1 None rero Yobu we, niwumve ivyo mvuga,
utege ugutwi amajambo yanje yose.
2 Ngira nteranure akanwa kanje,
ururimi rwanje ruvuge amajambo.
3 Amajambo yanje ava mu mutima ugororotse,
mvugisha ukuri.
4 Mpwemu w’Imana ni we yambumvye,
impwemu z’Iyishoboravyose ni zo zampaye ubugingo.
5 Unyishure nimba uza kubishobora,
witegure duhangane.
6 Imbere y’Imana ndi co kimwe nawe.
Nanje naremwe mw’ibumba.
7 Ni co gituma udakwiye kuntinya,
nta cubahiro mfise cotuma ugira ubwoba.
8 Ni ukuri wavuze numva,
kandi niyumviye amajambo yawe.
9 Wavuze uti: ‘Ndi umugororotsi,
nta caha kindiko.
10 Ariko Imana yama ifise ivyo inyagiriza,
ikama imfata nk’umwansi wayo.
11 Ibohera ibirenge vyanje mu mpatane z’ibiti,
ikarerekesha ijisho intambuko zanje.’
12 Ariko nokubwira ko utari mu kuri,
kuko Imana ihambaye gusumba umwana w’umuntu.
13 Ni iki kigutuma uyidodombera,
uvuga ko itishura ku majambo yawe?
14 Ariko Imana yama iriko iravuga, rimwe muri ubu buryo, irindi mu bundi,
naho ata n’umwe agira ishaka ryo kubimenya.
15 Ivugira mu nzozi, mu ndoto,
iyo abantu basinziriye itiro ryinshi,
iyo baryamye ku bitanda vyabo.
16 Ibongorera mu matwi,
igatuma baterwa ubwoba n’ivyo ibaburiye.
17 Kugira ngo bahindure imigabo yabo mibi,
ikabarinda ubwibone.
18 Ibarinda kuja mu mva,
n’uko ubuzima bwabo bwicwa n’inkota.
19 Canke naho Imana igahanira umuntu ku buriri bw’imibabaro,
imuteje uburibwe budahera bwo mu magufa,
20 akabura akayabagu,
akazinukwa n’ibiryoshe cane.
21 Umubiri wiwe ugahinduka ubusa,
amagufa yiwe yahora yihishije akaja ahabona.
22 Umushaha wiwe ukegera rwa rwobo,
ubuzima bwiwe bukegera intumwa z’urupfu.
23 Ariko habonetse umumarayika avuye mw’ijuru,
akamuvugira,
akemeza ko ari umugororotsi,
24 Imana imugirira ubuntu,
ikavuga iti: ‘Nimumurekure, ntimumwice!’
Naronse impongano y’ubugingo bwiwe.
25 Maze umubiri wiwe ugasubira kuba nk’uw’uruyoya,
ugasubira itoto nko mu buto bwiwe.
26 Asenze Imana, na yo iramwishura,
akabona mu nyonga z’Imana anezerewe,
Imana ikamusubiza mu kugororoka kwiwe.
27 Maze akaza aririmba imbere y’abantu,
avuga ati: ‘Naracumuye, ngoramika ivyari bigororotse,
ariko Imana ntiyampanishije ibihwanye n’ivyo nakoze.
28 Yarokoye ubugingo bwanje ntibwaja mu rwobo,
none ubugingo bwanje bwabonye umuco.’
29 Ivyo vyose Imana ibikorera umuntu,
incuro ya mbere, iya kabiri, n’iya gatatu.
30 Ibakiza urupfu,
kugira ngo bagendere mu muco w’abazima.
31 None rero Yobu, untege amatwi,
ucereze nanje mvuge.
32 Nimba ufise ico uvuga, nunyishure.
Nuvuge, kuko nipfuza kukuburanira.
33 Ariko niwaba ata co ufise uvuga, nyumviriza.
Cereza ndakwigishe ubwenge."