Publicidade

Jó 30

1 Ariko noneho abo naboneye izuba

ni bo bariko baranshinyagurira,

abo nakengerera ba se,

ntobashize no mu mbwa zirarira ibitungwa vyanje.

2 Mbega inkomezi zabo hari ico zomariye,

ko amaboko yabo yabaye goyigoyi.

3 Bazingamitswe n’ubukene n’inzara,

baguguna imisozi igadutse,

ahantu h’ubugaragwa, hatawe.

4 Ivyatsi vyo mw’ishamba ni vyo mboga zabo,

imizi y’ibiti ikaba ivyokurya vyabo.

5 Baciwe mu bantu,

barenganye bagahabwa akaruru nk’ibisuma.

6 Vyatumye bahindirwa ahahora haca inzuzi,

mu masenga no mu binogo.

7 Babirira mu mashamba nk’ibikoko,

bakarundanira hamwe musi y’ibiti

8 Ni abana b’ibipfu batoharurwa,

birukanywe mu gihugu cabo.

9 None abana babo ni bo bariko banshinyagurira mu ndirimbo zabo,

nabaye iciro ry’umugani muri bo.

10 Baranzinutswe, banyigiwe kure,

kandi ntibatinya no kuncira amate mu maso.

11 Ubu ko Uhoraho yabohoye umuheto wanje, akanyuzuza umubabaro,

vyabananiye kwigumya imbere yanje.

12 I buryo imburakimazi zampagurukiye,

batega imitego ibirenge vyanje.

Barampagurukiye ngo bamfate.

13 Inzira yanje barayizibiye,

bangwijijeko ivyago,

kandi nta n’uwuri bubabuze.

14 Banteye bazananye mu kirengero kinini,

banshikiriye baciye ku bihomoke.

15 Ibiteye ubwoba biransugereje;

icubahiro canje gitwawe n’umuyaga.

Ubutunzi bwanje bukamanganye nk’igipfungu.

16 None ubuzima bwanje buriko buranshiramwo,

ibihe vy’imibabaro vyancakiye.

17 Ijoro rimpekenya amagufa,

uburibwe ntibunduhurira.

18 Mu nkomezi zayo, Imana yancakiye mu kanigo,

imfata nk’uko impuzu ifata izosi

19 Yamvumbagaje mu vyondo,

mpinduka nk’umukungugu n’umunyota.

20 Ndagutakambira, ewe Mana yanje, ariko ntunyishura.

Mpagarara imbere yawe, ariko ntunandaba.

21 Wambereye inkazi,

ukuboko kwawe kw’inkomezi kurangwanya.

22 Ungurura mu muyaga,

unyukaguriye mu nkubi y’umuyaga.

23 Ndazi neza ko uriko untwara mu rupfu,

ari ho mw’ihuriro ry’abafise ubuzima bose.

24 Ugira ngo iyo umuntu ariko aratemba ntiyaya amaboko?

Canke amagorwa amuteye, ntatabaza?

25 Mbega jewe sinaririra abari mu vyago?

Umutima wanje ntiwarirana n’aboro?

26 Ariko naba niteze iciza, ikibi akaba ari co citanganiza,

nitega umuco, hakaza umwijima.

27 Umutima wanje uri mu ruhagarara, mbuze uburuhukiro.

Ibihe vyo kubabazwa vyanshikiye.

28 Ngendera mu muzitanya, simbona izuba.

Mpagarara mw’ikoraniro, ngatabaza.

29 Nabaye mwenewabo n’imbwebwe,

ndi umugenzi w’ibihuna.

30 Uruhu rwanje ruriraburanirwa, rugashishagurika,

umubiri wanje uturiwe n’inyonko.

31 Inanga yanje isigaye ari iyo gucura intimba,

umwironge wanje na wo wahindutse ijwi ry’abarira.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-