Publicidade

Jó 25

Biludadi

1 Maze Biludadi w’i Shuhi arishura ati:

2 "Inganji n’igitinyiro ni ivy’Imana,

kandi ni yo itanga amategeko ahasumba amajuru.

3 Mbega inkomezi zayo zoharurwa?

Umuco wayo ni nde utarasira?

4 None umuntu apfa, yogororoka gute imbere y’Imana?

Uwavyawe n’umugore yoshobora ate gutungana?

5 Nimba mu nyonga zayo n’ukwezi kudakayangana,

n’inyenyeri ntizibe zitunganye mu maso yayo,

6 mbega ntibirushirije ku muntu buntu, apfa akabora,

ku mwana w’umuntu asanzwe ari nk’umusiba?"

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-19_11-20-24-