Publicidade

Levítico 18

Ibizira ku babirana

1 Uhoraho abwira Mose ati: 2 "Vugana n’Abisirayeli ubabwire uti: ‘Ndi Uhoraho Imana yanyu. 3 Ntimuze mukore nk’uko mwahora mukora muri Egiputa, aho mwahora muba, kandi ntimuze mukore nk’uko bakora mu gihugu c’i Kanani, aho ngiye kubinjiza. Ntimuze mwigane ivyo bakora. 4 Muze mwumvire ivyagezwe vyanje, mwitondere ivyo ndabategetse. Ndi Uhoraho Imana yanyu. 5 Muze mwitondere ivyo nashinze n’ivyagezwe vyanje, kuko umuntu wese azovyitondera azobeshwaho na vyo. Ndi Uhoraho.

6 Ntihaze hagire umuntu yegera incuti yiwe ya hafi ngo barangurane amabanga mpuzabitsina. Ndi Uhoraho.

7 Ntuze umaramaze so mu kuryamana na nyoko. Ni umuvyeyi wawe; ntuze uryamane na we.

8 Ntuze uryamane n’umugore wa so; kuko ni ukumaramaza so.

9 Ntuze uryamane na mushikawe, yaba uwo musangiye so gusa canke uwo musangiye nyoko gusa, yaba ari uwavukiye muri iyo nzu canke uwavukiye ahandi.

10 Ntuze uryamane n’umwuzukuru wawe, yaba uwo ku muhungu canke uwo ku mukobwa; ivyo ni ibiterasoni.

11 Ntuze uryamane n’umukobwa w’umugore wa so, uwo so yavyaranye na we; kuko ni mushikawe.

12 Ntuze uryamane na mushiki wa so, kuko ari incuti ya so ya hafi.

13 Ntuze uryamane n’umuvukanyi wa nyoko, kuko ari incuti ya nyoko ya hafi.

14 Ntuze umaramaze sowanyu mu kuryamana n’umugore wiwe; kuko ari nyogosenge kuri wewe.

15 Ntuze uryamane n’umukazana wawe, kuko ari umugore w’umuhungu wawe; ntuze uryamane na we.

16 Ntuze uryamane na muramwawe; kuko kwoba ari ukumaramaza umuvukanyi wawe.

17 Ntuze uryamane n’umugore ngo wongere uryamane n’umukobwa wiwe. Kandi, ntuze uryamane n’umwuzukuru wiwe wo ku muhungu canke wo ku mukobwa; kuko ari incuti ziwe za hafi. Ico ni ikizira.

18 Ntuze uharike umugore wawe, umuharikishije uwo bavukana, ngo uryamane na we umugore wawe akiriho.

19 Ntuze uryamane n’umugore ari mu miziro yiwe.

20 Ntuze uryamane n’umugore wa mugenzawe ngo umwihumanishe.

21 Ntuze utange umwana wawe ngo atangwe kw’ikimazi c’ikigirwamana Moleki, kuko ukwiye kwirinda ngo ntukengere izina ry’Imana yawe. Ndi Uhoraho.

22 Ntuze uryamane n’umugabo nk’uko baryamana n’umugore. Ico ni ikintu co kwankwa urunuka.

23 Ntuze uryamane n’igikoko ngo uciyandurishe. Ntihaze hagire umugore yitega igikoko ngo kiryamane na we; ni ubuhumane butavugwa.

24 Ntimuze mwiyanduze mu buryo na bumwe muri ubwo bwose, kuko uko ari ko amahanga ngiye gusohora mu gihugu ngiye kubinjiza biyanduje. 25 Igihugu ubwaco caranduye; ni co gituma nagihanye kubera icaha caco, hanyuma na co gica kidahwa abakibamwo bose. 26 Ariko mwebwe muze mwitondere ivyo nabategetse vyose n’ivyo nashinze. Yaba imvukira canke umunyamahanga aba muri mwebwe, ntimuze mukore ibintu nk’ivyo vyo kwankwa urunuka, 27 kuko ivyo vyose vyakorwa n’amahanga yaba muri ico gihugu imbere yanyu, bituma ico gihugu gihumana. 28 Nimwahumanya ico gihugu, kizobadahwa nk’uko cadashwe amahanga yariho imbere yanyu.

29 Umuntu wese azokora na kimwe muri ivyo bintu vyo kwankwa urunuka aze akurwe mw’ihanga ryiwe. 30 Muze mwitondere ivyo ndabasaba ntimuze mukurikire ingeso mbi n’ivyo bakora imbere y’uko muza, kugira ngo ntimwihumanishe izo ngeso. Ndi Uhoraho Imana yanyu.’ "

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-