Publicidade

Jó 34

1 Elihu arongera avuga ati:

2 "Nimwumve amajambo yanje mwa banyabwenge mwe!

Munyumvirize yemwe abafise ubumenyi.

3 Kuko ugutwi gutandukanya amajambo,

nk’uko ururimi rwumviriza indya.

4 Reka turabe ikibereye twebwe nyene.

Ingo twige iciza ico ari co.

5 Yobu avuga ati: ‘Ndi umugororotsi,

Imana ni yo indenganya.

6 Naho ndi umugororotsi,

ibona ko ndi umubeshi.

Naho ata co nokwagirizwa,

imyampi yayo intera ibisebe bidakira.’

7 Mbega ni nde yomera nka Yobu,

agotomera ibitutsi nk’uwunywa amazi!

8 Agendera mu gihari c’inkozi z’ibibi,

akifatanya n’abagabitanya.

9 Kuko yibwira ati: ‘Nta co bimarira umuntu

kugerageza kunezera Imana.’

10 None rero nimuntege amatwi, yemwe abafise ugutahura.

Birazwi ko Imana idakora ivyaha,

kandi ko Iyishoboravyose idakora ikibi.

11 Isubiriza umuntu mu nkoko ibikwiranye n’ivyo yakoze,

ikishura umuntu ibihwanye n’ingeso ziwe.

12 Mu vy’ukuri Imana ntiyigera ikora ikibi,

kandi Iyishoboravyose ntigoramika urubanza.

13 Ni nde yayiragije isi?

Ni nde yayijeje ibiri kuri yo vyose?

14 Hamwe Imana yotwara impwemu yayo,

igakuraho uguhumeka muri twebwe,

15 abari n’ubugingo bose bohonera rimwe,

abantu bose bosubira mu mukungungu.

16 Nimba ufise ugutahura,

niwumve ivyo mvuga.

17 Mbega uwanka guca izigororotse yoganza?

Woshobora gucira urubanza uwugororotse ari na we Munyenkomezi?

18 Mbega si we abwira abami ati: ‘Muri imburakimazi,’

akabwira abubahwa ati: ‘Muri inkozi z’ikibi.’

19 Igitinyiro c’abantu ntikimutera ubwoba,

abatunzi ntabarutisha abakene,

kuko bose baremwe n’ibiganza vyiwe.

20 Bapfa mu kanya isase, bakagenda mu gicugu.

Abantu baranyiganyizwa hanyuma bagapfa

abakomeye bagenda ata wubakozeko.

21 Amaso yayo ari ku vyo abantu bakora,

akabona intambuko zabo zose.

22 Nta mwijima w’umuzitanya, canke igitutu gikomeye

inkozi z’ikibi zokwinyegezamwo amaso yayo.

23 Imana ntikeneye amatohoza adasanwe ku muntu,

kugira ngo arenguke mu rubanza imbere yayo.

24 Irandura abahambaye ata we ibajije,

hanyuma ikabasubiriza abandi,

25 Ibona ibikorwa vyabo vyose,

kandi mu gicugu kimwe irabubika, ikabafyonyora.

26 Ibahanira ivyaha vyabo ku mugaragaro,

aho abantu bose bababona.

27 Kuko bataye inzira bakebeje bakayiva inyuma,

ntibaba bacitaho inzira zayo.

28 Batumye amarira y’aboro ashika imbere y’Imana,

kuko ni Imana yumva amarira y’abakene.

29 Ariko hamwe yokwinumira, ni nde yoyiburanya?

Inyegeje mu maso hayo ni nde yoyibona?

Uko irengeye umuntu, ni ko irengeye ihanga.

30 Ikura abatayubaha ku ngoma,

kugira ngo ntihagire abantu bagwa mu mitego yabo.

31 Hamwe umuntu yobwira Imana ati:

‘Naracumuye, ariko sinzosubira.’

32 Canke ati: ‘Sinzi neza icaha nakoze;

nimba nakoze ikintu kibi kinyereke sinze nsubire kugikora.’

33 Mbega Imana yoguha impera kubera ivyo vyiyumviro,

mu gihe woba wanse kwihana?

Nabe ari wewe wiyumvira,

utubwire ico uzi.

34 Umuntu afise ugutahura,

hamwe n’incabwenge bazonyumva, bavuge bati:

35 ‘Yobu avuga ivyo atazi,

amajambo yiwe ntagiramwo ubwenge.’

36 Yobu nageragezwe gushika kw’iherezo,

kuko yishuye nk’abanyakibi.

37 Icaha ciwe acongerako ubugarariji,

akomera muri twebwe amashi yo gucokorana,

agwiza amajambo yo kugwanya Imana."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-