Publicidade

Jó 14

1 Umuntu wese yavyawe n’umugore, afise ubuzima bugufi,

kandi bwuzuyemwo amagorwa.

2 Ashurika nk’ishurwe, hanyuma akuma,

arengana kurya kw’igitutu, ntaramba.

3 None wewe urashinga ijisho umuntu nk’uyo?

Umuntu nk’uyo womushira imbere y’intahe?

4 Ni nde yoshobora gukura ikintu cejejwe mu gihumanye?

Nta n’umwe!

5 Imisi y’ukubaho kw’umuntu warayiharuye,

washinze imisi n’amezi azobaho,

umushingira umusi atazorengana.

6 Ehe reka kumushinga ijisho, arabe ko yoruhuka,

mukureko igitsure cawe,

maze arangize ubuzima bwiwe nk’umukozi arangije akazi yahawe.

7 Njanye n’igiti coco: iyo giciwe, haba hariho ivyizigiro vyo gusubira kunaga,

kandi iminago yaco ntibura.

8 Naho imizi yaco yosazira mu kuzimu,

igishitsi caco kikaborera mw’ivu,

9 iyo cegereye amazi kiranaga,

iminago yaco ikaba nk’imivyaro yatewe.

10 Ariko iyo umuntu apfuye, atakaza inkomezi ziwe zose.

Aracikana bikaba biheze.

11 Nk’uko amazi akama mu kiyaga,

inzuzi zikaburamwo n’ima zikagaduka,

12 ni ko umuntu aryama ntiyikangure,

gushika aho amajuru azokurirwaho.

Ntazigera ava muri iryo tiro.

13 Ese icompa ukanyegeza mu mva,

ukampisha gushika uburake bwawe buheze.

Icompa ukanshingira igihe,

maze kigeze ukanyibuka!

14 Umuntu apfuye, mbega yosubira kubaho?

Aho, nokwihanganiye imiruho ndimwo,

nkarindira igihe canje co kwiyubura.

15 Wompamagaye nanje nkakwitaba,

wokwiteganye igishika kumbona jewe gikorwa c’amaboko yawe.

16 Aho ndazi ko wokwihweje intambuko zanje,

utiriwe urandika ivyaha vyanje.

17 Ibicumuro vyanje vyotekewe mu mufuko,

ugapfuka ukugabitanya kwanje.

18 Ariko nk’uko umusozi usenyuka,

kandi nk’uko igitandara gikurwa aho kiri,

19 amazi agakorogoshora amabuye,

isuri igatembana umukungugu wo kw’isi,

ni ko ukuraho ivyizigiro vy’umuntu.

20 Ubamara inkomezi uko umusi uje, gushika bagiye ubutakigaruka.

Uhinduranya mu maso habo, ukabarungika bakagenda.

21 Iyo abana babo bahawe icubahiro, nta vyo bamenya,

iyo ababakomokako bacishijwe bugufi, nta vyo babona.

22 Nta kindi bumva atari imibabaro yo mu mibiri yabo,

hamwe n’ikigandaro bigandarira ubwabo."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-19_11-20-24-