Publicidade

Jó 15

Elifazi

1 Elifazi w’i Temani na we arishura ati:

2 "Mbega umunyabwenge yokwishura n’amajambo y’ubujuju,

akavuga nk’uwuzuye umuyaga wo mu buseruko?

3 Mbega yoburanisha amajambo atagira insiguro,

canke amajambo atagira agaciro?

4 Mbega nturuha utinya Imana

canke ngo uhinde agashitsi imbere yayo?

5 Ivyaha vyawe ni vyo bisunika akanwa kawe,

amajambo yawe ashingiye ku bugunge gusa.

6 Akanwa kawe ni ko kagutsindisha, si akanje.

Iminwa yawe ni yo ikwagiriza.

7 Mbega ni wewe muntu wabayeho ubwa mbere?

Mbega watanze imisozi kuremwa?

8 Mbega warigeze wumva inama zihishijwe z’Imana?

Canke ubwenge bw’Imana ni wewe ubwiharije?

9 Mbega uzi iki tutazi?

Ugutahura ufise tudafise ni ukuhe?

10 Abatama bameze imvi bari ku ruhande rwacu,

ndetse n’abashaje kurusha so wawe.

11 Mbega ntuhagijwe no kuremeshwa n’Imana,

canke n’amajambo yiyoroheje yakubwiye?

12 Ni igiki cagutwaye ubwenge?

Ni igiki gitumye udukanurira amaso,

13 ugahindukirira kugwanya Imana,

akanwa kawe kakavuga amajambo mabi nk’ayo?

14 Mbega umuntu buntu arashobora kuba uwera?

Uwavyawe n’umugore arashobora kugororoka?

15 Nimba Imana itizigira n’abamarayika bayo,

n’amajuru akaba atera imbere yayo,

16 ku muntu buntu, yanduye kandi yononekaye!

Ku muntu akora ibibi nk’uwunywa amazi, we birarengeje!

17 Nyumviriza ndagusigurire neza;

ntega amatwi ndakwiganire ivyo nabonye,

18 ivyemejwe n’abagenze bakabona,

abakurambere bavyiganiwe na ba sekuruza babo,

19 abahawe igihugu kera cane,

ata bandi banyamahanga barakibamwo.

20 Umunyavyaha yama ababazwa ibihe vyose,

gushika imyaka yamushiriweho yo kubabazwa ikwiye.

21 Amajwi y’ibiteye ubwoba yama mu matwi yiwe,

abambuzi bakamutera mu gihe c’impore.

22 Ntiyubahuka kuja hanze mw’ijoro,

kuko afise ikimenyetso c’uwicwa.

23 Ayerera arondera ivyokurya, avuga ati: ‘Ndabikura he?’

Kuko azi ko umusi w’umwijima umwegereje.

24 Amagorwa n’imibabaro bimwuzuza ubwoba,

bimurengera nk’umwami yitegurira kugwanya abamutera,

25 kuko yaforeye ingumu Imana,

akigira uwuhambaye imbere y’Iyishoboravyose,

26 mu kwibona akaja kugwanya Imana,

yikingirije inkinzo yiwe, yitwaje n’inkota.

27 Naho uwo muntu atagase mu maso,

akagira ibinyonyori ku mafyinga,

28 azoba mu bisagara vyasambutse,

mu mazu yatawe,

asigaje gato agahomvagurika.

29 Ntazokwama atunze, ubutunzi bwiwe ntibuzoramba,

kandi ivyo afise ntibizokwira mu gihugu cose.

30 Ntazigera ava mu mwijima;

iminago yiwe izobaburwa n’imbeya,

kandi impwemu zo mu kanwa k’Imana zizomugurura.

31 Ntakibeshe mu kwizigira ibitagira ikimazi,

kuko ata nyungu azobironkamwo.

32 Ivyo bizoba imbere yuko apfa

kandi amashami yiwe ntazoshurika.

33 Azoba nk’uruzabibu rwakuweko ibitumbwe vyarwo,

canke imyelayo ihungurura amashurwe yayo yose.

34 Igihari c’abatubaha Imana kizoba ingumba,

kandi umuriro uzotongora inzu y’abakunda ibiturire.

35 Basama inda z’imigumuko bakavyara ibibi;

inda zabo zihingura ubugunge."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-19_11-20-24-