Publicidade

Jó 1

Ijambo ry’intangamarara

1 Mu gihugu citwa Uzi habaye umugabo yitwa Yobu. Yari umugororotsi atagira umugayo, yubaha Imana kandi yagendera kure y’ikibi cose. 2 Yari afise abahungu indwi n’abakobwa batatu. 3 Yari atunze intama ibihumbi indwi, ingamiya ibihumbi bitatu, impfizi z’inka zirima igihumbi, indogoba zivyara amajana atanu, akagira n’abakozi benshi cane. Yari umutunzi wa mbere mu bantu bo mu buseruko bwa Yorodani.

4 Abahungu biwe bama bakurakuranwa kugira imisi mikuru i muhira iwabo, bagatumira na bashiki babo batatu, bagasangira. 5 Ibihe vy’imisi mikuru yabo biheze, Yobu yaca atumako abana biwe ngo abeze. Yarazinduka kare mu gitondo agatangira ikimazi co guturirwa umwe wese muri bo, kuko yibwira ati: "Kumbure abana banje boba bacumuye bagatuka Imana mu mitima yabo." Ivyo Yobu yama abikora nk’umugenzo wiwe.

6 Umusi umwe abana b’Imana baja imbere y’Uhoraho, na Satani na we azanana na bo. 7 Uhoraho abaza Satani ati: "Uvuye hehe?" Satani yishura ati: "Mvuye kugendagenda kw’isi nihweza ibihabera."

8 Uhoraho abaza Satani ati: "Mbe wabonye umusavyi wanje Yobu? Nta muntu n’umwe ameze nka we kw’isi. Ntagira umugayo kandi ni umugororotsi; ni umuntu yubaha Imana akanka ikibi cose."

9 Satani yishura Uhoraho ati: "Erega Yobu ntiyubaha Imana ku busa gusa. 10 Wamubereye nk’igihome kimukingira impande zose, we n’umuryango wiwe wose. Wahezagiye ibikorwa vy’amaboko yiwe, bituma ibitungwa vyiwe vyuzura mu gihugu cose. 11 Ariko hamwe woramvura ukuboko kwawe, ukamwaka ivyo afise vyose, nta nkeka yoca akuvuma imbonankubone."

12 Uhoraho abarira Satani ati: "Ehe nshize ivyo atunze vyose mu maboko yawe, ariko ubuzima bwiwe ntubukozeko n’urutoke." Nuko Satani ava imbere y’Uhoraho, aragenda.

13 Umusi umwe abahungu n’abakobwa ba Yobu bari mu misi mikuru, barya bongera banywa umuvinyu i muhira ku muhungu mukuru, 14 maze haza umuntu abwira Yobu ati: "Inka zariko zirarima n’indogoba zariko zirarisha hafi yazo, 15 hanyuma haza Abasabeyani barazitwara zose. Abakozi bose babicishije inkota. Ni jewe jenyene nje kukubwira iyi inkuru narokotse!"

16 Akiriko aravuga, haza uwundi avuga ati: "Umuriro w’Imana watibutse uvuye mw’ijuru, uturira intama zose n’abungere bazo. Ni jewe jenyene nje kukubwira iyi inkuru narokotse!"

17 Na we nyene akiriko aravuga, haza uwundi avuga ati: "Abakaludaya baje bari mu mice itatu, batwara ingamiya zawe zose. Abungere bazo bose babicishije inkota. Ni jewe jenyene nje kukubwira iyi inkuru narokotse!"

18 Na we nyene akiriko aravuga, haza uwundi avuga ati: "Abahungu bawe n’abakobwa bawe bari mu misi mikuru barya bongera banywa umuvinyu mu rugo rw’umuhungu mukuru, 19 hanyuma haza umuyaga w’igihuhusi ukomeye cane uturutse mu bugaragwa, unyiganyiza inzu ku mpande zayo zose. Yabaguyeko none bapfuye bose. Ni jewe jenyene nje kukubwira iyi inkuru narokotse!"

20 Yobu yumvise ivyo vyose aca arahaguruka yitabagurirako impuzu, yimosha umushatsi wose, yubama hasi asenga Uhoraho 21 ati:

"Navuye mu nda ya mama ndi gusa,

kandi nzogenda ata co nambaye.

Uhoraho ni we yatanze kandi ni we yatwaye;

izina ry’Uhoraho rihimbazwe."

22 Muri ivyo vyose, Yobu ntiyigeze acumura ngo yagirize Imana ikibi na kimwe.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-19_11-20-24-