1 Uhoraho abwira Mose ati: 2 "Barira Abisirayeli uti: ‘Umugore niyasama inda hanyuma akavyara umuhungu azoba ahumanye kumara imisi indwi, nk’uko aba ahumanye iyo yagiye mu miziro y’abagore. 3 Ku musi ugira umunani uwo muhungu aze akebwe agakoba gapfutse umutwe w’igitsina ciwe. 4 Hanyuma uwo mugore aze arindire imisi mirongo itatu n’itatu hanyuma aheze ahumanurwe kubera amaraso yavuye mu kwibaruka. Ntaze akore ku kintu na kimwe cejejwe canke ngo aje mw’ihema ry’ibonaniro iyo misi yo guhumanurwa kwiwe itarahera. 5 Niyavyara umukobwa, uwo mugore azomare amayinga abiri ahumanye, nk’uko biri mu gihe ari mu miziro y’abagore. Aze arindire imisi mirongo itandatu n’itandatu kugira ngo ahumanurwe kubera amaraso yavuye mu kwibaruka.
6 Iyo misi yo guhumanurwa niyahera, haba ku muhungu canke ku mukobwa, aze ashire umuherezi umwagazi w’intama umaze umwaka umwe, awumuhere imbere y’Ihema ry’Ibonaniro ube ikimazi co guturirwa, amuhane n’agaswi k’inuma isanzwe canke intunguru kugira ngo bibe ikimazi c’ivyaha. 7 Uwo muherezi aze abishikanire Uhoraho kugira ngo bibere ikimazi gicungura uwo mugore, na we azoba ahumanuwe kubera amaraso yavuye.
Ivyo ni vyo vyagezwe vyerekeye umugore yavyaye umuhungu canke umukobwa. 8 Niyaba adashobora kuronka umwagazi w’intama, aze atange inyoni zitwa intunguru zibiri canke inuma zikiri nto zibiri, inyoni imwe izoba ikimazi co guturirwa, iyindi na yo ibe ikimazi c’ivyaha. Uko ni ko umuherezi azotangira impongano uwo mugore, na we azoba ahumanuwe.’ "