Publicidade

Jó 8

Biludadi

1 Maze Biludadi Umunyeshuhi yishura ati:

2 "Mbega uzogeza ryari kuvuga ibintu nk’ivyo?

Amajambo yawe ameze nk’igihuhuta c’umuyaga.

3 Mbega Imana iraca urwa ngondagonde?

Iyishoboravyose irahotora umugororotsi?

4 Abana bawe barayicumuyeko,

yabahaye igihano gihwanye n’ivyo bakoze.

5 Ariko wewe woronderana Imana umwete,

ukinginga Iyishoboravyose,

6 ukayitunganira, ukayigororokera,

naho bimeze uku yohaguruka ikaza kugutabara,

ikagusubiza mu vyiza wahozemwo.

7 Naho intango yawe yari nto,

imisi y’iherezo ryawe izoba myiza cane.

8 Baza urunganwe rwo hambere,

ushire umutima ku vyo ba sogokuruza baciyemwo.

9 Kuko twebwe twari abana b’ejo,

kandi imisi tumara hano kw’isi imeze nk’igitutu.

10 None ntibazokwigisha?

Ugira ngo ntibazokubwira ijambo bakuye mu gutahura kwabo?

11 Mbega urufunzo rwokura rutari ahantu hajaga?

Canke irenga ryokura ritari mu mazi?

12 Bikiriko birakura, ata n’uwubitemye,

vyotanga ibindi vyatsi vyose kwuma.

13 Uko ni ko abantu bose baretse Imana bamera;

ivyizigiro vy’abatubaha Imana birakamangana.

14 Ivyo bizigira vyose birashira,

ivyo bishimikiza bimeze nk’inzu y’igitangurirwa.

15 Begamira inzu zabo, ariko ntizigumye,

bazishirako umutima cane, ariko ntizihagarara.

16 Bameze nk’igiterwa kivomerewe neza kikaronka n’izuba,

gikwiza amashami yaco mw’itongo.

17 Gisobeka imizi yaco hagati mu bitandara,

kikironkera ikibanza hagati mu mabuye.

18 Ariko iyo kiranduwe aho cameze,

aho hantu haracihakana hakavuga hati:

‘Sinigeze ndakumenya.’

19 Ubuzima bwaco buba buhereye aho,

maze ibindi bigaheza bikamera aho cahora.

20 Erega Imana ntiheba umuntu atayicumuyeko,

canke ngo ikomeze amaboko y’abanyakibi.

21 Akanwa kawe izokuzuza ibitwengatwenge,

iminwa yawe na yo iyuzuze impundu.

22 Abansi bawe bazoteterwa,

kandi inzu z’abanyakibi ntizizoba zikiriho."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-