Publicidade

Jó 13

1 Amaso yanje yabonye ivyo vyose,

amatwi yanje yavyumvise kandi nabitahuye.

2 Ivyo muzi nanje ndabizi;

nta co mundusha.

3 Ariko nshaka kwivuganira n’Iyishoboravyose,

niburanire n’Imana yonyene.

4 Ariko mwebwe mundementaniriza ibinyoma,

mumeze nk’abaganga ata co bazi

5 Iyo mupfuma munuma,

ni ho mwari kuba mugize ubwenge.

6 Nimwumve ivyireguro vyanje,

mutege amatwi ukuburana kw’iminwa yanje.

7 Mbega mwoburanira Imana mu binyoma

hamwe n’amajambo yanyu y’ubugunge?

8 Mbega Imana mwoyiburanira muhengamye?

Mugaharira ku bwayo?

9 Aho mwibaza ko vyoborohera iseranguye ivyiyumviro vyanyu?

Mwibaza ko mwoyibesha nk’uko mubesha abantu?

10 Ni ukuri ntizobura kubabaza ivyo mwakoze

nimwagomba kuyiburanira muhengamye.

11 Mbega icubahiro cayo ntikibatera ubwoba?

Mbega igitinyiro cayo ntikizobasumira?

12 Amajambo y’ubwenge yanyu afise agaciro nk’ak’umunyota.

Imburano zanyu zifise inkomezi nk’iz’inkono z’ibumba.

13 Nimunume, mundeke mvuge,

bice aho bigomba.

14 Ni vyo, amagara yanje ndayafashe mu minwe,

kandi mvuga ico niyumvira.

15 Naho yonyica, noguma ndayizigiye,

ariko ngira mburane imbere yayo.

16 Ndazi ko ivyo bizomviramwo agakiza,

kuko uwutubaha Imana atohagarara imbere yayo.

17 Tega amatwi mwumve amajambo yanje,

amatwi yanyu yumve ivyo mvuga.

18 Urubanza rwanje narushinze,

kandi ndazi ko nzorutsinda.

19 Mbega hari uwufise ico anyagiriza?

Aho ni ho nonuma gushika mpfe.

20 Mana yanje, umpe ibi bintu bibiri,

nanje sinzotinya kurenguka mu nyonga hawe.

21 Nkurako ikiganza cawe,

wongere ureke kunteza ubwoba igitinyiro cawe.

22 Hanyuma uheze uvuge, nanje ndishura,

canke undeke mvuge, na we unyishure.

23 Mbega ibigabitanyo n’ivyaha vyanje bingana gute?

Nyereka ibicumuro n’ivyaha vyanje.

24 Ni kubera iki unyegeza mu nyonga hawe,

ukamfata nk’umwansi wawe?

25 Mbega wotera ubwoba ikibabi kigururwa n’umuyaga,

ukirukanga inyuma y’umuguruka wumye?

26 Kuko ivyo unyandikako bimbera umururazi,

ukampanira ivyo nakoze mu buto bwanje.

27 Ibirenge vyanje wabiboheye mu mpatane z’ibiti,

ukurikirana intambuko zanje zose,

ugashingira akarimbi amakanda y’ibirenge vyanje.

28 Ubuzima bwanje na bwo bubaye nk’igiti kibunzwe,

bubaye nk’impuzu iriwe n’umuswa.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-