1 Mbega uwuri kw’isi wese ntaba akiri mu ntambara?
Imisi yiwe ntimeze nk’iy’umucangero?
2 Nk’uko umugurano yipfuza igitutu ku zuba,
canke umushumba arindirana igishika agahembo kiwe,
3 Ni ko nanje nahawe amezi y’amagorwa,
nongera nshirirwaho amajoro y’umuruho.
4 Iyo ndyamye nibaza nti: ‘Mbega buca ryari?’
Ijoro ririkwega, nanje nkagaragurika bukarinda buca.
5 Umubiri wanje utwikiriwe n’inyo,
urukoba rwanje ruriko ibisebe,
hanyuma rugaturika amashira.
6 Imisi yanje yihuta kurusha ikijishisho c’impuzu,
ariko irangiye ntafise ivyizigiro.
7 Ndakwinginze, ewe Mana, wibuke ko ubuzima bwanje bumeze nk’impwemu zihumetswe,
kandi amaso yanje ntazosubira kubona umunezero.
8 Amaso ambona uno musi ntazosubira kumbona,
uzondondera, ariko sinzoba nkiriho.
9 Nk’uko igicu gisanzara kikazimangana,
ni ko uwuja i kuzimu mu mva adasubira kugaruka.
10 Ntazogaruka i muhira iwe;
inzu yiwe ntizosubira kumumenya.
11 Ni co gituma ntashobora guhora,
ntegerezwa kuvuga kubera umubabaro wo mu mutima wanje,
nzokwidodomba kubera umururazi uri mu mushaha wanje.
12 Mbega mbaye ikiyaga, canke igisizimwe co mw’ibenga,
aho uncungisha umuragizi?
13 Iyo ngiye kuryama nibwira ko uburiri bunyirura,
canke ko umusego ungabanya imibabaro,
14 na ho nyene uncisha ivutu ivyo ndota,
ukandanduza umutima ivyo nerekwa.
15 Ni co gituma numva nopfuma mpfa nizwe,
hako nguma mu mubiri wanje meze gutya.
16 Numva nanse ubuzima bwanje, sinkeneye kubandanya mbaho.
Nundeke kuko imisi yo kubaho kwanje nta co imaze.
17 Mbega umuntu ni iki aho umwitaho,
aho umwitwararika cane?
18 Ukamusuzuma uko bukeye,
ukamugeza akanya kose?
19 Mbega uzoreka kunshinga ijisho ryari,
ngo untezurire na gatoya mire amate?
20 Yewe murinzi w’abantu, nimba naragucumuyeko,
nakoze icaha nyabaki?
Ni kuki ari jewe uhiga?
Mbega nakuremereye?
21 Ni kuki utamparira ibigabitanyo vyanje,
ngo ubabarire ibicumuro vyanje?
Kuko buca nja mu mukungugu,
kandi uzondondera, ariko ntuzoba ukimbona."