Publicidade

Jó 21

Yobu

1 Yobu yishura ati:

2 "Nimutege amatwi amajambo yanje,

ripfume riba ihumure mumpaye.

3 Munyihanganire mvuge,

ninaheza muheze mwitwengere."

4 "Mbega hari abantu nidodombeye?

Icotuma nihangana ni iki?

5 Nimundabe hanyuma mutangare,

mushire ikiganza ku munwa mwumiwe.

6 Iyo niyumviriye ibi, ngira ubwoba,

umubiri wanje ugatetemera.

7 Ni kubera iki abanyavyaha baramba,

bagashika mu zabukuru, kandi bakaba abahambaye?

8 Barabona abana babo bakura,

bakanezerererwa abuzukuru babo.

9 Ingo zabo ziratekaniwe, kandi ntizigiramwo ubwoba.

Inkoni y’Imana ntiri kuri bo.

10 Amapfizi yabo ntiyigera ahusha kwimya,

amashashi yabo avyara neza nta yiramburura.

11 Abana babo biginagura imbere yabo nk’imyagazi,

kandi abana bato bama bariko baravyina.

12 Bama baririmba bavuza ingoma n’inanga,

bakanezererwa amajwi y’imyironge,

13 Bamara imyaka n’imyaka baguwe neza mu vyabo,

hanyuma bakaja i kuzimu amahoro.

14 Ariko babwira Imana bati: ‘Tuveko,

ivy’inzira zawe nta vyo dukeneye.

15 Mbega Iyishoboravyose ni iki aho tuyikorera?

Mbega kuyisenga vyotumarira iki?’

16 Ariko ubutunzi bwabo si bo babwizigamira.

Ni co gituma nirinda imigambi y’abanyakibi.

17 Mbega itara ry’abanyakibi hari aho ryigera rizima?

Hari icago kibagwako?

Mbega Imana ntibarengana iyo iriko irasuka umubabaro ku bantu?

18 Hari aho baramera nk’ivyatsi bigururwa n’umuyaga?

Canke nk’umuguruka utumurwa n’umuyaga?

19 Mweho muvuga muti: ‘Reka Imana izohana abana babo.’

Ahubwo ikwiye guhana uwacumuye ubwiwe, akibonerako.

20 Amaso yiwe akibonera agatikizo,

akanywa ku burake bw’Iyishoboravyose.

21 Mbega ibizoshikira abo yasize

hari ico bizoba bikimugize niyamara gupfa?

22 Mbega hari uwokwigisha ubwenge Imana,

kandi ari yo icira imanza n’abamarayika?

23 Bamwe bapfa bacuzuye inkomezi,

bakiguwe neza, bari mu mahoro,

24 imibiri yabo ikimeze neza,

amagufa yabo akirimwo imisokoro.

25 Abandi bagapfana umururazi mu mitima,

batigeze babona iciza na kimwe.

26 Abo bompi bahambwa mu mva zimwe,

bakaribwa n’urunyo rumwe.

27 Erega ndazi ivyo mwiyumvira.

Ndazi ibibi vyose mwateguye kungirira!

28 Murabaza muti: ‘Mbega inzu y’uwuhambaye iri he,

aho umunyakibi yahora aba ni he?’

29 Murazobaza ingenzi,

zizobabwira ukuri.

30 Abanyakibi barazigamwa mu bihe vy’ivyago vy’ivyaduka,

bagakingirwa uburake bw’Imana.

31 Nta wubahangara ngo abagirize ibibi vyabo imbonankubone,

nta n’uwubasubiriza mu ndumane ivyo bakoze.

32 Barapfa bagahambwa,

imva zabo zikarindwa mu cubahiro.

33 Isi yo mu biyaya bahambwamwo imeze neza,

umuntu wese akabaherekeza,

amasinzi akabaja imbere.

34 None mwebwe mwompoza amarira mute n’ayo majambo yanyu atagira insiguro?

Nta co musigaje kunyishura atari ibinyoma gusa."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-19_11-20-24-