Publicidade

Jó 24

1 Ni iki gituma Iyishoboravyose idashiraho igihe c’imanza?

Mbega ni kuki abayubaha barindira ivyo bihe bakabibura?

2 Abantu bashingura akarimbi,

bakaragira izo bivye,

3 bagasahura indogoba abakene n’impfuvyi.

Agaka k’abapfakazi bagatwara nk’ingwati.

4 Bashiburira abakene inyuma y’inzira,

aboro bo mu gihugu bakabahindira mu binyegero.

5 Aboro basigaye bameze nk’indogoba zo mu bugaragwa,

birirwa barayerera barondera icobatunga.

Baronderera mu bugaragwa ico bagaburira abana babo.

6 Batunzwe n’ivyatsi vyo mw’ishamba,

begeranya udusigazwa two mu nzabibu z’abanyakibi.

7 Bagenda gusa, barara batipfutse,

ntibagira ico bipfuka mu mbeho.

8 Imvura yo mu misozi ibahererako,

bakumira ku bitandara vy’amabuye kubera kubura ubwihisho.

9 Impfuvyi zonkorwa kuri ba nyina,

abana b’impfuvyi bagafatwako ingwati.

10 Bagenda gusa ku kubura ico bambara,

bikorera imiganda y’ingano ariko bakicwa n’inzara.

11 Bakanya imyelayo mu ngo z’abatunzi, bakaganira imitobe mu mato,

ariko bakicwa n’inyota.

12 Iminiho y’abacikana yumvikana mu gisagara,

imitima yakomeretse ikaboroga itabaza.

Ariko Imana nta n’umwe yagiriza ikibi.

13 Abanyakibi banka umuco,

bakirengagiza inzira zawo.

Ntibazigera bazigumamwo.

14 Iyo bwije, umwicanyi arahaguruka,

akica abakene n’aboro,

mw’ijoro na ho agasahura nk’igisuma.

15 Umusambanyi yikinga agahumbezi,

akibwira ati: ‘Nta n’umwe aza kumbona.’

Yipfuka mu maso kugira ngo ntihagire uwumumenya.

16 Abasuma bamena amazu mw’ijoro,

ku murango bakiyugarana bakaryama;

nta ho bahurira n’umuco.

17 Umwijima w’umuzitanya ni co gitondo cabo,

umwijima uteye ubwoba ni wo mugenzi wabo.

18 Ariko bazoyonga nk’ifuro riyerera ku mazi.

Amatongo yabo aravumwe,

ntibagifata inzira ija mu nzabibu zabo.

19 Nk’uko uruzuba rutuma shelegi iyonga,

ni ko imva inyakura abanyavyaha.

20 Inda zabavyaye zirabibagira,

urunyo rukabagirako umusi mukuru.

Abanyakibi ntibibukwa,

bamera nk’igiti kivunwa n’igihuhusi.

21 Bifatira abagore b’ingumba,

kandi ntibafasha abapfakazi.

22 Imana, mu bushobozi bwayo, ikuraho abahambaye;

naho womenga baratewe baramera,

nta kibemeza ko bafise ubuzima.

23 Ishobora kubareka bakidibamira nk’abafise umutekano,

ariko burya iba ishinze ijisho inzira zabo.

24 Bashirwa hejuru akanya gato, mu kandi kanya bakaba barangiye;

bacishwa bugufi, bakegeranirizwa hamwe nk’abandi,

bagenywa nk’uwugenya ingano.

25 Nimba atari uko biri, Nihagire uwumpinyuza,

ahindure ubusa amajambo yanje."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-19_11-20-24-