1 Nimba ushaka, tabaza, ariko ni nde azokwitaba?
Uwo mu bera wokwikorako ni nde?
2 Igipfu cicwa n’inzigo,
imburabwenge ikicwa n’ishari.
3 Jewe ubwanje narabonye igipfu gishinga imizi,
ariko ubwo nyene inzu yaco ica iravumwa.
4 Abana baco babura uwubitaho,
batsindwa n’urubanza kuko ata wubaburanira.
5 Abashonje barya ivyimburwa vyaco,
mbere bakabikura no hagati mu mahwa,
abanyotewe na bo bimarira inyota ku butunzi bwaco.
6 Imibabaro ntimera iva mw’isi,
kandi ingorane ntizimera ziva mw’ivu.
7 Ariko umuntu aba akivuka ingorane zikaza
kurya kw’amasase ataruka.
8 Ariko iyo mba wewe, mba nituye Imana;
urubanza rwanje akaba ari yo ndaruha.
9 Ni yo ikora utwumiza tudatahurika,
n’ibimenyetso bitoshobora guharurwa.
10 Ni yo igwisha imvura kw’isi,
ikarungika amazi yo kuvomera imirima.
11 Ni yo ishira hejuru ba nyarucari,
abari mu kigandaro ikabatabara.
12 Yica integuro z’abakoresha urwenge,
amaboko yabo akabura ico ashikako.
13 Ifatira abigira abanyabwenge mu bugunge bwabo,
kandi inama zabo ikazisambura.
14 Umwijima ubahwikira ku murango,
mu mashoka bakazimagirika nko mw’ijoro.
15 Ikiza abakene inkota yo mu kanwa kabo,
ikabakura mu vyara vy’abanyenkomezi.
16 Abakene baraheza bakagira ivyizigiro,
akarenganyo kakazibwa akanwa.
17 Hahiriwe uwukosorwa n’Imana!
None rero ntukengere gutozwa indero n’Iyishoboravyose.
18 Ni yo ikomeretsa, ariko ni na yo isomora,
ni yo ikubita, ariko ukuboko kwayo ni kwo gukiza.
19 Ni yo izogukiza ibiza bitandatu,
kandi ivyago indwi ntakizogushikako.
20 Mu gihe c’amapfa izogukiza urupfu,
mu ntambara izogukiza inkota.
21 Izogukingira akarimi k’abakuvuga nabi,
kandi ntuzotinya agatikizo nikashika.
22 Uzotwenga agatikizo n’amapfa,
kandi ntuzotinya ibikoko vyo mw’ishamba.
23 Uzobana impore n’amabuye yo mu mirima,
n’ibikoko vyo mw’ishamba muzobana amahoro.
24 Uzoraba ingene ugira amahoro mu nzu yawe,
kandi niwasuzuma ubutunzi bwawe uzosanga ata gihaze.
25 Uzibonera ingene abana bawe baba benshi,
kandi uruvyaro rwawe ruzomera nk’ivyatsi vyo kw’isi.
26 Uzoshika mu mva wisaziye,
nk’umukama w’ingano wimbuwe hageze.
27 Ivyo twaravyihweje dusanga ni ukuri.
None nawe nuvyumve bigire ico bikwigishije."