Publicidade

Jó 3

Yobu yicuza kuba yaravutse

1 Inyuma y’ivyo, Yobu yugurura akanwa aravuga, avuma umusi yavukiyeko. 2 Avuga ati:

3 "Umusi navukiyeko urakazimangana,

n’ijoro havuzwe ngo: ‘Umwana w’umuhungu yasamwe inda.’

4 Uwo musi uragahinduka umwijima;

Imana ntakawibuke,

kandi ntukarasirwe n’umuco.

5 Urakizizirwa n’umwijima w’umuzitanya,

igicu cirabura kiwutere,

n’ubwirakabiri buwutwikire.

6 Iryo joro riragacakirwa n’umwijima;

ntiriharurwe mu misi igize umwaka,

canke ngo rishirwe mu misi igize ukwezi.

7 Iryo joro rirakaba ingumba;

ntihagire impundu zumvikana muri ryo.

8 Abahinga bo kuvuma nibarivume,

bamwe bashobora gukangura Leviyatani.

9 Igitondo cawo kiragahinduka umwijima,

kirindire umuco kitari buronke,

ntikibone n’imishwarara ya mbere yo mu gitondo,

10 kuko kitanyugaraniye mu nda yanyibungenze,

kugira ngo kimpishe amakuba ndiko ndabona.

11 Ni kuki ntapfumye mpfa nkivuka,

ngacikana nkiva mu nda?

12 Ni kuki mama yandetse nkabaho,

akampa ibere ryiwe nkaryonka?

13 Iyo andeka nkipfira, ubu mba niruhukiye mu mahoro,

mba nisinziririye, ntekanye.

14 Mba nduhukanye n’abami n’abatware b’isi,

abari bariyubakiye amazu akomeye, ariko ubu ari imisaka.

15 Mba nduhukanye n’abatware bari bafise inzahabu,

bari barujuje amazu yabo amafeza.

16 Canke mbega ni kuki ntahambwe nk’inda ikorotse,

nkamera nk’umwana atabayeho ngo abone umuco?

17 Mu mva abanyakibi bararuhuka,

abananiwe bakaronka uburuhukiro.

18 Imbohe zinezerezwa no kworoherwa;

ntizisubira kwumva urwamo rw’abashoreye abagurano,

19 Abahambaye n’aboroshe ni yo bari,

kandi abagurano ntibakiganzwa na ba shebuja.

20 Ni kuki umuco urasira abari mu marushwa,

abafise imitima ituntuye bagahabwa ubuzima?

21 Bararondera urupfu ntibaruronka,

naho borurondera nk’abarondera ubutunzi buhishije.

22 Baranezerwa cane,

bagahimbarwa iyo bashitse mu mva.

23 Ni kuki ubuzima buhabwa umuntu atabona n’iyo aja,

uwo Imana yugarije n’imibabaro?

24 Ukubiha ni yo ndya yanje,

kuboroga ni yo mazi nywa.

25 Ivyo natinya ni vyo bimbayeko,

ivyantera ubwoba ni vyo binshikiye.

26 Nta mahoro ngira, sintekaniwe.

Singira akaruhuko, ahubwo ndi mu makuba."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-19_11-20-24-