Publicidade

Levítico 14

Uguhumanurwa kw’umunyamibembe

1 Uhoraho abwira Mose ati: 2 "Ibi ni vyo vyagezwe bigenga uguhumanurwa kw’umunyamibembe, igihe azoba aje imbere y’umuherezi: 3 Uwo muherezi aze aje inyuma y’aho bacumbitse aheze amusuzume. Uwo muntu niyaba yakize imibembe, 4 umuherezi aze avuge ko bamuzanira ivyo guhumanura uwo akwiye guhumanurwa: inyoni zibiri zidahumanye kandi zibona, igiti c’isederi, ubwoya bw’intama bwasizwe irangi ritukura n’ishami rya ezobu. 5 Hanyuma umuherezi aze ategeke ko bakererera imwe muri izo nyoni hejuru y’amazi meza ari mw’ibesani ikozwe mw’ibumba. 6 Hanyuma aze afate ya nyoni ikibona ayibize muri ya mazi arimwo ya maraso ya ya nyoni yakererwa, hamwe na ca giti c’isederi, na bwa bwoya bw’intama na ya ezobu. 7 Aze amijagire ayo maraso incuro indwi kuri wa muntu akwiye guhumanurwa imibembe yiwe, ace yatura ko ahumanuwe. Aze aheze arekure ya nyoni ibona yigurukire mu kirere.

8 Uwo muntu ahumanuwe azoce amesa impuzu ziwe, yimoshe umushatsi wose kandi yoge umubiri wose; aho azoba ahumanutse. Ivyo biheze ashobora kugaruka aho mucumbitse, ariko aze agume hanze ntaze yinjire mw’ihema ryiwe imisi indwi idaheze. 9 Ku musi ugira indwi aze yimoshe umushatsi wose; aze akure umushatsi wo ku mutwe wiwe, ubwanwa bwiwe, ingohe zo ku maso yiwe, n’ubwoya aho buri hose ku mubiri, aze amesure impuzu ziwe yiyoge umubiri wose, aho azoba ahumanutse.

10 Ku musi ugira umunani aze ashikane imyagazi ibiri y’intama y’isuguru imaze umwaka, hamwe n’umwagazi w’intama uvyara umwe umaze umwaka, kandi yose izobe itagira agasembwa, ayishikane iri kumwe na bitatu vya cumi vy’ingero efa y’ifu inoze neza ivanze n’amavuta bibe ikimazi c’ifu hamwe n’ingero logi imwe y’amavuta. 11 Umuherezi ajejwe kumuhumanura aze ashire imbere y’Uhoraho uwo muntu ahumanurwa hamwe n’amashikanwa yiwe imbere y’Ihema ry’Ibonaniro.

12 Umuherezi aze afate umwe muri iyo myagazi y’intama y’isuguru awutangeko ikimazi c’indishi, hamwe na ya ngero logi y’amavuta; aze abizungagize imbere y’Uhoraho nk’ishikanwa ryo kuzungagiza. 13 Aze akererere uwo mwagazi ahera aho basanzwe bakererera ibimazi vy’ivyaha n’ibimazi vyo guturirwa. Nk’uko bigenda ku kimazi c’ivyaha, ikimazi c’indishi ni ic’umuherezi; kandi ni icera cane. 14 Umuherezi aze afate amwe ku maraso y’ikimazi c’indishi ayasige ku gutwi kw’i buryo kw’uwo muntu akwiye guhumanurwa, ku rukumu rwo ku kiganza ciwe c’i buryo no kw’ino rikuru ry’ikirenge ciwe c’i buryo. 15 Hanyuma umuherezi aze yakire kuri ya ngero logi amavuta make ayasuke mu kiganza ciwe c’i bubamfu, 16 akozemwo urutoke rwiwe rukurikira urukumu rw’ikiganza ciwe c’i buryo, ace ayamijagira n’urwo rutoke incuro indwi imbere y’Uhoraho. 17 Umuherezi aze afate amavuta asigaye muri ca kiganza ciwe ayasige ku gutwi kw’i buryo kw’uwo muntu akwiye guhumanurwa, no ku rukumu rwiwe rw’i buryo no kw’ino rikuru ryiwe ry’i buryo, hejuru y’aho yasize ya maraso ya ca kimazi c’indishi. 18 Amavuta azosigara mu kiganza azoce ayasiga ku mutwe w’uwo muntu akwiye guhumanurwa, amutangire ikimazi co kumucungura imbere y’Uhoraho.

