Publicidade

Jó 20

Zofari

1 Hanyuma Zofari w’i Nayama na we arishura ati:

2 "Ivyiyumviro vyanje birazazaniwe none binteye kwishura,

kubera yuko mpungabanye.

3 Numva wanyubahutse untesha agaciro,

none umutima wanje ungoberereye kugira ico mvuze.

4 Mbega ntuzi uko vyamye kuva kera,

kuva umuntu agishirwa kw’isi,

5 ko intsinzi y’abanyakibi imara umwanya urume rumara,

kandi ko umunezero w’abatubaha Imana ari uw’akanya gato?

6 Naho ukwibona kwiwe kwoshika kw’ijuru,

umutwe wiwe ugakora ku bicu,

7 azohona ntiyongere kubaho, kurya kw’umwanda umuvamwo.

Abamubonye bazobaza bati: Mbega yagiye he?

8 Atumuka nk’indoto, ntabe agisubira kuboneka.

Azozimangana nk’ivyo umuntu arazirana mw’ijoro.

9 Ijisho ryamubonye ntirizosubira kumubona,

n’umuryango wiwe ntuzosubira kumubona.

10 Abana biwe bazosega aboro;

amaboko yiwe ni yo azosubiza ubutunzi yagunze abandi.

11 Inkomezi zo mu buto bwiwe zuzuye mu magufa yiwe

zizojana na we mw’ivu.

12 Naho ikibi gisosera akanwa kiwe,

akagihisha musi y’ururimi,

13 akanka kugicira,

akakigumiza mu kanwa kiwe,

14 ivyo yariye bizomuhinduka mu mushishito,

bibe nk’ubumara bw’inzoka mu nda yiwe.

15 Azodahwa ubutunzi yamiraguye,

Imana ntizemera ko bumugumamwo.

16 Azonunuza ubumara bw’inzoka,

kandi ururimi rw’imvuvyi ruzomwica.

17 Ntazosubira kunezererwa inzuzi,

zimwe zitembamwo amata n’ubuki.

18 Ivyo yabiriye akuya azovyakwa atabiriye,

ntazorya ku nyungu z’urudandazwa rwiwe.

19 Yatoteje aboro, agirako arabashibura.

Yinjiye amazu atubatse.

20 Yamana umunoho ntiyigera ahazwa.

Kandi mu vyo yahahamiye, nta na kimwe kizosigara.

21 Nta casigaye atayongobeje,

ni co gituma ubutunzi bwiwe butazorama.

22 Naho akikijwe n’ivyuzuye, azosugerezwa n’intuntu.

Amagorwa azomuzako mu nkomezi zayo zose.

23 Niyamara kwuzuza inda yiwe,

Imana izomusukako uburake bwayo,

izobumucuncuburirako nk’imvura.

24 Naho yohunga inkoni y’icuma y’Imana,

umwampi w’umwakaka wayo uzomutobekeranya.

25 Azokwishikuramwo umwampi,

na wo uze ujejeta amaraso,

maze atekerwe n’ubwoba.

26 Ubutunzi bwiwe buzokamanganira mu mwijima.

Umuriro w’icaduka uzomutongora,

urigite ibizoba bisigaye mu nzu yiwe.

27 Amajuru azogaragaza ibigabitanyo vyiwe,

isi na yo ihaguruke imugwanye.

28 Isegenya izohitana inzu yiwe,

uburake bw’Imana bumuzeko nk’umukuba w’uruzi.

29 Iyo ni yo mpera Imana iha abanyakibi,

ni ryo ragi yabageneye."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-