1 Uhoraho abwira Mose ati: 2 "Umuntu niyacumura k’Uhoraho mu guhemukira umubanyi wiwe, nk’akarorero akabesha ku vyerekeye ikintu yamugwatirije, yamutijije, yamwivye canke yamurenganije, 3 canke agatora ivyatakaye hanyuma ntamubwize ukuri ariko akarahira abesha, canke na ho agakora icaha co kuba icabona c’ibinyoma aho kuvugisha ukuri, canke agakora icaha ico ari co cose gisa n’ivyo; 4 niyacumura mu buryo na bumwe muri ubwo, azoba ashikiwe no gutsindwa n’urubanza. Aze asubize ico yivye canke yatwaye ku karenganyo, canke yari yagwatirijwe canke icari catakaye yatoye, 5 canke ico yari yarahiriye ibinyoma. Aze agisubize nyene co cose gikwiye, yongereko ica gatanu c’igiciro caco. Azogitange ku musi wo gutangirako ikimazi co gutunganya. 6 Mu gutanga ico kimazi c’indishi k’Uhoraho, aze ashire umuherezi impfizi y’intama itagira agasembwa ivuye mu mukuku kandi ifise igiciro gikwiranye n’iyo ndishi. 7 Uko azobe ari ko umuherezi amutangira ikimazi imbere y’Uhoraho, na we azobabarirwa ku co yakoze catumye aba uwo gutsindwa n’urubanza."
8 Uhoraho abwira Mose ati: 9 "Barira Aroni n’abahungu biwe uti: ‘Aya ni yo mabwirizwa agenga ibimazi vyo guturirwa: Ikimazi co guturirwa kize kigume ku gicaniro ijoro ryose gushika mu gitondo, kandi umuriro uze ugume waka ku gicaniro. 10 Umuherezi aze yambare impuzu ziwe zera, n’impuzu zo musi zera, hanyuma akure umunyota w’ico kimazi camaze guturirwa n’umuriro ku gicaniro awushire i ruhande y’igicaniro. 11 Maze azoce akura za mpuzu yambare izindi, hanyuma asohore wa munyota awujane inyuma y’aho mucumbitse awushire mu kibanza kidahumanye. 12 Umuriro wo ku gicaniro uze ugume waka, ntuze uzime. Mu gitondo umuherezi aze yame yongerako inkwi yongere ashireko ikimazi co guturirwa, aturire n’ibinure vy’ikimazi c’ishimwe. 13 Umuriro uze ugume waka ku gicaniro, ntuze uzime.
14 Ibi ni vyo vyashinzwe ngo bigenge ishikanwa ry’ivyimburwa bivamwo ifu: Aroni n’abahungu biwe baze barishikanire Uhoraho imbere y’igicaniro. 15 Umuherezi aze ayore urushi rw’ifu inoze neza ayivange n’amavuta ya elayo hamwe n’ibimota neza, abijane ku gicaniro, hanyuma aturirire ku gicaniro ako gace kugira ngo kabe icibutso, ubumote bwiza bunezera Uhoraho. 16 Aroni n’abahungu biwe baze barye iyisigaye, ariko baze bayirye batayivanze n’umwambiro kandi bayirire mu kibanza cejejwe, mu rugo rw’Ihema ry’Ibonaniro. 17 Ntize ikaranganwe n’umwambiro. Ndayibahaye nk’umugabane wabo kuri ayo mashikanwa banshikanira. Nk’uko biri ku kimazi c’ivyaha n’ikimazi c’indishi, ico kimazi kizoba icejejwe cane. 18 Umuhungu wese ava mu ruvyaro rwa Aroni ashobora kukiryako. Uwo ni umugabane wiwe w’imisi yose ku mashikanwa yo guturirwa ashikaniwe Uhoraho uko urunganwe ruzogenda rukurikirana n’urundi. Ikintu cose kizokora kuri iryo shikanwa kizoba cerejwe Uhoraho.’ "
19 Uhoraho yongera kubwira Mose ati: 20 "Iri rize ribe ishikanwa Aroni n’abahungu biwe bazoshikanira Uhoraho ku musi bazoba barobanujwe amavuta: ic’icumi c’ingero efa y’ifu inoze neza itangwa nk’ishikanwa ry’ifu ryama ritangwa ku musi, igice caryo aze agitange mu gitondo ikindi gice ku mugoroba. 21 Uze uyivange n’amavuta ya elayo hanyuma uyikarange kw’ipano, hanyuma ubizane bivanze neza bishikanwe nk’ishikanwa ry’ifu riri mu tumanyu dutoduto, ribe ubumote bwiza bunezera Uhoraho. 22 Umuhungu wiwe azomusubirira nk’umuherezi asizwe amavuta azobe ari we aritegura. Iryo ni ishikanwa rizokwamaho kandi ritegerezwa guturirwa ryose ntihagire igisigara. 23 Ishikanwa ry’ifu ritanzwe n’umuherezi rize riturirwe rihere; ntirize riribweko na gatoya."
24 Uhoraho abarira Mose ati: 25 "Bwira Aroni n’abahungu biwe uti: ‘Ibi ni vyo vyagezwe bigenga ikimazi gitangirwa ivyaha: ikimazi gitangirwa ivyaha kize gikerererwe imbere y’Uhoraho aho ikimazi co guturirwa gikerererwa, kizoba ari icera cane. 26 Umuherezi agishikanye aze akirye, akirire mu kibanza cejejwe, mu rugo rw’ihema ry’ibonaniro. 27 Kandi ikintu cose kizokora ku nyama zaco kizoba kibaye icera, kandi amaraso yaco niyatarukira ku mpuzu, uze uyimesurire ahantu hera. 28 Inkono y’ibumba izoteka izo nyama izoce imenwa. Ariko nizatekwa mu nkono ikozwe mu mwakaka, ize yozwe hanyuma irongororwe mu mazi. 29 Umuhungu wese wo mu muryango w’uwo muherezi aze akiryeko; kizoba ari icera cane. 30 Ariko ikimazi c’ivyaha ntikize kiribwe igihe amaraso yaco azoba yazanywe mw’ihema ry’ibonaniro Ahera nk’ikimazi c’ivyaha. Kize giturirwe mu muriro.