19 Inyuma y’ivyo, umuherezi aze atange ca kimazi c’ivyaha co gucungura uwo akwiye guhumanurwa, kugira ngo ntagume ahumanye. Umuherezi aze akerere ico kimazi co guturirwa, 20 ace agitanga ku gicaniro, hamwe na rya shikanwa ry’ifu, amutangire ikimazi kimucungura, na we azoba ahumanuwe.

21 Ariko niyaba ari umukene adashobora kuronka ivyo, azoshikane umwagazi w’intama umwe w’impfizi ube ikimazi c’indishi, ishikanwa ryo kuzungagiza kugira ngo ribe ikimazi co kumucungura. Azowushikane uri kumwe n’ic’icumi c’ingero efa y’ifu inoze neza ivanze n’amavuta nk’ishikanwa ry’ifu hamwe n’ingero logi imwe y’amavuta, 22 intunguru zibiri zikiri nto canke inuma, ivyo ashobora kuronka; kimwe kizoba ari ikimazi c’ivyaha, ikindi kizoba ari ikimazi co guturirwa.

23 Ku musi ugira umunani, aze abishire umuherezi kugira ngo abone guhumanurwa, abimushikirize mu rwinjiriro rw’ihema ry’ibonaniro, imbere y’Uhoraho. 24 Uwo muherezi aze yakire wa mwagazi w’intama w’ikimazi c’indishi na ya ngero logi y’amavuta, abizungagize imbere y’Uhoraho nk’ishikanwa ryo kuzungagiza. 25 Aze akerere uwo mwagazi w’ikimazi c’indishi, ace afata amaraso yawo, amwe ayasige ku gutwi kw’i buryo kw’uwukwiye guhumanurwa, ku rukumu rwiwe rw’ikiganza c’i buryo no kw’ino rikuru ry’ikirenge c’i buryo. 26 Uwo muherezi aze asuke ayo mavuta mu kiganza ciwe c’i bubamfu, 27 ace amijagira ayo maraso incuro indwi imbere y’Uhoraho n’urutoke rwiwe rukurikira urukumu. 28 Aze afate amavuta makeya kuri ayo ari mu kiganza c’i bubamfu ayashire hamwe yashira amaraso ya ca kimazi c’indishi: ku gutwi kw’i buryo, ku rutoke rw’urukumu rw’ikiganza c’i buryo no kw’ino rikuru ry’ikirenge c’i buryo. 29 Ayasigaye kuri ayo mavuta ari mu kiganza c’i bubamfu uwo muherezi aze ayasige ku mutwe wa wa muntu akwiye guhumanurwa, kugira ngo amutangire ikimazi co kumucungura imbere y’Uhoraho. 30 Inyuma y’ivyo aze ashikane twa duswi tw’inuma canke tw’intunguru, ivyo uwo muntu ashoboye kuronka, 31 kamwe agatange nk’ikimazi c’ivyaha akandi agatange nk’ikimazi co guturirwa, hamwe na rya shikanwa ry’ifu. Uko ni ko uwo muherezi azotanga ishikanwa ryo kwicungura imbere y’Uhoraho, aritangiye uwo akwiye guhumanurwa."

32 Ivyo ni vyo vyagezwe bigenga umuntu wese azoba yagwaye imibembe ariko akaba adashobora kuronka vya bimazi vyategetswe kugira ngo ashobore guhumanurwa.

