Publicidade

Jó 4

Elifazi

1 Maze Elifazi w’i Temani aca avuga ati:

2 "Mbega uwokwubahuka akagira ico avuze, wokwihangana?

Ariko kandi ni nde yoshobora guhora ntavuge?

3 Ibuka ingene wigishije benshi,

n’ingene wateye intege abadendebukiwe.

4 Amajambo yawe yashigikira abariko baratemba,

agakomeza abafise amavi areganutse.

5 Ariko ubu ivyago biraguteye, none urihebuye;

bigushitseko, none ucitse ivutu.

6 Mbega kwubaha Imana kwawe, ntigukwiye kukuremesha,

kuba inyankamugayo ntigukwiye kugutera ivyizigiro?

7 Gerageza wibuke: hari intungane yazimanganijwe,

canke umugororotsi yaranduwe?

8 Jewe naritegereje, nsanga abarima ikibi,

n’ababiba amagorwa ari vyo bimbura.

9 Imana ibahushe baca bazimangana,

bakamarwa n’igihuhusi c’uburake bwayo.

10 Intare zirashobora kuroha no kwivuga,

ariko, Imana ivunagura amenyo y’izikomeye kurusha izindi.

11 Intare irapfa kubera yabuze ico irya,

ibibuguru vyayo vyose bigashwiragira.

12 Hari ijambo ryanshikiriye mw’ibanga,

ugutwi kwanje kuryumva nko mu vyongoshwe.

13 Ryaje kurya kw’indoto zihagarika umutima w’umuntu mw’ijoro,

igihe itiro riremera abantu,

14 maze mfatwa n’ubwoba bwinshi no guhinda agashitsi,

amagufa yanje arajugumira.

15 Impwemu yaciye imbere yanje,

maze umubiri wanje uramerereza.

16 Hanyuma irahagarara,

ariko sinashobora kubona uko imeze.

Haje ishusho ihagarara imbere y’amaso yanje,

maze numva ijwi ryongorera, riti:

17 ‘Mbega umuntu apfa yogororoka gusumvya Imana?

Umuntu buntu yotungana kurusha Umuremyi wiwe?

18 Nimba Imana itizigira abakozi bayo,

igatora amakosa abamarayika bayo,

19 mbega ntibirushirije ku bantu baba mu nzu z’ibumba,

urufatiro bubatseko rukaba ari umukungugu,

bagafyonyorwa vyoroshe gusumba inzu y’umuswa!

20 Mu gitondo baba ari bazima, ku mugoroba bakaba bavunaguwe,

bakagenda akagirire, ntihagire n’uwuvyitaho.

21 Imigozi y’ihema ryabo irakwezwe, na ryo riratemvye.

None ntibapfuye nk’imburabwenge?’

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-