1 Ntimuze mukore ibigirwamana canke ngo mwishingire ibishushanyo canke inkingi z’amabuye, kandi ntimuze mushinge ivyabajwe mu mabuye mu gihugu ngo muvyunamire. Ndi Uhoraho Imana yanyu.
2 Muze mwitondere amasabato yanje kandi mwubahe ahera hanje. Ndi Uhoraho.
3 Nimwitondera ivyo nashinze, mugashira umutima ku kwitondera amabwirizwa yanje, 4 nzobarungikira imvura mu gihe cayo, kandi isi izokwera ivyimburwa vyayo n’ibiti vyame ivyamwa vyavyo. 5 Iyimbura ryanyu ry’ingano rizogeza kw’iyimbura ry’inzabibu, n’iyimbura ry’inzabibu rishike mw’ibiba, kandi muzorya ivyo mugomba mube amahoro mu gihugu canyu.
6 Nzobaha amahoro mu gihugu, kandi muzokwiryamira ata kintu kibaca ivutu. Nzokura ibikoko vyo mw’ishamba mu gihugu, kandi nta nkota izoca mu gihugu canyu. 7 Muzokinagiza abansi banyu, kandi bazokwicwa n’inkota imbere yanyu. 8 Batanu bo muri mwebwe bazokinagiza ijana, n’ijana bo muri mwebwe bakinagize ibihumbi icumi, kandi abansi banyu muzobamarisha inkota.
9 Nzobarabisha ijisho ry’urukundo kandi nzobaha kurondoka mugwire, ngumizeho isezerano nasezeranye namwe. 10 Muzoba mukirya ivyo mwimbuye umwaka uheze, hanyuma murondere ingene mubisohora kugira ngo muronke aho mwimburira ivyeze. 11 Nzoshinga ihema ryanje hagati muri mwebwe, kandi sinzobaheba. 12 Nzogendera hagati yanyu, mbe Imana yanyu namwe mube abantu banje. 13 Ndi Uhoraho Imana yanyu, nabakuye muri Egiputa kugira ngo muve mu buja bw’Abanyegiputa. Navunaguye ivyuma vy’ingogo vyanyu ndabaha kugenda mwemye.
14 Ariko nimutanyumvira ngo mwitondere aya mabwirizwa yose, 15 maze mugashiburira kure ivyo nashinze vyose mugakengera ivyagezwe vyanje mukananirwa no kwitondera amabwirizwa yanje yose, mukongera mukava mw’isezerano ryanje, 16 nanje uku ni ko nzobagirira: nzobateza ibibaca ivutu, ingwara zidakira n’akaranda bitume muba impumyi bibamare inkomezi. Muzobibira ubusa, kuko abansi banyu ari bo bazobirya. 17 Igitsure canje kizoguma kuri mwebwe bitume mutsindwa n’abansi banyu; ababanka ni bo bazobaganza, kandi muzohunga ata wubirukanye.
18 Ivyo nibitatuma munyumvira, nzobahanira ivyaha vyanyu incuro indwi. 19 Nzovunagura ubwibone bwanyu ntume ijuru ribabera nk’icuma isi na yo ibabere nk’umuringa. 20 Muzoruhira ubusa, kuko igihugu kitazokwera ivyimburwa vyaco, canke ngo ibiti vyo mu gihugu canyu vyame ivyamwa vyavyo.
21 Nimwashishikara kuba abansi banje mukanka kunyumvira, nzogwiza ivyago vyanyu incuro indwi ndabahora ivyaha vyanyu. 22 Nzobarungikira ibikoko vyo mw’ishamba bibatere, bibatware abana banyu, bihonye n’amasho yanyu bitume muba inkehwa maze amayira yanyu asigare agaragara.
23 Naho nyene nimwanka kwemera ngo muhanurwe mugashishikara kuba abansi banje, 24 nanje nzohinduka umwansi wanyu ndabateze ivyago birushirije incuro indwi kubera ivyaha vyanyu. 25 Nzoca ndabateza inkota ndabahoye ko mwavuye mw’isezerano ryanje. Nimwahungira mu bisagara vyanyu nzobateza ikiza kandi muzogwa mu maboko y’abansi banyu. 26 Ninazibira aho mukura ivyokurya, abagore icumi bazoshobora gukarangira mu nkono imwe, kandi bazobagaburira ibipimwe, kandi naho muzobirya ntimuzohaga.