Guhumanurwa kw’uwandujwe n’ifira

33 Uhoraho abwira Mose na Aroni ati: 34 "Nimwashika i Kanani, igihugu ngiye kubaha ngo kibe icanyu, ngateza ifira mu nzu kanaka muri ico gihugu, 35 nyene iyo nzu aze agende abimenyeshe umuherezi ati: ‘Nabonye igisa n’ifira mu nzu yanje.’ 36 Uwo muherezi aze asabe bakuremwo ibintu isigare igaragara imbere y’uko aja gusuzuma iryo fira, kugira ngo ntihagire na kimwe co muri iyo nzu kivugwa ko gihumanye. Hanyuma y’ivyo, umuherezi aze agende agendure iyo nzu. 37 Aze asuzume iryo fira ku mpome, niyasanga iryo fira rifise utunogonogo dusa n’urwatsi rubisi canke dutukura kandi dusa n’utwimburutse mu ruhome, 38 uwo muherezi aze asohoke aciye mu muryango w’iyo nzu, ace yugara iyo nzu imisi indwi. 39 Ku musi ugira indwi, uwo muherezi aze agaruke gusuzuma iyo nzu. Niyasanga iryo fira ryatandukiriye ahandi ku mpome, 40 aze ategeke bakureho amabuye yafashwe n’iryo fira, bace bayata mu kibanza gihumanye inyuma y’igisagara. 41 Aze asabe baharagure impome zose ku ruhande rw’imbere bace bata ivyo bivunguka mu kibanza gihumanye inyuma y’igisagara. 42 Hanyuma baze barondere ayandi mabuye yo gusubiriza ya yandi n’ivyo guhoma bishasha bisubirira ivyaharaguwe.

43 Iryo fira niryasubira kuboneka muri iyo nzu kandi bakuyeho amabuye n’ivyari bihomye kuri yo bakabisubiriza n’ibindi, 44 uwo muherezi aze asubire agende ayisuzume. Niyasanga iryo fira ryagwiriye mu nzu, izoba ari imibembe; iyo nzu izoba ihumanye. 45 Iyo nzu ize isamburwe. Amabuye yayo, imbaho zayo n’ivyo bakoresheje mu kuyihoma, bize bisamburwe bitabwe inyuma y’igisagara ahantu hahumanye.

46 Umuntu wese azokwinjira iyo nzu mu gihe izoba yugawe azoba ahumanye gushika ku mugoroba. 47 Umuntu wese azorira canke akarara muri iyo nzu aze amesure impuzu ziwe.

48 Ariko wa muherezi niyaza kuyisuzuma agasanga iryo fira ritabandanije rigwira bamaze kuyisiga bushasha, aze avuge ko iyo nzu idahumanye, kuko iryo fira rizoba ryaheze. 49 Mu guhumanura iyo nzu aze azane inyoni zibiri n’igiti c’isederi, n’ubwoya bw’intama busize irangi ritukura, hamwe na ezobu. 50 Aze akererere imwe muri izo nyoni hejuru y’ibesani ikozwe mw’ibumba irimwo amazi meza. 51 Hanyuma aze afate ca giti c’isederi, ya ezobu na bwa bwoya bw’intama busize irangi ritukura, na ya nyoni ibona, avyibize muri ya maraso ya ya nyoni yakererwa avanze na ya mazi meza, hanyuma amijagire iyo nzu incuro indwi. 52 Aze ahumanuze iyo nzu amaraso ya ya nyoni, ya mazi meza, ya nyoni ibona, ca giti c’isederi, ezobu na bwa bwoya bw’intama busizwe irangi ritukura. 53 Aze aheze arekure ya nyoni ibona yigurukire inyuma y’igisagara. Uko ni ko azotanga ikimazi co gucungura iyo nzu, na yo izoba ihumanuwe."

54 Ivyo ni vyo vyagezwe bigenga ubwoko bwose bw’imibembe, ibinyoro, 55 ifira mu mpuzu canke mu nzu, 56 ibihute, ibisekera n’ibibara, 57 kugira ngo vyerekane ko ikintu gihumanye canke kidahumanye.

Ivyo ni vyo vyagezwe bigenga ingwara zo ku rukoba no mu mpuzu.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-