Publicidade

Jó 16

Yobu

1 Maze Yobu asubizayo ati:

2 "Ibintu nk’ivyo nari maze kwumva ni vyinshi,

kandi mwese muri abakene mu vyo gutera intege!

3 Mbega amajambo yanyu asunitswe n’umuyaga ntagira iherezo?

Hari ico navuze catumye muvuga urudaca?

4 Erega nanje nari gushobora kuvuga nkamwe,

iyo muba mwari mu kibanza canje.

Nari kuvuga amajambo anoboye neza,

nkabazungagiriza umutwe nitwengera.

5 Ariko jeho amajambo yanje yobateye intege,

akanwa kanje kotumye muruhuka mu mitima yanyu.

6 Ariko ubu naho nogerageza kuvuga, umubabaro wanje ungumamwo.

Kandi naho nonuma, nta co biri bumfashe.

7 Ni ukuri, Mana urankenyaguye,

umariyeko abanje bose.

8 Wanteye iminkanyari, kandi nsigara ku magufa gusa;

ukuzingama kwanje kunyagiriza imbonankubone.

9 Imana yaranteye itabagura umubiri wanje.

Yarangwanije indira imisaya,

intobekeranisha igitsure cayo.

10 Abantu na bo buguruye akanwa kabo baritwengera;

bankubita kw’itama bancokora,

bariyegeranya kugira ngo bangwanye.

11 Imana yandekuriye mu maboko y’abanyavyaha,

yantereye mu maboko y’abanyakibi.

12 Nari nimererewe neza,

maze irankenyagura.

Yamfashe kw’izosi, imvunagura ata kigongwe,

intumberezako imyampi yayo.

13 Abarashi bayo banciye irya n’ino,

intobekeranya mu mafyigo ata kigongwe,

amara yanje asanzara hasi.

14 Intobagura ahantu hose,

ikantera imeze nk’umugwanyi.

15 Nishoneye amagunira ku mubiri,

hanyuma ndihamba mu mukungugu.

16 Amaso yanje atukujwe n’ukurira,

kandi umwijima utwikiriye ingohe zanje.

17 Ariko nta kibi amaboko yanje yakoze,

kandi isengesho ryanje riratunganye.

18 Ewe wa si we, ntumire amaraso yanje;

ukurira kwanje kuzokwame kwumvikana ibihe vyose.

19 Mbere kugeza n’ubu icabona canje kiri mw’ijuru;

uwumburanira ashizwe hejuru.

20 Abagenzi banje ni bo bancokora,

ariko amarira yanje ndayasukira Imana.

21 Mbega hari umuhuza yoja hagati y’umuntu n’Imana,

nka kurya umuntu aja hagati y’umuntu n’uwundi?

22 Kuko imyaka y’ukubaho kwanje igiye guhera,

mfate inzira y’ubutakigaruka.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-19_11-20-24-