Publicidade

Levítico 22

1 Uhoraho abwira Mose ati: 2 "Barira Aroni n’abahungu biwe bitondere cane amashikanwa Abisirayeli bateguye kunshikanira, kugira ngo ntibahumanye izina ryanje. Ndi Uhoraho.

3 Ubabwire uti: ‘Uko urunganwe ruzokurikirana n’urundi, nihagira umwe wo mu ruvyaro rwanyu azoba ahumanye ariko akegera amashikanwa yera Abisirayeli bangeneye jewe Uhoraho, uwo muntu aze akurwe imbere yanje. Ndi Uhoraho.

4 Uwo mu ruvyaro rwa Aroni azogwara imibembe canke akagira ibimuva mu bihimba vy’irondoka, ntaze arye ku bimazi vyera gushika igihe azohumanurirwa. Azoba kandi ahumanye niyakora ku kintu candujwe n’umuvyimba canke n’umuntu yasheshe imbuto ziwe, 5 canke niyakora ku gakoko gatoya kose gashobora kumuhumanya, canke ku muntu wese yomuhumanya, ubuhumane ubwo ari bwo bwose. 6 Uwuzokora ku kintu nk’ico azoba ahumanye gushika ku mugoroba. Ntaze yegere ibimazi vyera kiretse amaze kwiyuhagira n’amazi. 7 Izuba niryarenga, azoba ahumanuwe, hanyuma yaho azoba yemerewe kurya ku bimazi vyera, kuko ari imfungurwa ziwe. 8 Ntaze arye igikoko capfuye ata wucishe canke icatabaguwe n’ibikoko vyo mw’ishamba, kuko yohava avyiyandurisha. Ndi Uhoraho.

9 Abaherezi baze bitondere ivyo nihanikirije vyose kugira ngo ntibaze batsindwe n’urubanza bagahava bapfa bazize ko babikengereye. Ndi Uhoraho kandi ni jewe ndabeza.

10 Ntihaze hagire umuntu atari uwo mu muryango w’abaherezi, umushitsi agendeye umuherezi canke umukozi wiwe, arya ku bimazi vyera. 11 Ariko uwo muherezi niyagura umugurano n’amahera yiwe, canke niyaba ari umugurano yavukiye mu nzu yiwe, uwo mugurano ashobora kurya ku ndya ziwe. 12 Umukobwa w’umuherezi niyarongorwa n’uwundi muntu atari umuherezi, ntazoba yemerewe kurya ku vyera vyashikaniwe Imana. 13 Ariko umukobwa w’umuherezi niyaba umupfakazi canke akahukana, kandi ata bana araronka, hanyuma agasubira mu nzu kwa se nk’uko yari ari atararongorwa, azoba yemerewe kurya kuri izo ndya za se. Nta muntu n’umwe atabifitiye uburenganzira akwiye kurya kuri izo ndya.

14 Nihagira uwurya ku bimazi vyera atabizi, aze arihe uwo muherezi ico kimazi yariye yongereko ica gatanu c’ikiguzi caco. 15 Abaherezi ntibaze bakengereze ibimazi vyera Abisirayeli bashikaniye Uhoraho 16 mu kubemerera kubiryako bikabazanira gutsindwa, maze bigatuma batanga indishi. Ndi Uhoraho kandi ni jewe ndabeza.’ "

Ibimazi bitemerwa

17 Uhoraho abwira Mose ati: 18 "Vugana na Aroni n’abahungu biwe n’Abisirayeli bose uti: ‘Nihagira n’umwe wo muri mwebwe, yaba Umwisirayeli canke umunyamahanga aba muri mwebwe, azotanga impano y’ikimazi co guturirira Uhoraho, caba ari ico gushitsa isezerano canke ico atanze avyishakiye, 19 aze atange ishuri itagira agasembwa akuye mu busho bwiwe, intama canke impene, kugira ngo ikimazi ciwe cemerwe. 20 Ntimuze muzane igikoko na kimwe gifise agasembwa, kuko kitazokwemerwa nk’ikimazi mutanze. 21 Nihagira uwuzana ikivuye mu masho canke mu mikuku kw’ikimazi c’ishimwe k’Uhoraho co gushitsa isezerano canke co gushikana kuko avyishakiye, kize kibe ikitagira agasembwa canke umugayo kugira ngo cemerwe. 22 Ntimuze mushikanire Uhoraho icahumye, icamugaye canke icacitse amaboko canke amaguru, icagwaye urukoma canke uruhere canke ibisebe. Ntimuze muzane ku gicaniro ikimazi kimeze gityo ngo kibe ikimazi gishikaniwe Uhoraho giturizwa umuriro. 23 Mushobora kuzana ikimazi mutanze muvyishakiye; ishuri, intama canke impene ifise ukuguru canke ukuboko kugufi cane canke kurekure cane canke ngufi cane, ariko ntikizokwemerwa nk’ikimazi co gushitsa isezerano. 24 Ntimuze mushikanire Uhoraho igikoko gifise amatengatwa yamenetse, yajanjaguritse canke yacitse. Ntimuze mubikorere mu gihugu canyu, 25 kandi ntimuze mwemere ibikoko nk’ivyo mubihawe n’umunyamahanga ngo mubitange nk’imfungurwa z’Imana yanyu. Ntibizokwemerwa, kuko bimugaye kandi bifise agasembwa.’ "

26 Uhoraho abwira Mose ati: 27 "Nihavuka inyana, umwagazi w’intama canke w’impene, ize igumane na nyina imisi indwi. Kuva ku musi ugira umunani kubandanya, izoba yemewe gutangwa kw’ikimazi co guturirira Uhoraho. 28 Ntimuze mukerere inka canke intama n’inyana canke n’umwagazi wayo ku musi umwe.

29 Nimwatanga ikimazi co gukenguruka k’Uhoraho, muze mugitange ku buryo cemerwa. 30 Kize kiribwe kuri uwo musi nyene; ntimuze musigaze na kimwe gushika mu gitondo. Ndi Uhoraho.

31 Muze mwitwararike ivyo ndabategeka kandi mubigendere. Ni jewe Uhoraho. 32 Ntimuze mukengereze izina ryanje. Ukwera kwanje gukwiye kumenyekana mu Bisirayeli. Ni jewe Uhoraho nabejeje 33 ndabakuye mu gihugu ca Egiputa kugira ngo ndababere Imana. Ndi Uhoraho."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-