1 Ku musi ugira umunani, Mose ahamagara Aroni n’abahungu biwe n’abakuru barongoye Abisirayeli. 2 Abarira Aroni ati: "Fata ishuri yo gutangwa nk’ikimazi gitangirwa ivyaha vyawe, ufate n’impfizi y’intama itangwa nk’ikimazi co guturirwa, zose zibe izitagira agasembwa, uzizane imbere y’Uhoraho. 3 Hanyuma ubarire Abisirayeli uti: ‘Mufate isuguru y’impene itangwa nk’ikimazi gitangirwa ivyaha; inyana n’umwagazi w’intama, vyose bimaze umwaka umwe kandi zitagira agasembwa, vyo gutangwa nk’ikimazi giturirwa, 4 muzane n’ishuri, n’impfizi y’intama vyo gutangwa kw’ikimazi c’ishimwe gitangirwa imbere y’Uhoraho, hamwe n’ishikanwa ry’ifu ivanze n’amavuta, kuko uwu musi Uhoraho agira abiyereke.’ "
5 Maze baca bafata vya bintu vyose nk’uko Mose yabibategetse babizana imbere y’Ihema ry’Ibonaniro, kandi ikoraniro ryose riregera rihagarara imbere y’Uhoraho. 6 Maze Mose arababwira ati: "Ibi ni vyo Uhoraho yabategetse gukora, kugira ngo ubwiza bw’Uhoraho bubone kubabonekera."
7 Mose abwira Aroni ati: "Niwegere igicaniro, utange ikimazi c’ivyaha vyawe hamwe n’ico guturirwa kugira ngo witangire ikimazi co kugucungura wewe n’ubwoko bwose; wongere utange ikimazi c’ihanga ryose kugira ngo ubatangire ikimazi co kubacungura, nk’uko Uhoraho yategetse."
8 Nuko Aroni yegera igicaniro akerera ya shuri y’ikimazi c’ivyaha vyiwe. 9 Abahungu biwe bamuzanira amaraso, akozamwo urutoke rwiwe muri ayo maraso aca ayasiga ku mahembe y’igicaniro, ayasigaye ayasesa hasi hambavu y’igicaniro. 10 Aca aturirira ku gicaniro ibinure, amafyigo n’igice gipfutse igitigu vya ca kimazi c’ivyaha, nk’uko Uhoraho yategetse Mose. 11 Inyama n’urusato abituririra hirya y’aho bacumbitse.
12 Hanyuma aca akerera ca kimazi co guturirwa. Abahungu biwe bamuzanira amaraso, ayasesa hirya no hino y’igicaniro. 13 Bamuhereza ca kimazi bagiciyemwo ibikenye, harimwo n’umutwe, abituririra ku gicaniro. 14 Hanyuma yoza ivyo mu nda n’amaguru abituririra ku gicaniro, hejuru ya ca kimazi caturiwe.
15 Nuko Aroni azana ca kimazi gitangirwa ihanga ryose. Afata ya mpene y’ikimazi c’ivyaha vyabo arayikerera ayitanga kw’ikimazi c’ivyaha nk’uko yari yabikoze kuri kimwe ca mbere c’ivyaha vyiwe.
16 Azana na ca kimazi co guturirwa agitanga nk’uko vyategetswe. 17 Aca azana na rya shikanwa ry’ifu, ayora ifu yuzuye urushi ayituririra ku gicaniro hamwe n’ikimazi co guturirwa co mu gitondo.
18 Akerera ya shuri na ya mpfizi y’intama vy’ikimazi c’ishimwe c’iryo hanga. Abahungu biwe bamuhereza amaraso, ayamijagira hirya no hino y’igicaniro. 19 Ariko imigabane y’ibinure vy’iyo shuri n’iyo mpfizi y’intama: umurizo, ibinure bipfutse ivyo mu nda, amafyigo n’igice gipfutse igitigu, 20 vyose abiremeka ku bikiriza vy’ivyo bitungwa bibiri, maze Aroni aturirira ivyo binure vyavyo ku gicaniro. 21 Aroni azungagiza ivyo bikiriza n’amatako y’i buryo imbere y’Uhoraho nk’ishikanwa ryo kuzungagiza, nk’uko Mose yabitegetse.
22 Nuko Aroni aterura amaboko ayarabisha ku bantu bose arabahezagira. Amaze gutanga ikimazi c’ivyaha, ico guturirwa n’ic’amahoro, arururuka ava ku gicaniro.
23 Mose na Aroni baca binjira mw’ihema ry’ibonaniro. Bavuyeyo, bahezagira abantu bose, maze ubwiza bw’Uhoraho bubonekera abantu bose. 24 Umuriro uva imbere y’Uhoraho utongora ca kimazi co guturirwa na ya migabane y’ibinure vyari ku gicaniro. Abantu bose babonye ivyo, barasemerera bavuza urwamo rw’umunezero baca bubama hasi.