunyamahanga aba muri mwebwe; niyatuka iryo zina, aze yicwe.
17 Nihagira uwica umuntu, na we aze yicwe. 18 Nihagira uwica igitungano c’uwundi aze akirihe, ubugingo bwishurwe ubundi. 19 Umuntu niyakomeretsa mugenziwe, ico azoba yakoze na we aze agikorerwe. 20 Imvune ihorwe iyindi, ijisho rihorwe irindi, iryinyo rihorwe irindi. Uko azoba yakomerekeje mugenziwe, na we aze abe ari ko akomeretswa. 21 Uwishe igikoko aze akirihe, ariko uwishe umuntu aze yicwe. 22 Muze mugire itegeko rimwe ku munyamahanga n’imvukira. Ndi Uhoraho Imana yanyu.’ "
23 Nuko Mose avugana n’Abisirayeli, na bo bafata wa muntu yatutse izina ry’Uhoraho bamujana inyuma y’aho bacumbitse. Abisirayeli bakora nk’uko Uhoraho yari yategetse Mose.