1 Uwundi musi abana b’Imana baje gukoranira imbere y’Uhoraho, na Satani na we azanana na bo. 2 Uhoraho abaza Satani ati: "Uvuye hehe?" Satani yishura Uhoraho ati: "Mvuye kugendagenda kw’isi nihweza ibihabera."
3 Uhoraho aramubaza ati: "Wabonye umusavyi wanje Yobu? Nta muntu n’umwe ameze nka we kw’isi. Ntagira umugayo kandi ni umugororotsi; ni umuntu yubaha Imana akanka ikibi cose. Yagumanye ubwizigirwa, naho watumye ndamumarirako ivyiwe vyose ata mvo."
4 Satani na we arishura ati: "Amagara akabwa ayandi! Umuntu yoheba ivyo afise vyose kugira ngo akize ubuzima bwiwe! 5 Ramvura ukuboko, ukore ku mubiri wiwe n’amagufa yiwe, urabe ko atakuvuma icese!"
6 Uhoraho yishura Satani ati: "Ng’uwo ndamushize mu maboko yawe, ariko ntihagire ico ugira ubuzima bwiwe."
7 Nuko Satani ava imbere y’Uhoraho aragenda, ateza Yobu ibihute bibabaza cane kuva mu bworo bw’ikirenge gushitsa ku mutwe. 8 Maze Yobu afata urujo aba ari rwo yama yiyagarisha, yicaye mu munyota.
9 Umugore wiwe amubwira ati: "Mbega uracumiye ku bwizigirwa bwawe? Pfuma utuka Imana upfe!"
10 Aramwishura ati: "Uvuze nk’umugore w’igipfu. Mbega mu biva ku Mana twokwakira ivyiza gusa, ibibi ntituvyakire?"
Muri ivyo vyose, Yobu ntiyigeze acumura mu majambo yavuze.
11 Abagenzi batatu ba Yobu ari bo Elifazi w’i Temani, Biludadi w’i Shuhi, na Zofari w’i Nayama, bumvise ivyago vyamushikiye, bava i muhira iwabo, bafatana urugendo, baja kumugarukirako no kumuremesha. 12 Bamubonye bakiri kure, basanga ntakimenyekana, baraboroga, baraturikisha bararira. Bitaburirako impuzu, biyorera umukungugu ku mutwe. 13 Baca bicarana na we hasi, bamara imisi indwi n’amajoro indwi. Nta n’umwe yigeze amuvugisha, kuko bari babonye ingene ari mu mubabaro mwinshi.