Publicidade

Comunhão com Deus

Por Bíblia Online

A comunhão com Deus é o propósito supremo da existência humana. Fomos criados para viver em intimidade com o Criador — e em Cristo, esse acesso é plenamente restaurado.

Em comunhão com Deus

Deus é fiel, pelo qual fostes chamados à comunhão de seu Filho. A comunhão com Deus é dom da graça e fruto da redenção.

Imana yabahamagariye kunywana n’Umwana wayo Yesu Kristo Umwami wacu, ni iyo kwizigirwa, izobikora.

Mbega ntimuzi ko muri urusengero rw’Imana kandi ko Mpwemu w’Imana aba muri mwebwe?

Turi ingingo nyinshi zigize umubiri umwe

Umubiri ni umwe n’aho ugizwe n’ibihimba vyinshi; kandi n’aho ibihimba vyawo ari vyinshi bigize umubiri umwe. N’umubiri wa Kristo ni uko.

Ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo, urukundo rw’Imana n’ukunywana na Mpwemu Yera bibane namwe mwese.

Mbega urusengero rw’Imana hari ico rwohurirako n’ibigirwamana? Twebwe turi urusengero rw’Imana, kandi Imana yavuze iti:

"Nzoba muri bo

nongere ngendane na bo.

Nzoba Imana yabo,

na bo bazoba abantu banje."

Kuko uwuri muri Kristo Yesu aba abaye icaremwe gishasha, ivya kera biba biheze, ibishasha biba bishitse. Kandi ivyo vyose biva ku Mana yo yaduhaye kwuzura na yo biciye muri Kristo, ica iduha n’igikorwa c’umwuzuzo. Kuko Imana yiyujuje n’isi muri Kristo itabaharuyeko ivyaha vyabo. Natwe yaduhaye ico gikorwa gihambaye co kuvuga ubutumwa bw’umwuzuzo.

Presença divina

Eis que estou à porta e bato. O Senhor fez sua morada entre nós — e toda a criação é convidada à comunhão eterna.

Ehe mpagaze ku muryango ndiko ndadodora. Uwumva ijwi ryanje akugurura umuryango, ndinjira iwe dusangire.

Nca numva ijwi rirenga rivuye kuri ya ntebe y’inganji, rivuga riti: "Ehe raba inzu y’Imana iri mu bantu, kandi izobana na bo. Bazoba abantu bayo, kandi Imana ubwayo izobana na bo, ibe Imana yabo.

Nanje nzoba hagati mu Bisirayeli, mbe Imana yabo.

Kuko aho babiri canke batatu bakoraniye mw’izina ryanje, nanje mba ndi hagati muri bo."

Yesu asengera abizera bose

Sinsengeye aba gusa. Ariko ndasengeye n’abandi bose bazokwizera biciye ku butumwa bw’aba. Ndabasengeye ngo bose babe umwe; nk’uko wewe Data uri muri jewe nanje nkaba muri wewe, nibabe umwe muri twebwe, kugira ngo isi yizere ko wantumye. Icubahiro wampaye narakibahaye, kugira ngo babe umwe nk’uko twe nawe turi umwe: jewe mbe muri bo, nawe ube muri jewe, aho ni ho bazoba umwe vy’ukuri, kugira ngo isi imenye ko wantumye kandi ko ubakunda nk’uko unkunda.

Viver na comunhão

Quem permanece nele e ele no Senhor, esse dá muito fruto. A comunhão com Deus produz transformação e alegria.

Umuntu yitondera amabwirizwa y’Imana aguma muri yo, na yo ikaguma muri we. Kandi ikitwereka ko Imana iguma muri twebwe ni Mpwemu yaduhaye aba muri twebwe.

Turazi kandi ko Umwana w’Imana yaje akaduha ugutahura, kugira ngo tumenye Imana nyakuri. Ubu turi mu Mana nyakuri kuko turi mu Mwana wayo, Yesu Kristo. Ni we Mana nyakuri kandi ni we bugingo budashira.

Ikitwereka ko tuguma mu Mana na yo ikaguma muri twebwe ni Mpwemu yaduhaye.

Imana ni urukundo

Bakundwa, muze dukundane, kuko urukundo ruva ku Mana. Umuntu wese akundana yavyawe n’Imana kandi arayizi.

Ivyo tubabwira ni ivyo twabonye kandi twumvise, kugira ngo mufatanye natwe. Twebwe dufatanije na Data n’Umwana wiwe, Yesu Kristo.

Abana b’Imana

Bana nkunda, nimugume muri Kristo kugira ngo aho azohishurirwa tuze dushire amanga, ntitwicwe n’isoni imbere yiwe niyagaruka.

Amahoro n’ivyizigiro

Ni co gituma, kuva twemewe nk’abagororotsi imbere y’Imana biciye mu kwizera, dufitaniye amahoro na yo kubera igikorwa Yesu Kristo Umwami wacu yadukoreye. Tumaze kumwizera; Kristo yadushikanye muri ubu buntu turimwo, kandi dufise umunezero no kwizigira ko tuzosangira na we ubwiza bw’Imana.

muze twegere aho Imana iri dufise imitima irimwo ukuri kandi tuyizeye ata gukekeranya, imitima yacu yogejwe igakurwamwo ibiyagiriza, n’imibiri yacu yogeshejwe amazi meza.

Nuko, mwicishe bugufi imbere y’Imana. Mugwanye wa mubi, na we azobahunga. Mwegere Imana na yo izobegera. Yemwe banyavyaha, nimukarabe; namwe abatiyeguriye Imana mu mitima, nimwiyeze.

Seja o primeiro
Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-28_14-13-17-