Publicidade

Jó 38

Uhoraho na we aravuga

1 Maze Uhoraho avuganira na Yobu mu gihuhusi, ati:

2 "Mbega uwo ni nde agira ubusa imigambi yanje,

mu majambo yiwe atagiramwo ubwenge?

3 Kenyera magabo rero uze,

kuko mfise ivyo ngomba kukubaza,

nawe uheze unyishure.

4 Mbega wari hehe igihe nashiraho imfatiro z’isi?

Nyishura nimba ufise ico ubitahurako.

5 Ni nde yayitambutse amatambwe, nimba ubizi?

Ni nde yayipimishije umugozi?

6 Ibinogo vy’inkingi zayo vyimbwe mu ki?

Ni nde yayishiriyeho amabuye y’imfuruka,

7 igihe inyenyeri zo mu gaturuturu zaririmbira hamwe,

abana b’Imana na bo bagatera impundu?

8 Ni nde yashingiye akarimbi ikiyaga igihe

cari gisendanishije nk’ikivuye mu nda,

9 nkacambika ibicu nk’umutamana,

nkagitwikira umwijima w’umuzitanya,

10 igihe nagishingira uburimbi,

nkagishiriraho imiryango n’ivyugazo,

11 nkavuga nti: ‘Aha ni ho uzogarukira,

imipfunda yawe yiterera hejuru ntizorenge aha’?

12 Mbega warigeze utegeka umusi kubaho,

canke ngo wereke umutwenzi aho utamanzurira?

13 Warigeze utegeka umuco ngo ukwire impera z’isi zose,

kugira ngo wirukane ibikorwa bibi vyo mu mwijima?

14 Umuco iyo uje, isi igira imero kurya kw’ibumba rigiyeko ikidodo;

kurya kw’impuzu ishizweko ibisharizo.

15 Inkozi z’ibibi bazimye umuco zikeneye,

ukuboko kwazo kudugijwe hejuru kuravunaguwe.

16 Mbega uragendagenda ugashika kw’isoko ry’ikiyaga,

canke uratembera ngo ushike i bwina haco?

17 Mbega urerekwa amarembo y’urupfu?

Urabona amarembo y’igitutu c’urupfu?

18 Mbega uratahura ubunini bw’isi?

Nyishura niwaba ubizi.

19 Nyereka inzira ija iwabo w’umuco,

n’aho umwijima uba.

20 Mbega wobiherekeza ukabishikana aho biba?

Urazi inzira ija ku mihana yavyo?

21 Ariko ndazi urabizi kuko wavutse bitararemwa,

kandi ukaba uri inararibonye!

22 Mbega uramaze kwinjira mu bubiko bwa shelegi,

canke uramaze kubona ububiko bw’urubura,

23 ivyo naziganirije imisi y’ivyago,

ari yo misi y’intambara n’ingwano?

24 Mbega umuravyo uravya uvuye hehe?

Canke umuyaga wo mu buseruko ukwira kw’isi uvuye hehe?

25 Ni nde yaciriye isegenya imigende ishungurukamwo,

agacira inzira umuravyo?

26 Ni nde agwisha imvura kw’isi itamera,

no mu bugaragwa butagiramwo abantu?

27 Ni nde arungika imvura ngo inyweshe isi igadutse,

kugira ngo imere ibiterwa?

28 Mbega imvura irafise se yayivyaye?

Ni nde yavyaye ikime?

29 Urubura rwavuye mu nda ya nde?

N’ibicu bikanye cane vyavyawe na nde?

30 Iyo igikonyozi kije, amazi ahinduka nk’ibuye,

hejuru ku mazi y’ikiyaga hakagumarara.

31 Mbega wofata inyenyeri ukazibuza kugendagenda?

Canke ukabohora imigozi y’inyenyeri zitwa Oriyoni?

32 Woshobora gutuma ibihe bigenda bikuranwa n’ibindi?

Ukarongora idubu n’ivyana vyaryo?

33 Mbega urazi amategeko agenga ijuru?

Mbega ni wewe ugerera Imana ubutware kw’isi?

34 Mbega woshobora gukankamira ibicu,

kugira ngo bigusukeko isegenya y’imvura?

35 Ni wewe urungika imituragaro mu nzira zayo?

Mbega iraza ikakwiyereka ikakubwira iti: ‘Ehe twaje’?

36 Mbega ni nde ashira ubwenge mu mitima,

imitwe akayiha ugutahura?

37 Ni nde afise ubwenge bwomushoboza guharura ibicu?

Ni nde yohengeka imibindi y’amazi yo mw’ijuru,

38 iyo isi yakomantaye nk’igitandara,

ibinonko bikibumba?

39 Mbega ni wewe uhigira intambwe ico irya,

canke ni wewe uhaza inzara y’intare?

40 Iyo zibunze mu vyobo vyazo,

canke iyo zitegurira gutera mw’ishamba?

41 Iyo ibikona bishonje,

bikansemerera kugira ngo ndabigaburire,

ni wewe ubihaza?

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-