1 Ni ukuri hama hariho ahantu bimba ifeza,
n’ahantu bavugutira inzahabu.
2 Ubutare babwimba mw’isi,
umujumbu na wo mu bisate vy’urutare rwawo bishongeshejwe.
3 Abantu bazi ingene bashira umuco ahari umwijima,
bakawinjiramwo gushika aho ugera,
bagashika no mu muzitanya w’urupfu barondera amabuye y’agaciro.
4 Bimba ivyobo birebire kure y’aho abantu baba,
aho ata kirenge c’umuntu kihashika.
Bakavyururukamwo ku migozi bazungeta hirya no hino.
5 Iyi si ni yo imerako ivyokurya,
ariko i kuzimu hayo hameze nk’ahahindaniramwo umuriro.
6 Ibitandara vyaho bivamwo utubuye tw’agaciro twitwa lapisi lazuli,
umukungugu waho urimwo utuvunguka tw’inzahabu.
7 Ibisiga vyo mu kirere ntibizi inzira ija aho hantu,
n’amaso y’agaca ntaraharabukwa.
8 N’ibikoko vyibona ntibirahahonyoza ikirenge,
n’intambwe ntirahahonyoza ijanja.
9 Abantu basatura ibitandara vy’amabuye y’amasare,
bagasenyura imisozi bahereye mu ntango zayo.
10 Baca imyobo mu bitandara,
amaso yabo akabona ubutare bunyegejeyo.
11 Bagomera inzuzi zigakama,
bagashira ahabona ivyihishije.
12 Ariko ubwenge bwo buboneka hehe?
Ugutahura bogusanga hehe?
13 Abantu ntibazi agaciro kabwo,
kuko ntibubonerwa mw’isi y’abazima.
14 I kuzimu havuga hati: "Nta buri hano."
Ikiyaga kikavuga giti: "Ntibuba iwanje."
15 Ntibugurwa inzahabu ziramuye,
canke ngo buguzwe ibilo vy’ifeza.
16 Ntibugurwa n’inzahabu ziva muri Ofiru,
canke utubuye tw’agaciro twitwa onigisi canke lapisi lazuli.
17 Inzahabu canke ayandi mabuye y’agaciro ntivyogereranywa na bwo,
n’ivyakozwe mu nzahabu ntivyoguzwa na bwo.
18 Amabuye y’agaciro yitwa korayi na yasipi ntivyoruha bigereranywa na bwo,
agaciro kabwo gasumba imaragarita.
19 Ubwenge ntibwogereranywa n’amabuye y’agaciro yitwa topazi yo muri Etiyopiya,
kandi ntibwogurwa inzahabu ziramuye.
20 None ubwenge buva he?
Ugutahura kuba he?
21 Bunyegejwe amaso y’ibifise ubuzima vyose,
buhishijwe inyoni zo mu kirere.
22 Gatikizo na Rupfu biravuga biti:
Twumvise ibihuha vyabwo gusa.
23 Imana ni yo izi inzira ijana iyo buri,
ni yo yonyene izi aho buba,
24 kuko ibona ku mpera z’isi zose,
ikabona n’ibiri musi y’ijuru.
25 Igihe yashiraho inkomezi z’umuyaga,
ikagena uburemere bw’amazi,
26 igaha amategeko imvura,
imiravyo ikayiha inzira,
27 Ni ho yitegereza ubwenge ikabugera,
irabusuzuma, iremeza agaciro kabwo.
28 Maze ibwira abantu iti:
"Ukwubaha Imana ni bwo bwenge,
kandi ukuva mu vyaha ni kwo gutahura."