1 Mbega woshobora kurobesha Leviyatani igera,
canke ururimi rwayo worubohesha umugozi?
2 Mbega woyibohesha umugozi uwucishije mu zuru?
Umubangabanga wayo wowutoboza uruhindu?
3 Mbega yokwinginga ngo uyigirire impuhwe,
ikabigusaba mu majambo yiyoroheje?
4 Mbega mwogiranira isezerano,
ikemera kukubera umugurano imisi yo kubaho kwayo yose?
5 Mbega woyigira igitungwa co gukinisha nk’uko bakinisha inyoni,
canke woyizirika kugira ngo unezereze abakobwa bawe?
6 Mbega abadandaza boyirangura
bakayigurisha ku bandi badandaza?
7 Mbega urusato rwayo rwotoborwa n’imyampi yawe y’ingobe,
canke umutwe wayo wotobozwa icumu ryica amafi?
8 Uyishoreyeko ukuboko, intambara wogira ntiwoyibagira,
kandi ntiwokwigera usubira.
9 Ivyiyumviro vyose vyo kuyifata ni ivy’ubusa.
Kuyikubita ijisho vyonyene bitera igihumura.
10 Nta n’umwe yubahuka kuyikomakoma.
None ni nde yoshobora kumpangara?
11 Ni nde mfitiye umwenda ngo ndamwishure?
Ibiri musi y’ijuru vyose ni ivyanje.
12 Sinoreka kuvuga ingingo za Leviyatani,
inkomezi zayo hamwe n’ubwiza bw’umutumba wayo.
13 Ni nde yoyambura umwambaro wayo wo hejuru?
Ni nde yokwishira hagati mu majigo yayo?
14 Ni nde yokwubahuka kwugurura umuryango w’akanwa kayo,
ko mu menyo hayo hateye ubwoba?
15 Umugongo wayo utonzeko inkinzo,
kandi ziramatanye zomekeranije rwose,
16 imwe yose imatanye n’iyindi,
nta n’akayaga gaca hagati yazo.
17 Zirafatanije kandi ziragumye,
zomanyeko ntizishobora kumadukanako.
18 Kwasamura kwayo kuvamwo umuco,
amaso yayo ameze nk’imishwarara yo mu bucagucagu.
19 Umuriro uva mu kanwa kayo,
amasase agataruka awuvamwo.
20 Umwotsi upfunduka uva mu mazuru yayo,
nk’uw’inkono ibiragira canke uw’amahwa ariko arasha.
21 Uguhumeka kwayo kwatsa amakara,
imbeya zikava mu kanwa kayo.
22 Inkomezi ziri kw’izosi ryayo;
iterabwoba rigendera imbere yayo.
23 Ibigize umubiri wayo birafatanije cane,
ntibinyiganyizwa na gato.
24 Umutima wayo ukomeye nk’ibuye,
ukomeye nk’urusyo.
25 Iyo ihagurutse, abahizi barajugumira;
bagata umutwe kubera ubwoba.
26 Inkota iyishikiriye nta co iyigira,
canke icumu, canke umwampi w’amashami, canke ikimito.
27 Ivyuma kuri yo ni nk’ivyatsi,
umwakaka na wo umeze nk’igiti kibunzwe.
28 Imyampi nticirukana,
ibuye ritewe n’umugozi rimeze nk’umuguruka kuri yo.
29 Ibihiri ibigereranya n’ivyatsi,
isuzugura umuhunda w’icumu.
30 Inda yayo ifutswe n’ibimeze nk’injo zikarishe,
zisiga imirongo mu vyondo aho yakweze inda.
31 Isuragura mw’ibenga hakaba nk’inkono ibiragira,
ikiyaga ikagihindura nk’ikarabo ry’amavuta yo kwisiga
32 Aho iciye ihasiga inzira ikayangana,
ni nk’aho mw’ibenga hasheshe imvi.
33 Kw’isi nta na kimwe kingana na yo,
ni ikiremwa kidatinya ikintu na kimwe.
34 Kirabana agakengerwe ivyishira hejuru vyose,
ni co mwami w’ivyirata vyose.