1 Maze Yobu abandanya avuga ati:
2 "Ndahiye ukubaho kw’Imana, yo nyene yanse kuncira urugororotse,
yo yanteye kurya ku mururazi wo mu mutima.
3 Nkiri mu mubiri,
ngihumeka impwemu z’Imana,
4 akanwa kanje ntikazigera kavuga ikibi,
kandi ururimi rwanje ntiruzovuga ibinyoma.
5 Sinshobora kubemerera ko muriko muvuga ukuri.
Nzokwama mpagarariye ukugororoka kwanje gushika aho nzopfira.
6 Nzoguma mu bugororotsi bwanje, sinzigera ndabuvamwo.
Ijwi ryo mu mutima wanje nta co ryigera rinyagiriza mu kubaho kwanje.
7 Umwansi wanje azomererwe nk’umunyakibi,
uwungwanya na we azomererwe nk’uwugabitanya.
8 Mbega uwutubaha Imana yogira ivyizigiro bimeze gute Imana imuciye,
ikamwaka ubugingo bwiwe?
9 Mbega Imana irumva amarira yabo,
iyo ivyago bibashitseko?
10 Umuntu nk’uwo yonezerererwa Iyishoboravyose?
Akama atabaza izina ry’Imana ibihe vyose?
11 Reka ndabigishe ivy’ubushobozi bw’Imana,
ivy’inzira z’Iyishoboravyose ntashobora guhisha.
12 Ko ibi vyose mwavyiboneye,
ni igiki gituma muvuga amajambo atagira ifatiro?
13 Iyi ni yo mpera Imana ibikiye abanyakibi,
ni wo mugabane bazohabwa n’Iyishoboravyose.
14 Naho yoba afise abana benshi, iherezo ryabo ni ukurigitwa n’inkota.
Uruvyaro rwiwe ruzokwicwa n’inzara.
15 Abazosigara bazohitanwa n’ibiza,
nta wuzosigara wo kubagandarira,
n’abapfakazi babo ntibazobaririra.
16 Naho yegeranya amafeza yiwe akangana n’imikungungu,
akirundaniriza ivyambarwa nk’ibirundo vy’ibumba,
17 ivyo azokwegeranya abagororotsi ni bo bazovyambara,
abatakoze ivyaha ni bo bazogabangana amafeza yiwe.
18 Inzu yubaka zinyoganyoga nk’iz’ibitangurirwa,
ni nk’utururi tw’abarinzi.
19 Aryama ari umutunzi,
akikangura asanga ari umworo.
20 Ibiteye ubwoba bimuhwikira nk’imyuzure,
isegenya ikamutembana mw’ijoro.
21 Umuyaga wo mu buseruko uzomugurukana ntabe akiboneka,
uzomukubeba umukure mu rugo rwiwe.
22 Uzomuhuhutirako ata mbabazi,
maze ayasamvye ahunga ububasha bwawo.
23 Abazobibona bazokoma amashi babitamba ku muvyimba,
bivugirize agahwa nibababona bakurwa mu vyabo."