Publicidade

Levítico 10

Urupfu rwa Nadabu na Abihu

1 Abahungu ba Aroni, Nadabu na Abihu, bakira ivyotezo vyabo, babishirako umuriro bashirako n’ibimota neza; baca bakoresha umuriro utemewe n’Uhoraho, ntibakurikiza uko yabitegetse. 2 Maze umuriro uvuye imbere y’Uhoraho urarurumba urabatongora, bapfira rimwe aho nyene imbere y’Uhoraho. 3 Mose abwira Aroni ati: "Ibi ni vyo Uhoraho yatubwira igihe yavuga ati:

‘Ku bantu begera aho ndi,

nzokwiyerekana ndi Uwera;

imbere y’amaso y’abantu bose,

nzokwihesha icubahiro.’ "

Aroni araceceka.

4 Mose ahamagara Mishayeli na Elizafani, abahungu ba Uziyeli sewabo wa Aroni, arababwira ati: "Nimuze hano, mutware benewanyu inyuma y’aho abantu bacumbitse, mubigize kure y’ahera." 5 Baraza babaterura uko bakambaye ya myambaro yabo isharijwe n’amabara, babajana inyuma y’aho bacumbitse, nk’uko Mose yategetse.

6 Maze Mose abwira Aroni n’abahungu biwe Eliyazeri na Itamari ati: "Ntimureke umushatsi wanyu udashokoje, kandi ntimwitabagurireko impuzu, kuko mwoca mupfa kandi Uhoraho agashavurira ihanga ryose. Ariko incuti zanyu, ihanga ryose ry’Abisirayeli, baze bagandarire abo Uhoraho yaranduje umuriro. 7 Ntimuve imbere y’Ihema ry’Ibonaniro kugira ngo ntimupfe, kuko amavuta yo kurobanura y’Uhoraho ari kuri mwebwe." Nuko bakora nk’uko Mose yavuze.

8 Hanyuma Uhoraho abwira Aroni ati: 9 "Wewe n’abahungu bawe ntimuze mwigere munywa umuvinyu canke ikindi kinyobwa cose kirimwo umwambiro imbere y’uko muja mw’ihema ry’ibonaniro, kuko mwoca mupfa. Iki kize kibe icagezwe c’intahava uko urunganwe ruzokurakuranwa n’urundi, 10 kugira ngo muze mushobore gutandukanya ivyera n’ibisanzwe, ibihumanye n’ibidahumanye, 11 kandi muze mwigishe Abisirayeli amabwirizwa yose Uhoraho yabahaye abicishije kuri Mose."

12 Mose abwira Aroni n’abahungu biwe basigaye ari bo Eliyazeri na Itamari ati: "Mwakire ishikanwa ry’ifu ryasigaye ku mashikanwa, mukore imikate muyizane imbere y’Uhoraho, hanyuma muyirire i ruhande y’igicaniro, ariko ntibe irimwo umwambiro kuko ari iyera cane. 13 Muyirire ahantu hejejwe, kuko ari umugabane wanyu n’uw’abahungu banyu ku bimazi bishikanirwa Uhoraho, kuko ari ko nategetswe. 14 Ariko wewe n’abahungu n’abakobwa bawe mushobora kurya igikiriza cazungagijwe, hamwe n’itako, mukabirira ahantu hadahumanye. Bihawe wewe n’abana bawe nk’umugabane uvuye ku bimazi vy’ishimwe bitangwa n’Abisirayeli. 15 Itako n’igikiriza, bize bizanane n’imitigiri y’ibinure y’ibimazi vyo guturirwa, kugira ngo bizungagizwe imbere y’Uhoraho nk’ishikanwa ryo kuzungagiza. Uwo uze ube umugabane wanyu w’intahava mwebwe n’abana banyu, nk’uko Uhoraho yategetse."

16 Maze Mose abajije ivyerekeye ya suguru y’impene y’ikimazi c’ivyaha vy’abantu bose, akamenya ko yaturiwe, aca ashavurira Eliyazeri na Itamari, abahungu ba Aroni bari basigaye, arababaza ati: 17 "Ni kuki mutaririye ico kimazi co gutangirwa ivyaha ahantu hera? Ni icera cane, mwari mwagihawe ngo gikureho icaha c’ihanga mu kubabera ikimazi c’ivyaha imbere y’Uhoraho. 18 Kubera yuko amaraso yaco yari yajanywe Ahera, mwari kuba mwariye iyo mpene mukayirira mw’ihema, nk’uko nari nabitegetse."

19 Aroni yishura Mose ati: "Uyu musi batanze ikimazi c’ivyaha vyabo n’ikimazi co guturirirwa imbere y’Uhoraho, ariko raba ivyambayeko. Mbega Uhoraho yari guhimbarwa iyo mba nariye ku kimazi gitangirwa ivyaha vy’ihanga uwu musi?" 20 Mose yumvise ivyo, aca yumva aranyuzwe.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-