27 Naho nzoba nabagiriye gutyo, nimwashishikara kuja kure yanje, 28 nanje nzobarakira ndabaje kure, kandi jewe ubwanje nzobahanira ivyaha vyanyu incuro indwi. 29 Muzorya inyama z’abahungu banyu n’abakobwa banyu. 30 Nzosambura ibibanza vyanyu vyo gusengeramwo ku misozi, n’ibicaniro vy’ibimota neza vyanyu nzobisenyurira hasi, ngerekeranye imivyimba yanyu ku bigirwamana vyanyu bitagira ubugingo, ndabanke urunuka. 31 Ibisagara vyanyu nzobihindura imisaka, nsambure ingoro musengeramwo, kandi n’ibimota neza vy’amashikanwa yanyu bizoba igisesema kuri jewe. 32 Jewe ubwanje nzosambura igihugu canyu, gushika aho abansi banyu bazokigereramwo bazotangara cane. 33 Nzobasanzariza mu mahanga nsokorore inkota yanje ndabakinagize. Igihugu canyu kizoba amatongo, kandi ibisagara vyanyu bizosigara ari imisaka. 34 Igihugu kizonezererwa imyaka y’amasabato yaco igihe cose kizoba ari amatongo namwe muri mu gihugu c’abansi banyu; igihugu na co kizoruhuka amasabato yaco. 35 Mu gihe cose kizoba ari amatongo, kizoruhuka akaruhuko k’amasabato kitaruhutse igihe mwari mukiri muri co.
36 Nzotuma abasigaye ari amasigarira baranduka imitima bari mu bihugu vy’abansi babo, ku buryo n’akababi kaguruwe n’umuyaga gatuma bahunga. Bazokwiruka nk’abahunga inkota, maze bagwe hasi, naho ata n’umwe azoba ariko arabakinagiza. 37 Umuntu azotsitara kuri mugenziwe nk’aho boba bariko barahunga inkota, naho ata n’umwe azoba ariko arabakinagiza. Uko ni ko mutazoshobora guhagarara imbere y’abansi banyu. 38 Muzohonera mu mahanga; igihugu c’abansi banyu kizobatsontsomera. 39 Abazosigara bazohonera mu gihugu c’abansi banyu ku bw’ivyaha vyabo n’ivya ba sekuruza babo.
40 Ariko nibatura ivyaha vyabo n’ivya ba sekuruza babo, ubuhemu bwabo n’urwanko banyanka jewe, 41 rwatumye nanje ndabazinukwa bigatuma ndabirukanira mu gihugu c’abansi babo, maze imitima yabo y’intakebwa igacishwa bugufi bakishura ivyaha bakoze, 42 nzokwibuka isezerano nasezeranye na Yakobo n’iryo nasezeranye na Isaka n’iryo nasezeranye na Aburahamu, bitume nibuka igihugu. 43 Kuko igihugu bazokivamwo na co kikanezererwa amasabato yaco igihe kizoba ari amatongo batakikibamwo. Bazokwishura ivyaha bakoze kuko bataye ivyagezwe vyanje bagatera ibitugu ivyo nihanikirije. 44 Ariko naho biri uko, igihe bazoba bari mu gihugu c’abansi babo, sinzobata canke ngo ndabahebe ngo bitume ndabaherengeteza rwose, ngo mve mw’isezerano nasezeranye na bo. Ndi Uhoraho Imana yabo. 45 Ariko ku bwabo nzokwibuka isezerano nasezeranye na ba sekuruza babo, abo nakuye mu gihugu ca Egiputa amahanga yose abibona, ngo mbe Imana yabo. Ndi Uhoraho.’ "
46 Ivyo ni vyo vyashinzwe, vyagezwe n’amabwirizwa, ivyo Uhoraho yashingiye ku musozi Sinayi, hagati yiwe n’Abisirayeli abicishije kuri Mose.