Publicidade

Jó 17

1 Umutima wanje unshongeyemwo,

imisi yanje irashize.

Imva yiteze kunyakira.

2 Ni ukuri, abacokoranyi barankikuje,

amaso yanje ntagoheka kubera urwanko rwabo.

3 Mburanira, ewe Mana yanje,

kuko ata wundi ari ku ruhande rwanje.

4 Imitima yabo wayimye ugutahura,

ku bw’ivyo ntiwemere ko bagira intsinzi.

5 Ko badodobereza bagenzi babo kubera inyungu zabo,

abana babo bazicwa n’inzara.

6 Imana yangize iciro ry’imigani,

mpinduka uwo abantu bose bacira amate mu maso.

7 Amaso yanje ahumishijwe n’intuntu,

igikankara canje gisigaye kimeze nk’igitutu.

8 Abagororotsi bazobibona bumirwe,

intungane zihagurukira abatubaha Imana.

9 Abagororotsi bazoguma mu nzira zabo,

n’intungane zizokwama zongerezwa inkomezi.

10 Ariko mweho, nimugaruke musubire mugerageze;

ariko ndazi ko ata munyabwenge nsanga muri mwebwe.

11 Imisi yanje irarangiye, imigambi yanje yose ikuweho.

Ivyipfuzo vy’umutima wanje birapfuye.

12 Aba bagabo banyizeza ko ijoro ari umurango,

umwijima uje bavuga ko umuco ugira ushike.

13 None ko ivyizigiro nsigaranye ari imva,

nkaba niteze gusasa uburiri bwanje mu mwijima,

14 nkabwira ukubora nti: ‘Ni wewe Data,’

urunyo nkarubwira nti ‘Ni wewe Mama, ni wewe mushikanje,’

15 none ivyizigiro vyanje biri hehe?

Mbega hari uwobona na kimwe?

16 Ivyizigiro vyanje bizomanuka mu marembo y’i kuzimu.

Nzojana na vyo mw’ivu."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-19_11-20-24-